article comment count is: 1

Ku basitanteri bashasha: “Ayo ni amabanga si ikiraka muhawe ! ”

Inyuma y’aho  abarongoye ama komine batorewe, n’itegeko ribagena mu mabanga rigashirwako umukono n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye, uyu mwanditsi ashimye kubuhirira n’aka kabaruwa ko kubakeza, kubahanura no kubipfuriza kurangiza ikiringo neza. Na kare barayamaze bati: “Inkware zisezerana mu masesa”.

Basitanteri mwaraye mushikirijwe amabanga. Narabonye ko mwatowe kurongora amakomine 42 ari mu ntara 5 zigize Uburundi. Ndabakeje, sangwa amabanga ! Bamwe muri mwebwe, mwahora murongoye amakomine ataraba manini. Muramenyereye uburongozi. Yamara ubu haragutse gusumba. Na bashasha, ntimuri abana muzobimenyera.

Narumvise kandi ivyashikiye umwe mu bari batowe muri komine Muhuta, Consolateur Nitunga, aho yakuwe ku rutonde ataratangura amabanga, hagatorwa uwundi. Ivyo sindabitebako, ariko munkundire dusubize amaso inyuma, maze tuhakure icigwa.

Murarangwa n’ubuntu, ubugabo n’urupfasoni

Ahanini igitumye ndabandikira basitanteri, ni kubibutsa ibango mugezeko n’amabanga bijanye. Ni vyo, gutorwa mwatowe, n’itegeko ribagena rirasohoka nk’uko bitegerezwa. Ivyo ni vyiza cane. Mugabo imyaka itanu irabarindiriye kugira turabe ubuntu, ubugabo n’urupfasoni mufise. Mwibuke, kare musitanteri yahora ari umunyamabanga w’inama mpanuzwajambo. Ubu siko biri. Azosuzumwa n’inama mpanuzwajambo, imusabe insiguro mu gihe yigenjeje nabi, bibaye ngombwa imubogoze. Ariko ivyo si vyo ndabipfurije. Ni mwebwe mujejwe gukurikirana uko imirimo mu bisata vyose mw’ikomine iriko irarangurwa. Aho novuga nk’indero, uburimyi n’ubworozi, imibano n’ibindi.

Mu kiringo giheze, abatari bake bari batowe 2020 ntibarangije ibiringo. Abenshi bakurwa kubera amakosa, canecane ajanye n’ubunyonyezi no gukingira iibaba abakora amakosa. Ivyo murashobora kuvyirinda. Ibikorwa bibarindiriye ni vyinshi. Ata n’imyaka ibiri irahera, abasitanteri b’amakomine nka Buyengero, Tangara, Kiremba, Mukaza, Bugarama, Mutambu Kanyosha, Nyamurenza n’ahandi bari bamaze kubogozwa. Hari abagirijwe kunyuruza ibikoresho vyo kwubaka inyubako rusangi mu ma komine, ibidandazwa nk’isukari, ibitoro n’ibindi.

Ivyo muhawe bikore ico vyagenewe

Ba nyakwubahwa basitanteri, ni vyo mugiye kuronka imodokari ariko si izo gukora ivyanyu. Si izo gusomba amatafari, imisenyi, amabuye, amase canke ubwatsi bw’inka. Ejo niyo mwava muri ayo mabanga, uwuzobasubirira azoyikoresha. Ni mwakora neza, ni iteka kuri mwebwe, nayo ni mwakora nabi, ico ceyi kizobakurikira. Si akanya ko gucengana n’inama mpanuzwajambo, buramatari, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu canke umukuru w’igihugu.

Murabungabunga itunga ry’abo mujejwe. Amatagisi ya komine niyo mwayegeranya, abe ayo guteza imbere komine. Bamwe muri mwebwe, murongoye amakomine atagira amazi meza ntihagire amatara. Urwo rube urugamba mwihaye gutsinda nk’ihangiro. Mwaraye mutowe muri benshi, erekana ko mushoboye, ntimumaramaze ababatoye.

Ingingo za 49, 50 na 51 z’itegeko rigenga amakomine, zirabereka uko inama mpanuzwajambo zibakurako amaboko. Sinipfuza ko mushika ngaho. Murakorera ababatoye, mububahe, mubumvirize.

Abanyagihugu barakeneye kwikorakorera  kuri rya terambere “ribavako rikabasubirako”, kuko ni mwebwe jisho rya Reta mw’ikomine. Basitanteri, umukuru w’igihugu yateye umukono kw’itegeko ribagena, ico yipfuza naho ntari mu mutima wiwe, ni uko mwomubera ibishigikizo, indongozi zitaho imyitwarariko y’abanyagihugu. Ico rero, si ikiraka muronse. Si ikibanza muronse co  kuruhuka no gutungiramwo.  Muriyumvira ku co abanyagihugu bobibukirako inyuma y’imyaka itanu murongoye komine. Nk’uko umuganwa Rwagasore yarivuze, bazobabonera ku vyo mukora.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)