Mu ntara ya Rumonge, ukwenga amavuta y’ibigazi hamwe no kwimba amabuye mu nzuzi zisuka mu kiyaga Tanganyika birabangamiye ibidukikije. Hamwe rero ata cokorwa, ingaruka zishobora gukora ku Barundi benshi. Naho rero ivyiyumviro n’imbigambi kucokorwa bihari, ivyo ntibihagije nk’ukwo Ndayisenga Pascal […]
Pascal Ndayisenga
Rumonge: kuki abagore batitabira umwuga wo kuroba ?
Tumenyereye ko umwuga wo kuroba ukorwa n’abagabo eka mbere iyo bishitse ukabona umuntu w’umugore ahegereye icambu c’abarovyi aba ari muri bamwe bafasha abarovyi mu kubazanira nk’imfungurwa canke utundi bakeneye. Pascal Ndayisenga yaravyihweje hama yigira inama yo kumenya imvo zituma abagore […]
Rumonge : Imvo zitatu zituma baharika cane
Igisagara ca Rumonge ni kimwe mu birangwamwo cane umuco w’uguharika. Ivyo rero bigasinzikaza cane ubuzima bw’ingo n’imiryango. Ndayisenga Pascal aratwiganira imvo zimwe zimwe zituma uwo mugenzo ushinze imizi mw’ico gisagara.
Rumonge : ingingo izotuma icamwa ca mandarena kizimangana
Mu gihe haheze imyaka yababa itatu, mu Burundi hasohotse ingingo ibuza gushora ibifungurwa bimwe bimwe hanze y’igihugu, bamwe mu bakomerekejwe n’iyo ngingo ni abarimyi n’abadandaza b’icamwa c’umucungwe wo mu bwoko bwa mandarena, mu ntara ya Rumonge. Ndayisenga Pascal aratwiganira uko […]
Igisagara ca Rumonge coba kibuze iki kugira gitere imbere ?
Igisagara ca Rumonge cahoze kiza ubwa gatatu mu bisagara vy’Uburundi, ariko ubu kigeze mu kibanza ca kane. Kigenda gisubira inyuma. Yamara, « nimba hari igisagara cari coroshe guteza imbere, ni Rumonge », Ndayisenga Pascal arerekana ingene vyogenda.
Gitega : umwigisha yateye inda umunyeshure wiwe, mu nyuma arondera kumwicisha umupanga
Hari umwigisha wo kw’ishure shingiro rimwe ryo mu ntara ya Gitega yagirizwa gutera imbanyi umunyeshure yigisha ; bimaze kumenyekana, uwo mwigisha aca ahitamwo kumwica amutemesheje umupanga. Ndayisenga Pascal aratwiganira ido n’ido ry’iyo nkuru.