article comment count is: 0

Ko ibiciro vy’ibitoro vyadugijwe, agashahara k’abakozi ba Leta ko gute ?

Haraciye imisi mikeya ibiciro vy’ibitoro hamwe n’ivy’ukwiyunguruza bidugijwe mu gihugu cose. None Masumbuko Beda arabaza ikibazo ati : « ko imisi yose iduzwa ry’ ibiciro vy’ibitoro rituma ibintu vyose ku masoko biduzwa, agashahara k’abakorera Leta nako kazoduzwa ryari ? »

Nta myaka myinshi irangiye ntanguye gukorera leta, nkaba ndi umwigisha. Mpembwa amafaranga ibihumbi ijana na mirongo itanu ku kwezi. Ayo ni yo ntegerezwa kurihamwo inzu mpanze n’umuryango wanje, ni yo nkuramwo imfungurwa za buri musi, n’utundi twa nkenerwa.

Naho nyene ba sokuru bayamaze ngo « nta wumenyera akaziri », jeho data wanje nasa n’uwamaze kumenyera ubwo bukene. Ehe ! Hagira ngo harageze iyinga rya nyuma ry’ukwezi, nkikora kw’ibanki mpemberwamwo, bakampemba ibice 90% vy’umushahara noheza nkaronka mu mpera z’uko kwezi. Gutyo, mba mpisemwo guheba ivyo bice 10%, hako umuryango usinzikazwa na kigoyi. Ni nko kurya umurwazo. Sindi bwikore ku bo dukorana, kuko tubaye mu buzima bumwe twese, canke bene urudandazwa, abo icizere basigaye badufitiye nk’abigisha si ikirenga, kuko nyene bazi amikoro yacu uko yifashe.

Ubu rero ibiciro vy’ibitoro vyaraye bidugijwe, ivyo kwiyunguruza mu gihugu cose uko. Bisigura ko n’ivya nkenerwa bitubeshejeho bizotegerezwa kuduzwa vyose. Abigisha tugiye kuba aba nde ?

Ivyo ukwiteza imbere vyo, ni akayazwe !

Mu mezi atatu ya mbere y’umwaka w’2017, haravuzwe cane iduzwa ry’ibiciro vy’ibintu nka vyose ku masoko. Yamara agashahara k’umukozi wa leta, na cane cane umwigisha, kagumye ari ka kandi. Mu mpera z’umwaka naho, haca haza wa mugambi wa leta wo gushwiragiza abigisha aho badakwiye, ivyo bikaba vyaje  gusongera isibe ku batandukanye n’imiryango yabo, kuko igiciro c’ubuzima baciye basanga cigwije hafi na kabiri canke mbere karenga. None n’ubu basubiye kuduza !

Akazi k’ubwigisha, iyo nyeneko ashatse kugakora neza nk’uko bisabwa n’amategeko, nta kindi gikorwa c’iterambere uheza ng’ukabangikanye. Uhera mu gatondo ka kare uri ku mirimo, ukaza gutaha ku muhingamo. Maze inyuma y’umurango, ugasanga uriko utegura inyigisho uzotanga aho bukera. Kira noneho, n’umutahe wo guherako mu kwiyungunganya ntaho uba uri buve.

Kuko ukwezi gusigaye ari kurekure ku mwigisha

Navuze cane umwigisha kubera ari ho nshikana amaso. Yamara nta mukozi wa leta wo ku rwego ruto nibaza ko yorohewe. Kuko amatwi ansumira, nta wuheruka kwongerwa agashahara.

Igihe ibiciro vy’ibintu nka vyose vyaduga ku masoko, mu mwaka w’2017, Abarundi batari bake barakomye akaruru bati « ubuzima bugiye kurushirizaho kuzimba ». None ubu tugiye kuvuga gute ?

Uko biri kwose numva nosaba leta, yo mukoresha wacu, kutwiyumvirako. Ibiciro ntibisiba kuduzwa ku masoko y’ibintu nka vyose, amakori mashasha n’intererano zitandukanye bikomeza kuvuka, n’agashara duhembwa ku kwezi koduzwa. Nayo ahandi ho, ukwezi k’umwigisha gusigaye kumara imisi mirongo ine canke irenga, kuko nyene bisaba ko yama mu mugwazo w’amabanki kugira abeho n’umuryango wiwe.

 


Soma kandi:

Partagez-nous votre opinion

Nous utilisons des cookies pour vous garantir la meilleure utilisation sur ce site web.

En poursuivant votre navigation sur ce site, vous acceptez l'utilisation de cookies. Si vous souhaitez en savoir plus sur les cookies que nous utilisons, veuillez lire notre politique relative aux cookies.