article comment count is: 0

Ibaruwa ku mukoresha: “Nyakwubahwa, ndarushe!”

Mu gihe abakozi b’ ibisata bitari bike vy’abikorera utwabo mu Burundi bamerewe nabi : bahabwa agashahara k’intica ntikize, bakora ata masezerano y’akazi bagira ndetse ntibavuzwe ntibanaziganirizwe, umwe muri bo yashimye kwandikira umuyobozi mukuru [wa Sosiyete yafashe ko iserukira ico gisata] agaragaza umubabaro.  Ibaruwa.

Nyakwubahwa muyobozi mukuru, 

“Noshobora gute kugaburira umuryango wanje mu cubahiro? Novuza gute uworwara mu muryango wanje ? Mbe yemwe nzoshobora kurihira umwana ishure nawe aze agire kazoza kamubereye ?” Ivyo bibazo ndavyibaza buri musi. Uyu mwanya, nshimye kubibashikiriza biciye muri rino baruwa.

Ego, ndarushe no kuvyuka buri gatondo kugira ngo nkore akazi yamara impembo ndonswa ikaba intica ntikize, ikaba idashobora no kumfasha mu vyo umuryango wanje unkeneyeko kandi ari jewe mirukiro yawo. Ndarushe no kubona ko mu gihe mfise uruhara runini mw’iterambere ryanyu, jeho ndushirizaho kwinjira mu manga y’ubukene. Ndubatse, nkaba mfise abana babiri. Ariko hageze aho bingora kugaburira umuryango. Ibiciro vy’ibintu nkenerwa mu buzima bwa misi yose  vyaraduze birusha ububasha umushara mumpa. 

Kubera ntonda amasaha  nka yose ku mirimo yanyu, nahora ngerageza kwiyungunganya mu kudandaza “Lumicash” nshitse muhira, canke uturengarenga none ntibikinkundira. Mwaraye munyankiye ko ndabikorana n’akazi kanyu. Ngiye kuba uwa nde ? Abana babiri mfise, biga mu mashure y’intango kubarihira ishure vyambanye umuzi w’ibuye, icibagiwe co ni ivyambarwa vy’ishure.  Erega nisanze nsigaye ntagira ic’epfo n’ica ruguru. Ndwaje canke nkarwara  bigiye kumbana amananiza. Icibagiwe co ni nyene inzu. Gufungura ho ni ku magendera. Ubu ho no gushika ku kazi kanyu bigiye kunanira narirya kwiyunguruza bitoroshe. 

Umushahara utajanye n’ibihe tugezemwo

Murabizi neza, umushahara udashika BIF 100 000 uragoye gukoresha ukariha ivya nkenerwa vyo mu buzima muri bino bisagara. Ibiciro vy’ubuzima vyaraduze cane mu gihugu cacu,  ariko umushahara wagumye ari wawundi. Ikiro c’umuceri cavuye ku BIF 4 500 kija hafi ku BIF 8 000 bivanye n’ubwoko bwawo. Icupa ry’amavuta na ryo nyene ryarashitse ku BIF 14 000. Amafaranga y’ishure y’abana, … ntaco nkivuga. Ariko rero muyobozi, umushahara wanje ntiwahindutse. Twosigura gute ko ishirahamwe nk’iryacu, ririko ryerekana iterambere rishimishije, ridashobora gusubiramwo umushahara w’abakozi baryo kugira ngo bashobore kubaho ?

Nkorana umukanda mu nda

Iyo nkoze ikosa, ntimwibuka ubuzima ndimwo.  Nca ntegekwa kwishura kugira ngo ntibancire urubanza rw’uko ndi uwuhomvya isosiyete. Rimwe na rimwe, ukwezi kurashobora guhera kwose ntahembwa kubera hari icazimiye mu vyo mwanshinze mu bikorwa vyanje vya misi yose. 

Jewe iyo mvuye ku mirimo yanyu, nshika bwije ntashobora kubandanya niyungunganya mu gucuruza ama “unités” canke gutembereza ivyamwa mu masaha yo ku muroba. Ariko hari aho ngerageza kugira mbone kubeshaho umuryango ngatembereza ivyamwa mu masaha y’umugoroba hamwe n’ijoro.

Iri baruwa rero si ikirego gusa, ni n’ikibazo: ni ibiki mushira imbere? Iyo mutubwiye ko mwaronse inyungu nyinshi cane, ayo mahera aja hehe ? Mbega vy’ukuri ntibishoboka ko bene kubira akuya nabo bakuhagirwa ? Sindiko ndahakana ko ata gikorwa ariko nipfuza kumenya ni ryari mushiramwo ineza y’abakozi banyu ? Mu yandi mashirahamwe, hariho ingingo zafashwe zihariza umukozi: kwongerwa umushahara bishingiye kw’iduga ry’ibiciro, ukuvuzwa kuri bose, … Kubera iki atariko bimeze hano muri sosiyete yacu ?

Nyakwubaha mukoresha, sindiko ndasaba amananiza na mba. Wibuke ko ukoresha abantu batunze imiryango. Kandi burya nawe vyokugirira akamaro kuko umutwe w’umukozi utekanye, umwimbu wawe wokwigwiza na kabiri. 

Nyakwubahwa, nizere ko iri baruwa mutazorifata nk’igitero, nyabuna wumve ko ari akamo k’ umukozi arushe, ahagaritswe umutima n’ingorane z’ubuzima, adashobora gukora neza. Ntakubeshe nyakwubahwa, umbabarire menere inda ku rukumu : Ndarushe ! Ndarambiwe ! “I’m fed up!”.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion