article comment count is: 7

Inkwano: Yovaho canke yogumaho?

Mu gihe mu Burundi hamye umuco wo gukengurukira umuryango w’umwigeme agiye kwubaka urwiwe, ubu ibintu bisa n’ibiriko birahinduka. Abatari bake ntibakibona ko inkwano yoshimikirwako cane ku bashaka kwubakana. Spageon Ngabo araducira ku mayange kuri bimwe mu vyo abakoresha urubuga rwa Facebook bashikirije.

Kuva na kera na rindi, ukugabana umugeni ryari iteka, haba ku wugabanye canke ku wagavye. Mu ntumbero rero yo gushima iyo ngabire ataco igerwa, nyene kugabana yarashikanira umuhanyi wiwe agashimwe, ako gashimwe nako kakaba kiswe “inkwano”. Ukugene iyo nkwano yangana vyaravana cane n’ubutore bw’umugeni yakowe canke n’urugero rw’icubahiro umuryango w’umukobwa usanzwe ufise. Mu bihe vya none, hari vyinshi vyagiye birahindagurika, haba mu mibereho y’abarundi muri rusangi, mu bijanye n’imico canke noneho no mu nyifato canke indero y’abakobwa. None ako gashimwe kiswe inkwano koba kakibonwa kumwe mu bihe vya none? Bamwe n’abandi babibona gute? Abatari bake baragize ico babivugako ku rubuga rwa Yaga rwuguruwe kuri Facebook.

Hari abavuga ko inkwano yohava

Uwitwa  Ndayiragije Diedonné Abisi, n’umwe mu bagize ico bavuga muri ico kiyago. Nawe ati: « Jewe nihereyeko, mbona inkwano yohava canke igakoroka ku buryo watanga amafaranga 300 000 vyohinduka ugatanga amafaranga 100 000, kuko nka jewe nayibuze. None nk’ubu nomutwara bidaciye mu mategeko ku mpamvu y’ikwano hobabara nde? »

Fabrice Bifa Gikwiye Kabambi nawe agira ati: « Inkwano ku bwanje yovaho kuko ubu ntaco isigura kuko uravye imigenzo yose ijanye n’ubukwe yar’ifise ico isigura. Nko gukwa kari agashimwe baha abavyeyi b’umwigeme kubera bareze neza. Iyo baba batavyitwayemwo neza mu gukwirikirana umwigeme wabo, ab’iwabo n’umuhungu baraheza ku munsi wo gutwikurura bagaha umukenke utoboye epfo na ruguru abavyeyi b’umwigeme. Ico kikaba cari ikimenyetso cerekana ko abavyeyi b’uwo mukobwa batareze neza. Hanyuma abavyeyi b’umukobwa baca batanga igipfukamunwa (nofata ko yari nk’inshumbusho). Jewe mbona inkwano yofutwa kuko n’iyo mico twitwaza tutakiyigendera ».

Hari n’abavuga kw’inkwano yogumaho

Uwa mbere mu bagize ico bashikirije bashigikira ko inkwano yogumaho ni Christophe Ndacayisaba. Uwo nawe ati : « Inkwano n’ubwo igoye kurondera ku muhungu aba yashimye umwigeme, ntiyokurwaho. Ariko abavyeyi b’umwigeme nabo boraba ingene bagerageza gusaba amahera make kuko inkwano n’agashimwe. Ntivyari bikwiye ko birirwa baracirirana kuko umuhungu ntaba ariko agura umwigeme. Bogerageza kuyigabanya kugira uwushaka kwubaka urwiwe yoroherwe. Ubu hariho n’abahevye kurongora kubera kubura inkwano. »

Ezira Manirumva wewe avuga ati : « Inkwano yohaguma nawe ur’umusore ukananirwa n’inkwano, birumvikana k’utoba woshobora no gutunga umuryango. Urumva rero n’ukuyitanga !»

None hofatwa iki ?

