article comment count is: 0

Ibaruwa ku bagabo n’abasore : “Sigaho kwihagarika aho mubonye hose !”

Kiretse uwugendana ubumuga bwo kutabona, nta nkeka ko mwama mwabonye ingeso igisibije mu bagabo n’abasore yo kwihagarika aho bageze hose. Nanje nk’umusore, nshimye kwandikira ikete bagenzanje ndabanegura ngongera ndabahanura kuko aho bigeze birateye akoba.

Bagabo namwe basore,

Birateye isoni n’agahinda. Amahimiriza adukebura guheba ingeso yo kwihagarika aho tugeze yarakozwe ariko bisa no gusesa amazi kw’ibuye. Ehe ndababwire, ejo bundi nariko njana mw’ibarabara n’abigeme babiri turangurira hamwe imirimo ya misi yose. Umwe muri bo avugana umubabaro ati : “Ariko ga basha, birababaje. Mu minota 15 tumaze dutambuka, tuguma duca ku bagabo bariko “bihagarika” kw’ibarabara.” Mwumve ko uwo mwanya hari ku zuba rimena imbwa agahanga, abagabo bakura ibitsina mu mpuzu bakihagarika ataco binona. Niko rero ikiyago caciye gisutuma. Dutangura kuvuga ku ngeso izingamitse abagabo n’abasore yo kwihagarika aho bageze. Ntababeshe, narumvise isoni ukuntu bashiki bacu baducishamwo ijisho, kuri iyo ngendo igayitse.

Bene wacu,

Burya ico mugomvye muragitebako, mukagishiramwo inguvu, na rirya turi mu kibano kibaha uburenganzira ku bintu bitari bike. Eka hari n’abagabo bigira bugabo bwigaba, bavuze badashaka uwusubizayo. Ntimusiba kunegura abakenyezi, e mama ngo ntibashoboye ibi na biriya, ngo baragorana muri ibi na biriya, … Iyo muriko murirata uwubavuguruza muhakwa kumwirenza. Ndababesheye ? None ubwo namwe murakubitiza agatima mpembero mukirimbura ku ngeso yo kwihagarika aho mugeze yabazingamitse ? Erega hari igihe mwihenda ko isi ari mwebwe yubakiyeko, muri ibihangange. Habe na mba ! N’ikimenyamenya, ni uko ari mwebwe muriko murayicafuza. Iyo mwihagaritse ku mabarabara, umunuko ni wo uharangwa.  Murakenyeye mube ibinyabuzima bikwiragiza indwara aho mubaye?

Isuku risanzwe rititaweho mu gisagara ca Bujumbura, mbere no mu bindi bisagara vy’Uburundi mwebwe ico mukora ni ugusongera isibe. Mubonye ahari umufurege, igiti, inyuma y’amazu y’abantu n’ububare, murahihagarika. Mbega si mwebwe mwari gufata iya mbere mugatera akamo Reta, mbere mukaja no ku kivi mugakora isekeza ryo gusukura isi mubayeko ?

Ego nta tuzu twa surwumwe rusangi tuhari ariko, ...

Mukunze kwitwaza  ko ata tuzu twa surwumwe turi ku mabarabara. Ariko, ntidusiba kubona n’abarengana akazu ka surwumwe, bakikinga ibisaka. None bashiki bacu ko bihangana bagashika aho bihagarika habigenewe ? Ubwo abagabo n’abasore mugifise iyo ngendo, rya sekeza umukuru w’igihugu yavuga mu mwaka uheze ryo gusukura gisagara tuzorishikira ? Ubona ko na ryo nyene ryamaze umwanya urume rumara, rizoshikwako mu kinjana ca kangahe ? Inzego z’umutekano, abatware n’abandi bose amategeko aha ubushobozi bwo guhana, barakwiye gushiraho ingingo rushasha, ako kageso ko kwihagarika aho mugeze gatuzwe.

PS: Sinorangiza ikete ntateye akamo Reta ko yokwubaka utuzu twa surwumwe, gutyo uwuhanzwe n’umusonga aronke aho yihandurira.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion