Mu ntara ya Rumonge, ukwenga amavuta y’ibigazi hamwe no kwimba amabuye mu nzuzi zisuka mu kiyaga Tanganyika birabangamiye ibidukikije. Hamwe rero ata cokorwa, ingaruka zishobora gukora ku Barundi benshi. Naho rero ivyiyumviro n’imbigambi kucokorwa bihari, ivyo ntibihagije nk’ukwo Ndayisenga Pascal abitwiganira.
Haraciye iminsi yababa icumi Uburundi buhimbaje umunsi mpuzamakungu wahariwe gukingira ibidukikije. Mu gihe uwo munsi usanzwe uhimbazwa kuwa 5 Ruheshi buri mwaka, uyu mwaka w’2018, Uburundi bwahisemwo kuwuhimbaza kuwa 23 Ruheshi. Ibirori bica bibera mu ntara ya Rumonge. Uwatoye iyo ntara yari yavyiyumviriyeko neza. Kanatsinda, naho no mu zindi ntara ivyononekaye bitabuze, mu Rumonge hafise ico hisangije. Hari ibintu bibiri rero bibangamiye ibidukikije ku buryo, ata gikozwe, ingaruka zitazoteba kwibonekeza kandi zigakora ku Barundi bose.
Uguhingura amavuta y’ibigazi n’ugukura amabuye mu nzuzi
Mu gihe igikorwa co guhingura amavuta y’ibigazi gikenera amazi, bene ivyo bibanza vyo kuyenga baca bavyubaka ku nkengera z’inzuzi. Ibinogo vyakira ibisigarira vy’amazi avanze n’umunyemwe birarengerwa maze bikisuka muri izo nzuzi.Umunyemwe ukaba ugizwe n’ibisigarira vy’imise biboneka iyo bahejeje gukanyamwo amavuta. Ayo mazi rero aba avanze n’amavuta y’amamesa. Kandi aho amamesa aguye ivyatsi ntibishobora kuhamera, ivyari bihari navyo biruma. Ikinyabuzima cose kihari kiba gipfuye. Inzuzi ziri mu kiyaya c’Imbo zisuka mu Kiyaga Tanganyika. Gutyo ayo mazi yazo avanze n’umunyemwe akabangamira amafi kuko ata amagi hafi y’nkengera z’ikiyaga. Eka n’ibindi binyabuzima biba mu mazi birahatikirira. Nkabona neza ko Abarundi bazoza babona amafi yakenye biturutse kuri iyo mvo.
Ku ruzi Buzimba ruri muri zone Gatete, komine n’intara ya Rumonge, uhashitse ubona uruja n’uruza rw’amamodokari apakiye amabuye. Ku rundi ruhande, ku mutumba Mwange, hari ikibanza bakuramwo amabuye. Ayo ni yo akoreshwa mu kubaka amazu mu gisagara ca Rumonge. Ibikorwa vyo gusitura ayo mabuye mu mitumba ihanamiye ikiyaya bituma amazi y’inkukura amanukana umurindi udasanzwe agaheza agatuma inzuzi ashikiramwo zita inkombe zazo, abarimyi bakahahombera. Akarorero ni uruzi Murembwe. Uwro ruzi urubonye wokwibaza ko ari Tanganyika yimutse, amahegitari arenga ijana y’imirima yararengewe n’amazi. Urwo ruzi rukaba rwarataye inzira biturutse ku mazi ava mu misozi ikikuje imyonga iri impande yarwo.
Ivyiyumviro n’imigambi ni vyiza ariko ntibihagije
Nk’ukwo Obède Ntineshwa, umuyobozi w’ikigo c’igihugu kijejwe gukingira ibidukikije (OBPE) mu ntara ya Rumonge abimenyesha, ubushikiranganji bujejwe ibidukikije busaba ko abimba ayo mabuye bakora ivyigwa. Ivyo vyigwa ngo vyoshiraho akarimbi kugira ngo uwubonye ibikorwa vyiwe bigiye kubangamira ibidukikije agaca ahagarika. Yamara ivyo ntibibuza ko bene kubwirwa babandanya ibikorwa vyabo ukuri kwamye.
Ku rundi ruhande, ikigo cishinze guteza imbere igiterwa c’ikigazi mu Burundi (OHP) ngo carafashe ingingo zo guca ihadabu abo bahungabanya ibidukikije mu kwahurira ivyo bisigarira vy’amavuta mu nzuzi. Jean Marie Niyonkuru arongoye igisata c’uguhingura amavuta muri ico kigo akamenyesha ko abashinga ayo mahinguriro babirengako babizi.
Biragoye kubuza abantu imirimo ibatunze, ikabatungira n’imiryango kuko vyonasubiza iterambere inyuma. Ku bwanje, abarongozi b’intara ya Rumonge canke mbere mu bushikiranganji bujejwe uburimyi bufatanije n’ubujejwe amahinguriro, bohimiriza bene kwenga amavuta y’amamesa gushira hamwe imitahe bakubaka ihinguriro rimwe canke abiri afise ubushobozi bwo guhinyanyura ivyo bisigarira vy’amavuta. Nayo uubushikiranganji bujejwe ibidukikije ni ahabwo ho gutunganya ivyo vyigwa busaba kukongera bugakurikiranira hafi ivyo bikorwa vy’ukwimba amabuye n’urucekeri ku neza y’Abarundi bose.
Soma kandi : Rumonge: kuki abagore batitabira umwuga wo kuroba ?