Mu gihe ca none, “Abarundi ntibacubahiriza ijambo mu rubanza.” Uko ni ko Burengengwa Longin abibona. Ahagarara ku nyifato bamwe n’abandi bagira mu myanya wahariwe amajambo.
Sokuru ati : « umugabo ntavumba inzoga avumba ijambo ». Nayo inzoga itagira ijambo, mu kirundi bayita ikinywabakecuru. Kandi igihe cose Abarundi bahuriye ku rukanywa, nyene gutereka ategerezwa kuvuga ijambo.
Ivyo ni ibigaragaza ko mu kibano c’ikirundi, ijambo rifise ikibanza kidasanzwe. Ni ko ngo « ubunyegeri buyagira kw’igufa », ariko ivyo ntibisigura ko ukugira ico abantu basangira vyonyene bihagije. Ahubwo haba habuze igikuru : ijambo, ikiyago.
Uyu musi rero, mu manza canke mu yandi makoraniro, iyo hageze umwanya wo kwumviriza amajambo, inyifato y’Abarundi batari bake isigaye intangaza. Ahubwo iranantera n’ubwoba, nkibaza nti mbega yemwe Abarundi turiko tuja he ?
Benshi baba bibereye mu vyabo
Turetse ko biboneka ko Abarundi bo mu gihe ca none batacitayeho kumenya ubuhinga n’impinyanyuro zigize ijambo rya gishingantahe, rimwe rinogera ugutwi rikanyura ubwenge n’umutima, n’abamaze kubimenya ntibumvirizwa. Iyo bariko bararivuga, usanga ari nk’ugutamba birorera koko.
Maze imisi nitabira imanza zitandukanye mu gisagara ca Gitega. Mu mwanya w’ijambo, uruja n’uruza ruragwira, bamwe bakinjira abandi bagasohoka, nk’uko umengo nta kintu co kwubahiriza kiriko kirakorwa. Ivyo womengo birasanzwe.
Ku rundi ruhande, uruyogoyogo ruriganza, maze umuntu ntabe acumva iririko rirayagwa. Nayo urwaruka rwo, womengo ni wo mwanya mwiza wo gusohora za ngendanwa zabo, bakigira kuri ya mihora ngurukanamakuru. Gutyo, nyene ijambo akivugana. Ikitavuzwe co ni ugukoma amashi, iyo bene amajambo baramukije canke bikebanuye bati: nitugire amahoro.
Ata gikozwe, tuja habi
Yamara ntitwibagire ko « uta akaranga ukaba utaye akabanga ». Ijambo riri mu nkingi umuco w’ikirundi wubakiyeko. Haba mu kwubahana, ugufashanya canke ukubana neza, vyose usanga bifatiye kw’ijambo abantu baba bayaze.
None rero, ni ngombwa ko Abarundi twijukira uguharanira, ukwubaha n’uguteza imbere imico kama yacu. Ijambo ni kirumara mu karanga, ni ntasubirizwa mu kabira k’Uburundi.
Abavyeyi bokwigisha ibibondo vyabo akamaro k’ijambo n’ukuryubahiriza. Nayo abajejwe gutanga ubumenyi nabo, bakabishimikirako muri vya vyigwa vyigisha kwubaha umuntu mu kibano no mu mategeko amugenga. Ku bajejwe wa mugambi w’inyigisho zo gukundisha Abarundi igihugu, nobasaba guha ikibanza kinini iciswe ijambo mu mico y’ikirundi.
Ivyo uvuze n’ukuri, mugabo hariho impamvu zimwe zimwe. Nk’akarorero: ubu n’uko utakimenya uwukwiye kuvuga n’uwudakwiye kuvuga. Umuntu wese ashaka kuvuga. Bigaca bituma ata gaciro Ijambo risubira kugira. Baravuga ukaruha (mumbabarire kuvuga uko).
Ikindi naco n’umwanya, iyo urubanza rubaye rurerure, usanga abantu baba barambiwe canke bagomba kuja mu rundi, ubona ko tuzigwiza.
Kuri ivyo nokongerako impamvu itewe n’uko amajambo amwe amwe ariko arata agaciro.Amajambo avugwa nko ku munsi wo gutanga inkwano nk’akarorero asigaye ari ibikino gusa « théâtre » kuko bavuga kugira bahinyanyurane mu majambo gusa (rimwe rimwe bikanarambira) ariko tuzi ko « inka » itegerezwa kugabwa!
Canke ahandi naho ukaza wumva ngo turabakiriye mu ntara yacu ya Gitega kandi twese tubona neza ko turi kuri « La Détente ».
Iyo umaze kubona ibintu nkivyo si kenshi wihutira kwumviriza « ijambo ».
Nanje ivyo Anonyme avuze ndavyemera, naho ntashaka gushigikira ko abantu batumviriza ijambo. Ariko ijambo ni iciyumviro umuntu ashikira abandi. Amajmabo menshi rero yama ari yayandi, amwe akabamwo ibintu bimeze nk’ikimyoma kandi camaho (nko mu gukwa), ayandi nayo akavurwa bidakenewe. Akarorero haraheze iminsi ubona mu manza zo kuganduka batondeka abantu 7-8 ngo bavuge, kandi mu bisanzwe ijambo ry’urwo rubanza ni rimwe gusa. Kuki hatovuga umuntu umwe abasigaye bo mu muryango bagasigara baraganira barekuye abandi bagataha? None wagiye mu rubanza rw’umuntu mukorana, urakeneye kumenya ingene bahana amashishiro n’ibiseke hagati y’iyo miryango? Jewe nibaza ko akanovera k’ijambo kajanye n’ingene iciyumviro kirashe (relevance du message) n’uvuga n’igihe avuga.
None kubwaze ubona hokorwa iki kugira ijambo rigumane akanovera
Ijambo no kirumara! Gukunfa igihugu ntivyokunda tudakunze imico yacu!
Amajambo yubu ikiza kuvamwo kiba kizwi kandinusanga nabayavuga atari abteguwe neza hamwe wogira igishika cokubumviriza
Amajambo yubu abo bayaha usanga batateguwe.
Amajambo yubu usanga abayavuga batabanje kubategura neza,bigatuma atakanovera wumva muiryo jambo,,bigatuma abatumire basamarira mubindi.
Nukuri ivyo muvuze turabikengurutse ndetse harakwiye inyogisho kugwaruka kuko abavyeyi bo ntavyo bibuka kumbwira ugwaruka gwabo.twifuza ko kumboneshakure Boca ibiganiro bidondora icociyumviro kumakaminuza bakigisha ugwaruka kugira rubere urumuri urundi gwaruka murakoze.