Gupanga amazu mu bisagara, na canecane i Bujumbura, mu kuzimba vyigera hejuru. Ikibazo c’uburaro kikaba gihagaritse umutima na Reta. Twarabibonye igihe yanasaba abantu ngo biyandikishe kugira ngo bazoshobore kuronka amazu bariha, akazoruhira kubegukira, ariko nta kirakorwa. Kugira ngo umuntu ntarindire […]
Abenegihugu
Ibintu bitanu abavyeyi barungitse abana ku mashure bokwitondera
Iryavuzwe riratashe, ng’aya amashure aratanguye. Abavyeyi baritaye ku rutare barashobora kurungika abana kw’ishure. Hari n’abatabishoboye. Ku babishoboye, ubu muriko muriruhutsa. Ariko rero ico mwomenya, ni uko hataragera aho mwiruhutsa, nyabuna hari ibindi vyuhira mutegerezwa kubandanya mukorera abo bana ku neza […]
Ibaruwa ku bagabo n’abasore : “Sigaho kwihagarika aho mubonye hose !”
Kiretse uwugendana ubumuga bwo kutabona, nta nkeka ko mwama mwabonye ingeso igisibije mu bagabo n’abasore yo kwihagarika aho bageze hose. Nanje nk’umusore, nshimye kwandikira ikete bagenzanje ndabanegura ngongera ndabahanura kuko aho bigeze birateye akoba.
Kahise : mbe Abazungu ba mbere mu Burundi, baje bate ?
Mu gice ca kabiri c’ikinjana ca 19, Uburundi bwashwawe n’abanyamahanga baturutse i Buraya: ba mukerarugendo hamwe n’abashakashatsi. Umuhinga muri kahise, Emile Mworoha, aratubwira uko umuzo wabo wagenze, n’uko Abarundi babakiriye.
Igwirirana ry’abantu : imvyaro n’iterambere, duhitemwo kimwe
Haraciye imisi indwi, isi ihimbaje umusi mpuzamakungu wahariwe abanyagihugu. Uwo musi wampaye kwiyumvira ku bavukagihugu b’Uburundi. Kuva mu mwaka w’2001, ibitigiri vy’Abarundi vyagumye vyiyongera, ariko kandi, bigaragara ko bitariko birasubira hasi vuba. None iryo gwirirana ryoba ritumwa n’iki ? Ingaruka zaryo […]
Hokorwa iki ngo incabwenge zame zija imbere mu buzima bw’igihugu ?
Mu bindi bihugu, incabwenge zama zatumiwe ku mboneshakure, ku maradiyo, tugasoma ivyo banditse, bakavugwa mu binyamakuru ; ariko, abo mu Burundi, ibikorwa vyabo ntivyibonekeza cane. Kubera iki ? Ng’izi inyishu za Pascal Niyonizigiye, incabwenge akaba n’umuhinga mu vy’Imigenderanire n’Amakungu.