Igihe cose hari umugambi wa Reta utanguye mu kibanza kanaka, bene kuwushira mu ngiro baramenyesha isango yo gutangura n’iyo guherezako. Ariko, ukutubahiriza ayo masango bitera biba akamenyero, naho agahombo kaba kanini. Ng’utu uturorero tumwe tumwe.
Duhere kw’iyubakwa ry’inkengera z’uruzi Ntahangwa, rugabura komine Mukaza na komine Ntahangwa mu turere twa Mutanga y’amaja epfo na Kigobe mu gisagara ca Bujumbura ; ibikorwa vyotumye itabandanya yiyagura vyotegerejwe kuba vyaraheze mu kwezi kwa Myandagaro kw’umwaka w’2017.
, umwaka w’2017, nk’uko ivyapa bigishinze ahegereye kuri urwo ruzi bivyerekana kugeza n’ubu. Ku kiringo cari gitegekanijwe, hagiye kurengako hafi umwaka wose.
Iyo biba ivyo gusa…
Iyinjirwa ry’amasoko aherutse gusubirwamwo mu gisagara ca Bujumbura ni akandi karorero kerekana ko bene gukurikirana ishirwa mu ngiro ry’imigambi ya Reta bari bakwiye kuba maso. . Kuva ico gihe, amasango yo kuyugurura yagiye arahindurwa. Umukuru w’umurwi washizweho ngo ukurikirane ivyerekeye ayo masoko yahavuye ashikiriza ko yose azoba yuguruwe mu kwezi guheze kwa Mukakaro, uyu mwaka. Kugeza n’ubu, ; iryo ku Musaga n’iryo mu Kinindo. Nk’iryo mu Kanyosha ryo, icizere si ica vuba ; kuko n’inyubako ntiziraganya kurangira.
Nongereko iyubakwa ry’isoko nshasha mu kibanza c’ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura ; umugambi urindiriwe n’abatari bake. Umushikiranganji w’ibikorwa vya Leta yari yemeye mu mpera z’umwaka w’2016 ko , ariko ntivyahavuye biba uko, kugeza n’uyu musi. Vyongeye no mu ntango z’uyu mwaka w’2018, Reta yari yasubiriye kwemera ko ibikorwa bizorangurwa, ariko kugeza n’ubu ntibiraba.
Ingorane zihagaze he ?
Biragoye gutahura igituma ibiringo bitangwa bitubahirizwa gushika naho harengako igihe c’umwaka canke urenga. Abajejwe gukurikirana irangurwa ry’ibikorwa vya Leta barakwiye kwikubita agashi bakaza barubahiriza amasango batanze.
Ico bikoze, uwokwicara gatoya agaharura uruhombo ku gihugu rutewe n’uko guceregwa bigeze hiyo, yosanga ari umurengera.
Ku bwanje, n’imiburiburi inzego zikwirikirana iryo shirwa mu ngiro ry’ivyo bikorwa zari zikwiye kurengutswa imbere y’abaserukira abenegihugu, tukamenya aho ingorane zihagaze.
Soma kandi : Ibikorwa rusangi si ivy’abanyamigambwe gusa
Hakwiye igitsure cerekeza kurabo baba bagiriwe amahirwe yogushira mungiro umugambi wa Reta, ataruko Reta izohahombera vyinshi