Mu gihe muri ino minsi hibonekeza ukubura akazi ku rwaruka ruhejeje amashure, abatari bake biranabagirako ingaruka mbi mu bijanye n’imibano. Renovat Ndikumwenayo aravyihweza agasanga benshi mu bakiri bato badafise akazi badashobora no kwubaka izabo nk’uko abituyagira.
Ukubura akazi ku rwaruka rwa kino gihe ni kimwe mu bituma badashobora kwubaka izabo vyoroshe. Gushinga umuryango bisaba uburyo bwinshi, haba mu kwitegurira kwubakana canke inyuma yaho umugabo n’umugore baba batanguye kubana. Muri kino gihe, turakunze kubona abanyeshure baheza amashure yisumbuye canke za kaminuza bakamara imyaka itatu canke irenga batagira akazi kandi abavyeyi baba babitezeko urukiza. Kwigisha umwana n’igikorwa gihambaye kuko uwutifise ashobora n’ukudandaza agatongo kugira umwana wiwe ashobore guheza amashure. Mugihe ahejeje amashure, nka kare na kare ubuzi bwa Leta bukiboneka cane, yategerezwa kubanza kwubakira se na nyina inzu nziza. Ivyo n’umwana w’umukobwa yarabikora imbere y’uko aja kwubaka urwiwe. Umuhungu nawe akigisha barumunawe, n’ibindi yashobora gufasha mu muryango.
Mbega woshobora kwubaka urwawe utagira akazi ?
Hari ikibazo urwaruka rwa kino gihe rwibaza: none umuntu azoshobora kwubaka urwiwe gute mu gihe ahejeje amashure hama akabura akazi? Nko mu gisagara ca Bururi, usanga abakobwa benshi bahejeje amashure badafise akazi bariko badandariza abagwizatunga bafise utuzu two kudandarizamwo canke ubunywero. Abo nabo bakaba badashobora kubahemba amahera arenga ibihumbi mirongo itatu vy’amafaranga y’amarundi ku kwezi. Ayo mafaranga nayo akaba ata kintu kinini ashobora kubamarira narirya muri ino minsi biciro vyaduze kw’isoko.
Umukobwa umwe twaganiriye yaranyemeje ko arengeje imyaka itatu atagira akazi kandi ko ata n’umuhungu araza kumubaza ko boshobora kwubakana. Ivyo vyose bikava kuko ubu bigoye gutwara umukobwa atagira akazi. Aho ni ku bahungu baba basanzwe bafise akazi. Kenshi abahungu batari bake mu badafise akazi bashima guheba kwubaka izabo kubera amikoro make. None abakobwa bagiye kuvyifatamwo gute? Iyo umukobwa ashikanye imyaka irenga mirongo itatu n’itanu ataraja kwubaka urwiwe, amahirwe yo kuzoronka umwana aba atanguye kugabanuka, ivyo bigatuma atakaza n’icizere co kuzoronka uwo bubakana.
Icokorwa kugira ngo ibintu vyorohe na buke buke
Urwaruka rwari rukwiye kumenya ko batazokwubaka izabo ari uko bafise akazi ka Leta gusa. Ahubwo nyabuna bogerageza kwiyungunganya muri bike bafise hama bagashobora gushinga imiryango bataravye ubutunzi bw’umwe umwe wese. Abakiriko baripfuza gushing izabo bari bakwiye kumenya ko igikuru ari umutima. Gutyo, bivanye n’urukundo bafitaniye bagashobora gutererana ivyiyumviro kugira bashobore kwiteza imbere bari mu rugo rwabo.
Imanza zisaba gutumira abantu benshi kandi zitwara uburyo bwinshi abantu bozihoza maze bakiyandikisha gusa kugira bamenyeshe muri komine ko bubatse imbere y’amategeko. Ivyo gutegura iminsi mikuru isaba vyinshi mumyiteguro bakazobigira Imana ibateye iteka ubwo buryo bukaboneka. Ikindi bokwihoza igihe batagira uburyo bukwiye ni inkwano. Uwo mugirwa nawo nyene bowubangirako bakazowurangura uburyo bubonetse ariko ntikibuze ko bibanira.
Abavyeyi nabo bari bakwiye kumenya ko bigishije umwana atari igihe cose ashobora kubasubiza ivyo bamutanzeko vyose kugira yige amashure yiwe. Bivanye n’ukubura akazi, hageze ko abana bubaka izabo boguma babafashe mu mugongo maze bakabashigikira muvyo bashoboye. Eka mbere no gusaba inkwano zirenze bakabiheba maze bagashira uburyo hamwe buzoshobora kubandanya bufasha abo bana babo igihe bashimye gushinga umuryango mushasha.
IMANA ntaco idashoboye,byose irabibona.arko kandi à part yakazi kabuze,natwe ntitworera amaboko,twoja hamw tugategur’imigambi kanaka yoshobora kuduteza imbere!
Burya Imana Ntaco Igirira Ubusa, Ivyo Vyose Irabizi Kand Irabibona Ahubwo Ifise Impamvu!
Bavukanyi Ntiturazwe Ishinga Nakazi Ahubwo Turondere Gutegura Ubuzima Bwacu Twoye Kwihebura Tumeny Ko Abatari Bake Naje Ndimwo Abavyeyi Bacu Bubakanye Atakazi Ka Leta Bafise! Kand Natw Turiho Ntiturere Amaboko Ahubwo Abigeme Hamwe Nabavyeyi Batahure Ubukene Turimwo Hama Turonderere Hamwe Imana Itwibutse Abafise Umutima Bazogaruka Gushima!