Mu Burundi, imyiyamamazo y’ amatora y’abashingamayeka n’abajenama b’amakomine iriko iraba ukuri kwamye. Imigabo n’imigambi, imvugo n’amasezerano y’abahiganwa bisosera amatwi y’abazohunda amajwi abitoza ntiworaba. Baravuga, n’igishika cinshi, bene amajwi bagatega amatwi. Ariko ikibabaje ni uko na bo badatanga umwanya wo kwumviriza bene gutora. Uyu mwanditsi akibaza nimba “hatoba hari agahaze”, bituma yandika iri baruwa.
Barundi namwe Barundikazi,
Benshi muritaba imyiyamamazo y’abo muzohitamwo bazoserukira mu kiringo kiza. Ni akamo muterwa kandi ni uburenganzira muhabwa n’ibwirizwa shingiro ry’igihugu. Ariko mu misi mike iyo myiyamamazo imaze itanguye, naretembereye mu bibanza bitari bike ibirori vyabereyemwo. Yemwe ni ukuri bari bashajije, umuziki uhayagaza abitoza, intambo n’ibindi birori utoraba.
Mu nyuma hakurikira imigambi. Abasaba amajwi bose baravuga, ukumva umengo nta cobuza badatorwa. Ariko icambabaje, ni uko hagati y’abiyamamaza n’abasabwa amajwi, hari ikirere kinini cane. Ego ni vyiza ko mwumviriza imigambi uyu canke uriya abafitiye, ariko namwe muzobatora, ikibanza canyu muri iyo myiyamamazo umengo nta kihari. Nabonye umengo ni nka hamwe tugenda mw’isengero uwurongoye igisabisho agasigura tukumviriza, agaheza akavuga ati: “Iryo ni ijambo ry’Imana !”, hanyuma abaje gusenga bati: “Ni ishemezwe!”
Mbega ubwo iyo migambi babashikiriza irabuze amakemwa ? Erega nimubabaze ko batariko bemera ubuki kandi batēgeka. Mu ntwaro rusangi, uwutora afise uburenganzira bwo kubaza uwo atoye kugira ivyo yemera abishitse. Nimwibuke kubabaza, kuko ibihe turimwo amajambo asosa si yo azotwubakira igihugu.
Akanya ni aka
Abarundi barayamaze bati: “Uwuja gutamba neza umubona agikenyera”. Rero n’uwuzokubera indongozi nziza umubonera mu kwiyamamaza. Ni yakwima ijambo muri iki kiringo, bizogorana kumushikira vyoroshe amaze kwicara mu biro. Ndabandikiye iri kete kugira ndabibutse ko namwe muri iki kiringo mufise uruhara rukomeye. Ni ho uzinjira mu kazu k’itora uzi neza uwakubesha n’uwavuga ukuri. Ubwo mubumviriza bose canke mwumviriza imigambi y’uwo mushaka gusa ? Erega n’urya wundi hari aho wosanga afise ico yokora gusumvya ivyo wabwiwe uyu musi.
Intwaro rusangi burya ntihagaze ku burenganzira bw’umwe. Oya ni kuri wewe usabwa ijwi n’uwurihabwa. Ariko ubu uko ndabibona, nta biganiro, nta guhanahana, nta no kuvuguruzanya mu nzira yubaka. Wewe uzotanga ijwi, raba ntube uwaje kurindira akavunamusase canke kurindira umunyenga gusa. Murafise uburenganzira bwo kubaza ibibazo.
Namwe mwiyamamaza
Imigambi yanyu ntawutoyishima. Ariko ico kiyago canyu gikwiye kubamwo uguhana ijambo. Ni mubasigurire imigabo n’imigambi yanyu, hanyuma mubahe ijambo na bo bashikirize ikiri ku mutima kuko imigambi yanyu boyunganira canke bakavuga bati aha mwatubwiye ariko hariho agahaze. Ku bwanje, iri kete namwe rirabaraba kugira iki kiringo ntikibe ico kubabwira gusa ariko kibe ico guhanahana ivyiyumviro.
Iyo migambi yanyu, hari abo numvise banuganuga ko bayifiseko ibibazo bitari bike. Ni uyu mwanya nyene wo kumenya ico biyumvira ku migambi yanyu. Bahe akaryo ko kubishikiriza.Wosanga hari n’ivyo bakeneye mwoshira mu migambi.
Barundi, Barundikazi, muntunge mumburane. Kwari ugukeburana, kumbure ntihabuze uwuntahuye. Amatora meza.