article comment count is: 2

#DukoraTuyaga : amasezerano 7 akomeye mw’ijambo rya Evariste Ndayishimiye

Kuva ku wa 18 Ruheshi, Uburundi buramutswa umukuru w’igihugu mushasha. Mw’ijambo ry’umukwanguro yashikirije ahejeje kurahirira ayo mabanga, yaragarutse kw’ishusho n’imigambi Uburundi bugiye kugira ku ntwaro yiwe. Ng’ibi bimwebimwe nasigaranye muri iryo jambo.

Ni ijambo ritari rigufi. Ryamaze isaha imwe n’inusu irenga. Hari amajambo yagiye yisubiriza, bimwe ukamengo biravuguruzanya, ibindi ukamengo ni amareshamugeni. 

Ariko muri vyose, hari amasezerano ashika kuri 7 jeho nakuyemwo ; ni yo ngiye kurabirako ijunja n’ijambo bizoranga umugabo mushasha yaraye yimitswe.

 

1. Reta mvyeyi

 

Kuva muri 2015, ishusho rya Reta ntiryabonwa kumwe n’Abarundi bose. Ni ho umukuru w’igihugu mushasha, yabiraba, maze atwemerera kuzoshinga Reta yise “umuvyeyi wa bose”. Hari benshi bari bayinyotewe. 

Ariko, kwumva ko atipfuza kwumva ibijanye n’imigambwe itavuga rumwe na Reta, ntivyoreka gutera amakenga. Burya kuvuga rumwe canke ukutavuga rumwe na Reta si uburenganzira bw’uwo ari we wese ? Kumbure, ngira ni jewe natahuye nabi.

 

2. Nta nkunzi, nta mwishikira

 

Nta wishikira kwa Reta gusumvya uwundi”. Mbega amajambo meza ! Abarundi isinzi baranyotewe ingendo nk’iyo. Kukaba nkakwo, haba kuronka akazi canke kuba umurongozi, hakora twa “wamaze iki ?”, “ufise gute ?” “uri mu mugambwe uyuhe ?”Ni nde yakurungitse ?”. 

Kwumva ko ivyo vyose bisezerewe, ubutwari bw’umuntu akaba ari bwo bugiye gukorerwako gusumvya nkunzi, imbere hoba ari heza. Ese imvugo yojana n’ingiro, Mukama !

 

3. Umurundi wese agire ijambo mu buzima bw’igihugu

 

Si agaseseshwarumuri, uwahora avuga ibitagenda neza mu buzima bw’igihugu, yaca yitwa “igipinga” canke “umugumutsi”, “inyankaburundi”. Akanyamuneza kari kose kwumva uwaraye arahiriye kurongora igihugu, yemerera Abarundi ko ata n’umwe azoniganwa ijambo ku bijanye n’itunganywa ry’igihugu. 

Twizere ukwiyongera kw’ubwigenge, aho Abarundi bashikiriza ivyiyumviro vy’uko igihugu cotunganywa, nk’ibimenyeshamakuru n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike ? Ntihazosubira kugira uwuhorwa iciyumviro ciwe ku buzima bw’igihugu ?

 

4. Tuyaga dukora, dukora tuyaga

 

Kuri Evariste Ndayishimiye, ibiganiro ngo ni wo uzoba umuti w’ibibazo. Ndetse ngo abashaka ibiganiro, imiryango iruguruye, gutyo ntihagire uwusubira kugira ico yitwaza. Nanje nti: “uraba wumva birenge ni we ubarirwa”. Abandi bati: “umugabo yihindukize mu kirago, ntiyihindukiza mw’ijambo”. Nibutse na ka kajajuro ngo: “Burakeye tuhereke abagabo”; iyo yari imbwa ihiye ku murizo.

 

5. Turi kumwe twese, birashoboka

 

« Birashoboka », ni co cari icivugo ciwe mu kwiyamamaza. Kuri we, turikumwe twese, ntakidashoboka. Niko kuduhamagarira twese gusenyera ku mugozi umwe, mu rugamba rw’iterambere. Ati abahunze ni bahunguke; kuko ngo ntiyipfuza ko hari Umurundi yoba mu mahanga yitwa impunzi. Kuri we, turashoboye kwubaka igihugu turi hamwe. 

Mu gihe hari ivyari vyatumye izo mpunzi zihunga, ni vyiza ko vyoganirwako, gutyo abari mu makambi y’impunzi batahe, bivuye ku cizere n’icuka ciza kiremesha, umutima uri mu nda. Uba mu mugambwe canke utawubamwo, ati twese hamwe birashoboka ko duterera kugira twubake igihugu. Mbega icivugo ciza ! Ndasubiramwo: ese imvugo yojana n’ingiro !

 

6. Umushinge

 

« Ntituje kumena umushike, tuje kwubakira ku mushinge dusigiwe na Petero Nkurunziza ». Mu gihe uwugiye kurongora Uburundi yiswe samuragwa, ngo azobandanya iragi ryo guha Uburundi ishusho n’imigambi yarazwe n’uwo akoreye mu ngata. 

Abari biteze impinduka bacire birarura ? Ko iyo mvugo umengo iragumye? Reka tubihe umwanya.

 

7. Abakukuruke

 

Ng’aba abagabanye koko. Kuva ubu bagiye kuza baravuzwa ku buntu, ndetse banaronswe umushahara ungana n’uwo baherejeko bagikora akazi. Koko, yari yabiraganye mu myiyamamazo. 

Twari twiteze ko ari abageze mu za bukuru bose bazovurwa ku buntu nk’uko yari yaravyemeye. Kandi kandi, Ese imvugo yojana n’ingiro ! Ni ukuri, ntacobuza ko Uburundi buba ca gihugu turirimba ngo « c’amata n’ubuki ».

Ubu nsigaranye icipfuzo kimwe : Nyakubahwa waraye wimitswe, ese wozira kuyaga amasigaracicaro !

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (2)

  1. Nyenicubahiro umukuru wigihugu evariste ndayishimiye numugabo wabagabo kuba ariko aragorora indongozi zimwezimwe zarizarigize amabingira mukunyonyeza amatungo ya leta rer nahangame kungoma kuk arimunzira nziza natw nkurwaruk tukur inyuma mukwiteza imbere .