article comment count is: 0

Covid-19: uwo ikiza kidahitanye kiramuhitaniza ?

Mu gihe  ibitigiri vy’abandura ikiza ca Koronavirisi biguma vyiyongera mu gihugu cacu, icibonekeza ni uko urudandazwa rw’udupfukamunwa ruri mu vyagwiriye cane. Si urwo gusa, abandandaza bo kw’isoko benshi bita “kuri Cotebu » bemeza ko kuva  iyo ndwara imenyekanye mu Burundi, abatari bake bariko barabukura mu cibo uko bitahora.

Kw’isoko, ku bituro vy’amabisi, ku mabarabara makurumakuru  n’ahandi, usanga abatembereza ibidandazwa bafise umukama w’udupfukamunwa bakoka abakiriya bababwira ko bafise ubw’amabara yose umuntu yipfuza. No ku tuzembure turi hirya no hino mu gisagara ca Bujumbura, hambavu y’ibindi bidandazwa vyari bimenyerewe, agapfukamunwa ntigahara. Ndetse baranagerageza bakagashira ahabona. 

Ahari abashona bakoresheje ivyarahani hoho, ubu ibipande vyahora bisigara ku mpuzu babarira baca babikoramwo udupfukamunwa tudandazwa hagati y’1000 n’2000. Bamwe bakora utw’umuderi dukundwa cane abandi bagakora udusanzwe, ariko ikigaragara ni uko urudandazwa rw’udupfukamunwa rwijukiwe cane. 

Hari n’ibindi vyijukiwe

Ushitse kw’isoko rizwi kw’izina ryo “kuri Cotebu”, ahasanzwe handwa imboga nk’irengarenga, amashu n’izindi, uhasanga abandandaza banze indimu, tangawizi hamwe n’ibirundo vy’amababi y’imikaratusi. Ivyo na vyo ababidandaza bagahamagara abakiriya bavuga ko biri mu bivura ikiza ca koronavirusi gihanze isi muri ino misi. 

Amababi y’imikaratusi ni kimwe mu bitari bimenyerewe kw’isoko. Ariko nk’uko abayadandaza babivuga, ni yo yijukiwe cane. Sabiyakira Yvette, umwe mu bayadandaza akagira ati: « Nshobora kuronka abakiriya bari hagati ya 20 na 30 ku musi baza barondera amababi. Uwo musi nanje menya ko twe n’abana tubukura mu cibo. » Ibiciro usanga bitandukanye, kuva ku mafaranga 500 n’2 500 ku gatekero kamwe k’amababi.

N’igiterwa ca gingembre benshi bazi nka “tangawizi”, co kimwe mu biterwa biva mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya ntivyasigaye inyuma. Ribakare Mathieu asanzwe akora urwo rudandazwa wewe avuga ati: « Nshobora kudandaza hagati y’ibiro 10 na 15 ku musi. Ivyo tutari tumeyereye kubona ico kiza ca covid-19 kitaramenyekana aha mu Burundi. Iyo ataba Korona, ibidandazwa nk’ivyo twahora tubiteteranwa ». Eka n’abadandaza indimu ni uko.

Turadandaza ariko…

Naho incabwenge Hippocrate ivuga ko ingaburo yacu yari ikwiye ari yo miti ituvura, abihereza ayo mababi y’imikaratusi, izo ndimu n’izo tangawizi babikora mu ntumbero yokwikingira ikiza ca koronavirisi. Ariko abahinga mu vyerekeye amagara y’abantu bo bavuga ko birya biterwa ari ukuvyitondera, kuko ubushakashatsi bwemeza ko ivyo biterwa bitavura, ahubwo bigwiza ubukomezi bwo kwirwanira kw’umubiri w’umuntu. Hagati aho mu bushikiranganji bujejwe amagara y’abantu no kurwanya ikiza SIDA ntibasiba gutanga ingingo zibereye kugira dushobore kwingira bikwiye. 

Bakavuga bati: “Ivyo biterwa ntibikinga canke ngo bivure ico kiza. Ugukurikiza ingingo zitangwa n’ubushikiranganji ni yo nzira yonyene yo kwingira ico kiza. Nayo kuwumva y’uko afise ibimenyetso vy’iyo ndwara yokwitura ibitaro, ubufasha buhagije burahari. » Abaguzi bagure, abadandaza badandaze kandi biteze imbere, ariko twibuke kwibaza nimba ivyo tugura bivura canke bishobora kutugirira akamaro vy’ukuri.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion