Ku wa 7 Munyonyo, ni ho ibitaro nderabavuzi vyo mu Kamenge (CHU de Kamenge) bizwi kw’izina “Roi Khaled” vy’i Bujumbura vyakwiza neza na neza imyaka 36. Uhereye ku burambe ugashitsa ku kanovera k’ubuvuzi buhatangirwa, ubanje guca ku gikorwa nderabavuzi, ng’ibi ibintu 3 twomenya kuri ivyo bitaro.
1. Biri mu bavyeyi b’ibindi bitaro dufise mu Burundi
Vyuguruwe icese nk’ibitaro kuwa 7 Munyonyo 1984, hama bihabwa iteka ryo kuba nderabavuzi ku wa 28 Kigarama uwo mwaka nyene. Imbere yavyo, habanje kubaho ibitaro vyitiriwe umuganwa Karori ; ibi bikaba vyubatswe mu 1947-1949, inyuma y’ibitaro vyitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore, vyo vyahabaye mu gihe c’ubukoroni.
Sokuru rero ati : “ubusaza bunyaga ubugabo” ; mwak’uyu, twarabayagiye ko isuku ryarangwa mw’ivyo bitaro ryari riteye isoni n’agahinda ; Imana ni ininahazwe mw’ijuru, haciye amezi make cane, vyose bihindurwa bishasha ; ubu uhinjiye uravuga uti : ndi ahantu hari abantu b’ubuntu bashobora kugira ibintu neza.
Ariko nyene, naho ivyo biri uko, nimba inyuma hariko harasayangana, i bwina haracarangwa inyota idasanzwe y’impinduka : ibitaro rurangiranwa bifise igisata c’ubuhinga bwo gupima citwa “Service d’Imagerie” mu gifaransa gikora kuri “Mana mpa !”, muri ca gisata bita “Laboratoire”, utangazwa n’uko uja wumva, ku bipimo bimwebimwe binabayabaye, bakurungitse ngo : “iki n’iki genda ubikoreshe mu bitaro vy’abigenga” ; n’ibindi.
2. Bigira incabwenge n’insigabwenge
N’uwokwanka urukwavu, ntaze ahakane ko rwiruka cane ; muri Roi Khaled, ni ho hambere hari abaganga karuhariwe benshi. Kandi bakora ibikomeye ; kuko ni ho hama harungikwa indwara zikaze, ndetse n’abarwayi basinzikaye. Benshi muri abo, usanga ari ab’amikoro abayabaye, bagaheza bakaronswa ubuvuzi bukwiriye.
Yamara rero, hari n’insigabwenge : muribuka wa mwaka nababwira ko ari vyo bitaro vyonyene tumaze kubona bigira akabare mu nyubakwa zavyo ? Inyuma y’amezi hafi atatu, ubwo bunywero bwari bwugawe. Ni harambe amatwi n’amategeko ! Ako kari agaciyemwo. Ariko ivyo bintu vyari bitangaje cane.
3. Ukwifuka urusato rw’imbaragasa
Ikindi na co, ni nka ya nka ikamwa ico yariye ; nimba bihora bishika mukaharonderera ba baganga nababwira aho hejuru ntimuhabasange, baba bakubitiye mu bindi bitaro gufasha, canke mbere no kwiteza imbere. Ni ko kw’uko uzosanga hari abaganga bakwakirira ku biro vyigenga, hama bakaza kukuvurira kuri Roi Khaled. Muri buno buzima, uwusamaye ararara inzara nyene.
Bati : “inzinguzingu ni wayimenya nguhere”, bifise abaganga karuhariwe barenga 50, abaganga basanzwe barenga 30, abavuzi batobato, n’abandi bakozi bakora mu bisata bitandukanye. Intumbero ngenderwako ni : ugutanga ubuvuzi bw’akarorero ku rwego rw’igihugu, ukwigisha abandi bavuzi, n’ubushakashatsi bugezweho mu gisata c’amagara.
Ko ari uko rero, mwe muratahura ukugene ari ibitaro bifise uburambe nk’ubwo, bikagira abaganga b’amateka nk’ayo tuzi, ariko ugasanga ubuhinga bukoreshwa mu kuvura buracari ubwo muri kahise k’indengagihe ? Canke ugasanga, n’utwo bagize ngo barazanye dushasha, hagira agakenera gusanurwa, bagaca barunda mu bubiko bw’ivyapfuye canke kw’iyarara ? Ibi muzobitahura ni mwinjira muri ca cumba barabiramwo imbanyi (écographie mu gifaransa), ingene hari imashini zabigenewe ziguye umusaka.
Icipfuzo canje, ni uko ivyo bitaro vyohabwa ikibanza kibibereye. Agateka aho kamye. Mbwiye benshi ntibagiye benevyo.
Birababaje caane ..kubona le seul et unique CHU dufise uno musi… igeze aho umurwayi hakubona yivuzaho yokwira ahandi kubera kubura ibikoresho… siko vyari bikwiye kumera…. atagikozwe tuzosanga n abanyeshure ubwabo bipfuza kwiga medecine bazohitamwo kwigira ahandi kuko babona kokugirira imyimenyerezo ahatagira ibikoresho ari uguta umwanya wabo….turagushimiye mwanditsi…. ijambo ry umutwe mwahisemwo « ubusaza bunyaga ubugabo » ,kuberako ubusaza ariko la nature yabishatse atacokorwa ngo umuntu ntasaze..kuma institutions vyo si uko vyokagomvye kumera kuko vyo ni ubugombe bwamuntu… hagutakaza ubushobozi yoyoshishikarijwe kubwongereza…reka tuvuge duti » agaciwe karuma »