article comment count is: 0

Ibintu bitanu vyerekana ko abantu bakenye – kandi no mu gipoil* biriyo

Rirya jwi (“audio”) ry’urya avuga ko ari umwigisha mwaryumvise? Ni ijwi ryumvikana ko ryarungikiwe uwitwa Elvis rimubwira ibintu bimwebimwe bigaragaza ko ikibano gikenye. Nimba uhora usoma ivyete Paul yandikiye ibisagara bitandukanye vy’i Roma, ingo usome n’iyi nkuru rero. Kandi vyinshi ndamaze kubibona mu gipoil*. 

Nyene gukora iyo “audio” rero avuga ko asanzwe ari umwigisha. Ati: “Ndigisha icigwa citwa “Technologie appropriée au développement”, reka ndakubwire utuntu nka dutanu tugaragara ku kibano gikenye.” Nanje aho ndi aho, nciye nibuka abapoils* benewacu, bo bakunda kwitazira “abavyosissimes” (= bafise, bazi kandi bashoboye vyose), nciye nsanga hari ivyo ndabaziko muri bino bintu bitanu. 

Reka tuje ku muriri. 

1. Induru ; akavuyo neza na neza

Nyene audio* asigura ati: “Uzogende mu Kinama urabe amastudios ahari, imiziki bavuza, ingene usanga biri kuri volume* ya nyuma. Baba bashaka ngo ingorane bafise bazirenze urwamo. Ariko waja i Kiriri, ugasanga iyo nduru ntayo bashaka.” 

Abanyakinama canke ahandi hose hameze uko, muntunge. Si je ndabivuze. Ariko, akajambo ngo “baba bashaka kurenza induru ubukene bafise” niko kanyeguye. Bwa bundi, ubuhinga bwo kwimara ingorane si ukuborerwa gusa. 

2. Amashengero menshi n’ukwizera ibitangaza

Nongereze volume* canke ntibindaba? Kuko ntivyumvikana. Uko biri kwose, uwovuga ko amashengero asigaye ahari ahiganwa n’igitigiri c’ibirabo (ubunywero, ububare ; tudasize inyuma utudirisha) uravye n’ivyitwa ivyumba vy’amasengesho, ntiyoba yihenze kanini. 

Ariko rero, hageze ako ko “kwizera ibitangaza”; ivyo twokwita kandi ibintazi, ubwo ga Barundi benewacu, hasigara bangahe ico kimenyetso batagifise? Dukore urutonde rw’amashengero afise mwe n’izo nyigisho? Ubwo tworonka impapuro tuyakwizako? Kuko ubu, hasigaye hari n’ayigishiriza ku mbuga hwaniro, namwe muca mubibona. Ibintu vyo gucakira ivyo utabiriye akuya bitugejeje aho umwansi ashaka. 

3. Ukutagira “programme”* n’ibiyago bitagamije iterambere

Abantu mwese mukunda ka kandi ngo “iya nyuma” canke “wari ubizi?”, dutumeko inama canke n’ivyo nyene ntibituraba? 

Nari navuze mu gipoil*. Emwe! Ico kintu narakihabonye cane. Mu bigo vya kaminuza, niho honyene maze kubona bashobora kumara amayinga abiri bariko baravuga umuntu, bose bakamenya ivyiwe kurusha nyene kuvugwa ari we biraba. Abo co kimwe na za “ntwari” zose zitonda kw’irigara (kuri Bata ku bari i Bujumbura), kuva ubu kugeza ibihe bidashira, mumenye ko uko ari ukurerura idarapo ry’ubukene. Ngejeje aho. 

4. na 5. Amabara menshi n’ukuvangatiranya

Abantu bose mufungura vyose mudatoranya (kandi vyinshi), ba bandi babaza bati: “Mufata iki” bagaca bishura bati :“Pfa kumpa ikihari cose nta ngorane”, abubaka inzu mugaca muzisiga amabara y’uruvange canke abambara impuzu z’amabara avangatiranye, dutumeko inama ku wa gatandatu canke muzoba muri mu rubanza? 

Mwigisha yavuze ko mufise ingorane yo kuba mutazi guhitamwo ico mushaka mu buzima. Kandi abona ko ico ari ikimenyetso ko ubukene buja bwaramaze kubashikanayo. Abapoils* ni bo bafise icivugo kigira kiti: “Ha gusiba icupa canke inyama wosiba ishure”. Ubu ndamenye ico bivako.

Ak’inyongera (bonus) rero, avuga ko hari abantu biswe abavumvyi. Akazi kabo ni ukudandaza inkuru (kandi atari wo mwuga wabo), hakaba na babandi utwo bahembwe twose baca baducisha mu bunywero, bagashika i muhira batumaze. Abo avuga ko baba bagiye kwerekana ko bayafise. Ku bwiwe, bompi ni co kimwe, ni ukugaragaza ubukene bwabo. 

Barayamaze bati: “Uwuguriwe neza ntiyongeza”, sije nohahera! Kimwe gusa, mwigisha arakenuye.  

 

*: amajambo yagumijwe mu gifaransa asanzwe aturukamwo

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion