A défaut de léguer un Burundi vert et bleu, mais consciente de la réalité, cette poétesse se résout à léguer à son petit-fils une missive, un message d’espoir. Est-ce qu’elle a le choix ?
Burundi: ivyo gutegekanirizwa kazoza bavyumva nk’umugani
Mu Burundi, kuronka akazi ka Reta si icoroshe. Bisa no kurondera umuzi w’ibuye. Abatari bake, canecane urwaruka, bakora ubuzi butobuto bahawe n’abikorera utwabo. Boba bategekanirizwa kazoza nk’abandi bakozi ? Twaraganiriye na bamwe muri bo.
Ivya Fildaus, ni nko gusimba umugezi ugaca ugwa mu kiyaga
Umuntu yumvirije ivyashikiye Fildaus Ihimbazwe yokwibaza ko ari ikiganiro ‘’Ninde ?’.’ Ntawopfa yemeye ko muri ino myaka abantu benshi bariko barwanira agateka k’abakenyezi, hari umuntu yokwubahuka gupfunga umukenyezi yarekuriwe gutandukana n’uwo bari bubakanye n’idini, umuryango n’ubutungane. Kugira ngo uwo mupfasoni […]
Abategetsi barwanya gute inzoga y’umudiringi ?
Mwaro ni imwe mu ntara zibonekezamwo umudiringi uzwi kandi ku kazina k’umunanasi. Mu gihe iri mu nzoga zitemewe na Reta, mbega indongozi n’abajejwe umutekano boba bayirwanya gute ? Colonel Gaspard Gasanzwe, buramatari w’iyo ntara aratwishura kuri ivyo bibazo vyose hamwe […]
Umudiringi: ni bisosa bisesereza
Bati inzoga ni ‘’nkura mu mubindi ndagukure mu bantu’’. Umudiringi wowo ntugukura mu bantu gusa, ukura mu muryango uwawihebeye, ukamukura no mu kibano. Eka utera ingaruka zitari nke. None izo ngaruka ni izihe vy’ukuri ? Twarabatohoreje.
Kanyanga : “abarwaye baterurwa n’abakenyezi, abagabo inguvu zaraheze”
Si mu Kayokwe gusa. Mu Burundi, inzoga zikaze kandi zitemewe n’amategeko, zikozwe mu buryo kama ziribonekeza ahatari hake. Hambavu y’umudiringi, na kanyanga ni imwe muri izo nzoga. Abajejwe intwaro bama bariko barayirwanya, ariko ntisiba kwibonekeza, n’abayihereza baguma biyongera nazo ingaruka […]
Umundiringi : intahe z’abawukamishije
Inzoga y’umudiringi n’ubwo idandazwa mu mpisho, ku mvo y’uko itemewe na Reta, hari abafashe inzira yo kuyidandaza kandi bakiyemerara ko “ibabeshejeho”. None ibiciro vyayo ni ibihe ? Abadandaza bayo barunguka ?
« Mu mudiringi atari urupfu, nta buzima buriyo » : intahe
Iyo bavuga amabi aterwa n’inzoga zitemewe, bamwe bibaza ko ari imvugo y’abategetsi kugira barwanye izo badashaka. Ariko uteze amatwi Rurihose akakuyagira ivyamushikiye kubera umudiringi, ufise umutima uhuha wokorora amosozi. Ntiwosubira kuyikoza ku munwa, nyabuna aho woyibona woyitera umugere igaseseka.