Ku bwanje naho bavuga ko kizira guta akaranga, inkwano ntiyari ikwiye kuruhisha abarundi. Kenshi na kenshi ivyo biragaruka bikagira ingaruka mbi ku muryango mushasha. Inkwano rero ntiyari ikwiye kuba ikiguzi bacirirana, bamwe ngo zana ibingana uku na kuriya. Ico bikoze co imico n’imigenzo vyaratosekaye kandi noneho n’ubutunzi ntibucifashe neza mu miryango nka kera. None rero aho kuremera umuryango mushasha ahubwo bowufata munda kugira unyaruke gutera imbere, igihugu naco kihatorere akoyoko. Ni vyiza rero ko ukwumvikana hagati y’umukobwa n’umuhungu vyoshirwa imbere hama inkwano hagatangwa iyibonetse.

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (7)

  1. Muvyukuri akaranga karatakaye ariko kombona abagize commentaire bose bavuga ko abigeme batacitwara neza mbega izo ngeso mbi bazikorana nabande si abo bahungu nyene?Yaba umuhungu canke umukobwa bose birakwiye ko bagendera akaranga kuko numwigeme wumupfasoni atwawe n’umuhungu w’umunyangeso mbi urugo rwabo nta teka rugira.

    1. Uvuze ingeso mbi uba ushatse kuvuga izihe? Ubuhumbu?Akaborerwe. ugusesagura, …Muri ivyo harimwo ivyo umuntu yikorana.
      Mbega inkwano yagiyeho gute? Niho tuzomenya ko yovaho canke yogumaho.

  2. bayivaneho kuko muvyakuri nkanje umusore mba nkuyeko umuzigo abavyeyi ahubwo nibo bodushimira aho kutwaka inkwano.muri make rero nukuraba bakavyikuramwo inkwano ziravuna

    1. Kubwanje Jewe Ivyo Vy’inkwano Ntibikenewe,ati Gute?Ehe Raba
      1.Inkwano Tuvuga K Ari Agashimwe,arko Usanga Muriko Muradindizanya,mbega Ni Urudandazwa(commerce)? Mugutanga Agashmw Utanga Ico Ufse.

  3. Kubwanje inkwano yokugwaho. Impamvu zotuma ivaho: bene umukobwa muguc’inkwano bitwaza narasomesheje,arangora irera!ese tukibaza abene umuhung bobo nibinebwe? kwatagucoka kwa habaye? Inkwano yubu nagasuzuguzo kumuryango wumuhungu kd nukuniga umuryango mushasha. Simbitahura nk’umuvyeyi yemera k’umwana wiwe aja mukaga motif ngwicubahiro c’umuryango nibave ibizumu baje ibuntu! Uharuye ukuntu umusore acoka mugutungany urugo nigihe azoba agiye kumutunga ukumv zana inkwano za millioni: ndabaza nukugura cnk nagashimwe?nimba arukugura umukobw niyemere kub umuyaya akore atagucoka kuko ico waguze ugikoresha uko ushaka giheze canke gicotse ukagura ikindi kigisimbura! Urukundo nyarwo ntiturutiture ahubwo turekana ivyakahise twubake na bishasha

  4. daphrose niyuhire sishaka kuvuga ko abahungu atabanyangeso mbi bahari ariko ngomba kukwemeza neza ko abakobwa hasambana70 abahungu30 uti gute abakobwa basambana nabagabo ngo nibo babagumiriza ibanga kandi umugabo umwe ashobora kwisasira nka30 kandi umuhungu umwe ataye akabanga yisasira abakobwa20 abakobwa karabaye turiyumvira tukabura nuwo twarongora kuko bose aba ari abakecuru-nkumi

  5. Kubwa inkwano yohava kuko Ubu uburyo ntibukimeze nka kera kandi nimico y’ikirundi barayitituye uko bakurikirana umwigeme kera Ubu siko bikiri rero hoba kwumvikana kumiryango 2 kugira inkwano ntibe icitwazo co kureka gushinga urugo kubahungu.ubu Hari abahungu beshi batarongora kubera uburyo buke n’inzu yonyene kugira iboneke bikaba ingorane