Ku wa 1 Mukakaro 2023, Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye yaratanze ubushimwe n’ibidari bitandukanye. Bamwe mu bashikiranganji, abasirikare n’abaporisi hamwe n’umuyobozi w’ishure ESTA. Muri ico gikorwa co gushima, ntiyibagiye umutambukanyi wiwe. Ivyo vyatumye uyu mwanditsi wa Yaga yandikira umukuru w’igihugu iri baruwa.
Nyenicubahiro Mukuru w’igihugu c’Uburundi,
Ni vyiza gukeza no gushimira abantu baba barakoze neza. Sinoreka kubashimira ku gashimwe mwahaye Général de Brigade de Police Joseph Ngendabanka, ajejwe ububiko mu giporisi. Nk’uko mwabishikirije Nyenicubahiro, abahahora bakoresha amaritiro y’igitoro imiriyoni zitatu n’igice ku mwaka, ariko we yakoresheje amaritiro ibihumbi amajana indwi.
Nyakwubahwa Prezida, iyi ntwazangabo yaziganije imiriyaridi 17 n’imiriyoni 660 ku mafaranga yari ategekanijwe gukoreshwa. Kuva igenywe muri ayo mabanga muri Ntwarante 2021. Mbega mwoba mwaributse guhana abo yasubiriye ko ata wodeha ko banyonoye ubutunzi bw’igihugu ?
Hari abandi mwashimiye bikwiye nk’umushikiranganji ajejwe inyubako n’uburaro Dieudonné Dukundane. Kuva mumugenye mu mabanga Nyenicubahiro, ibikorwa vyiwe ndabishima co kimwe n’ababanyi banje aha ku gatumba hamwe mwadusanga muje kwiyamamaza mu mwaka wa 2020.Tumurindiriyeko vyinshi na canecane uburaro n’amabarabara vyiza yatwemereye kandi turizeye ko azobishikako.
Ndakengurutse kandi ku kuntu mwibutse Caporal Jean-Claude Nduwayo ku butwari yerekaniye mu gihugu ca Somalia. Nkuko mwabishikirije, “ni Bihome.Yabonye umukuru w’ingabo agira araswe ashima kumusunura, aba ariwe araswa, arakomereka mu nyuma aravurwa arakira”.
Eka na Isaïe Mbonihankuye, yakoze ibikora inka mu kwanka ko ubutunzi bw’ishure ESTA bunyarwa arorera.
Yamara hari ivyo ntashimye …
Nyenicubahiro Mukuru w’igihugu c’Uburundi, murambabarira sinabise “Sebarundi” kuko noba nemeye ko n’umufasha wanyu yitwa “Inaburundi”. Karya gashimwe mwamuhaye ga Nyenicubahiro, n’iyo mukiha nta ngorane kuko muri umwe. Coba ikimenyetso c’urukundo nk’uko Paulo avyandikira Abakorenti bikongera bikaba mw’Itanguriro 2:23. Ndazi ko mukunda gusoma Bibiliya.
Ivyo umukenyezi wanyu akora, Nyenicubahiro, hariho n’abandi bigeze kuba babikora canke babikora n’uno musi ariko mutibuka ngo mushimire. Muri abo bafise umutima w’urukundo no gufasha abandi harimwo abihebeye Imana, abagabo n’abakenyezi.
Mvuze abakenyezi sinokwibagira Christine Ntahe n’abandi benshi batamenyekana ariko bariko baritanga. Mbega none ivy’igihugu mwabihinduye ivy’umuryango ?
Ikindi congeyeko Nyenicubahiro murongoye Uburundi, mwashimye iki umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n’umutekano ? Murantunga jewe nta vyo menya ivya poritike ariko ndibuka ko ari we yambujije gushora ibiharage, ibigori n’ibindi kugira nikenure. Abatware badusiguriye ko ata mwimbu urekuriwe kurenga intara n’iyindi.
Mbega ko numvise kw’iradiyo bavuga ngo isukari ihinguriro SOSUMO ritanga ikwiye ahubwo ko abajejwe intwaro ari bo batavyifatamwo neza mu gukurikirana ingene itangwa, ntibatwarwa n’uwo mushikiranganji ? Numva noneho ngo n’amakoperative ku mitumba baguma bayongera amafaranga naho aba yarahomvye. Muratubariza amamiriyoni uwo yasubiriye yari yavuze ko yanyitse akagenda amazimayongo ko yoba yarasubijwe. Sinzi ko abikurikirana.
Nyenicubahiro, mfise ababanyi bo mu mugambwe CNL birirwa baridoga ko yababujije gukora. Sinzi ko mwibuka Perezida ukuntu uwo mushikiranganji mwashimiye yenyagurije abaharanira agateka ka zina muntu ngo batanga amafaranga mu migwi y’iterabwoba ariko ubutungane buheruka kubambika izera. Uwo niwe mushikiranganji akora ivyo mwipfuza bikabashika ku nyota ? Nizere ko atari mwebwe mwamuhisemwo. Ku bwanje, agashimwe mwahaye umushikiranganji Martin Niteretse iyo muraba uwundi mugaha.
Déo Rusengwamihigo na Albert Shingiro mwarabibagiye
Nyenicubahiro, nagira ndaginze ndabamenyesha ko nk’umwenegihugu wo ngaha ku gatumba nshimira cane ibikorwa vy’umushikiranganji Albert Shingiro. Ndazi ko namwe mutadeha ko mwashitse ku butegetsi Uburundi burabana urunuka n’ibihugu bitari bike. Ariko uno musi imigenderanire yifashe neza cane kandi ni uwo mushikiranganji mukesha amabanga muza murahabwa mu makungu.
Inama z’abakuru b’ibihugu ziheruka kubera mu Burundi n’izindi zimirije zari kubibutsa uruhara rw’umushikiranganji Albert Nshingiro ajejwe imigenderanire y’Uburundi n’amakungu.
Uwundi mushikiranganji mushobora kuba mutibutse gushimira, Nyenicubahiro Mukuru w’igihugu, ni Déo Rusengwamihigo aramutswa ubushikiranganji bw’abakozi ba Reta.
Naho hakiri utunenge two gukosora mu bushikiranganji bwiwe, ni we mushikiranganji yashoboye kugaruza mu kigega c’igihugu amafaranga Reta yahora ihomba agiye guhemba abakozi batabaho : abapfuye, abakukurutse canke batigeze bakukuruka. Abandi boba batabibona ?
Mu kurangiza, Nyenicubahiro murongoye Uburundi, nagira ndabasabe ubukurikira muze murondere uburyo abashimirwa botorwa kugira abenegihugu abe ari bo baca urubanza.