Inyuma y’amajambo y’Umukuru w’igihugu aherutse guhererekanywa ku mbuga hwaniro aho avuga ko agahembo k’abakozi bo mu nzu ari ako kuziganya gusa, ataco bayakoza, uno mwanditsi we, mu kibanza c’umukozi wo mu nzu, yahisemwo kwandikira ba « databuja » na ba « mabuja » baryagagura abakozi babo. Agira ati: “Uko muvyibaza si ko biri.”
Jewe sinshimye ko aka kabaruwa kaba ak’Umukuru w’igihugu kubera arya majambo yavuze. Ni ukuri nta gashavu nomugirira kuko sindaba umukozi wiwe ngo menye uko vyifashe. Kandi nibaza ko uwukora ku kirimba, nawenu ngira imyidogo ntiyoba ingana n’iyiwacu dukorera abari hano. Akabaruwa kanje rero, ndakandikiye ba « databuja » na ba « mabuja » bacu mu makaritiye aha i Bujumbura, eka no mu bisagara vyo hagati mu gihugu sindabashira kure.
Bakoresha mwe, jewe n’abo dusangiye umwuga twama twatutswe ngo ntituzi ubuzima buzimvye kuko turya ku buntu, tukaryama ku buntu, amazi tukoga gusumvya ibiboko vyo muri Tanganyika kubera ko tutazi icitwa fagitire ya Regideso, tukamesa ku buntu, ngo kugera no kwiyugumura. Umuti w’amenyo dutora aho wibereye. Mama ngo agasosi k’inyama nitwe tubanza kwifata neza imbere y’uko databuja akaronka. Hari n’abarenza ngo, iyo dutanze akanyama kamwekamwe, kw’isahani yacu haba hariko zibiri canke izirenga. Ngo tuvyibuha gusumba ba databuja, n’ibindi vyinshi.
Ba mabuja bo mu kurenza urugero, harin’abaza kuraba ivyo twiyaruriye ngo turabacura mama wanje. Abandi na bo iyo dutetse twiza, akaba ari bo baza kwarura, bakaduha gusa bimwe twita ngo « babiri badatana mu ndagano » (umuceri n’ibiharage), canke bakaduha agafu ngo ducumbe. Ibindi ngo ntiturabeko, ni ivyaba nyenevyo.
Ariko iteka ryo turarifise
Twitwa menshi. Ariko, uko biri kwose turafise ubuntu bwo kutwubahira. Burya umuntu agukinjikira, akagukorera isuku ry’aho ubaye, akakurabira abana, akakurabira amatungo yawe, uwo muntu si uwo gufata minenerwe. Harya murataha mugasangabiri ku meza, inzu irasukuye neza, uduhuzu turagoroye, abana bafunguye, baryamye, n’ibindi, burya tuba twakoresheje inguvu zitari nke.
Mumenye ko burya kuva isaha imwe gushika isaha zitandatu z’umusase ucuritse umutwe mu mbabura, ubushuhe bw’amakara buca irya n’ino, ngo si ugutanga amaraso bikwiye. Aha simvuze bashiki bacu barera abana. Bobo intoki zihakwa kumyoka kubera ko bamesa umwanya wose, abana imugongo baguma barira.
Turababazwa n’ukuntu iyo mushitse i muhira, agakosa gato cane mugakakamisha, ukamenga nta kintu na kimwe tumaze. Mukadutuka mukatugotsa. Ivyo mukabikora imbere y’abana banyu. Ba nyakuntunga bica bibabera n’akaryo ko kutuburira indero kuko babibonera kuri mwebwe mudufata nk’abacakara. Ubwo muribagira ko bamwe muri twebwe natwe dufise imiryango, dufise abana n’abatambukanyi batwubaha ?
Ivy’agahembo bitaraza
Wawundi ati navuze ndazindwa mpakwa kwibagira icarimwo, icerekeye agahembo ni agahomerabunwa. Igihe cose muduhemvye agashahara (hari n’abatakaronka), mukunze kuvuga ngo “weho ni sawa. Amahera uhembwa ni ayo kuziganya gusa. None muri runo rugo, hari ico ugura? Vyose ntituguha? Mu bantu babayeho neza, mwebwe muri abambere.”
Mbega harya muduhemba angahe? Ntari hagati y’ibihumbi mirongo itanu n’ijana ry’amarundi ? Ni hangahe murenza iyo noti? Burya muribuka ko dufise imiryango ruguru iwacu? Muribuka ko hari abatuzeyeko uburaro n’uburamuko? Arya majambo mutubwira areteye agahinda.
Ehe namwe. Nka nje mfise abana babiri mperutse kurungika kw’ishure. Murabizi namwe ko ata makaye yahariwe abakene gusa. Isoko tuyisangiye twese. Imwe y’impapuro ijana, uko mwayiguze 3.500 vy’amarundi, ni ko naje nayiguze. Dufate rero ko umwe akoresha n’imiburiburi amakaye atanu, ni ukuvuga ko ari babiri, inoti y’ibihumbi 35.000 vy’amarundi vyaciye vyigorora. Aho sindashiramwo amakaramu, ivyo bambara, n’ibindi. Aho ntimwibagire ko n’imbuto yo gutera bayizeye kuri twebwe. Muribuka mbega ayo itike ryo kuduga rigezeko?
Bavyeyi, kurya mugira imigambi ya kazoza, natwe turayifise. Turagira amahangiro. Kandi turipfuza kugira aho dushitse tukahashikana n’imiryango yacu. Nta kibabaza nko kubona umuntu ageze mu za bukuru akiriko aranigana n’imbabura y’amakara, abana bamutuka nk’uko womenga ni umuntu ubuzima bwanse. Ivyo nta wovyipfuza. Burya muri ubwo buzima twipfuza rero, abadufasha kubushikako namwe murimwo.
Arya muduha atubana make nk’uko umushahara namwe ubabana muke. Ntituyaca umwano kuko aradutunze, ariko namwe ntimugire nka wa mugani ngo “iy’umworo iboneka agasamo” ngo mubone arya muduha ko ari menshi kuko ari “ayo kubika gusa”, atunze imiryango myinshi.

Tu dis connaître beaucoup de gens comme cet homme, réveille-toi et dis un mot comme ça si tu es battu. Je réveille ceux qui ont causé la mort. Je sais distinguer les choses, ce garçon-ci, ce garçon-là, et les autres. Un garçon, suis-je un garçon ? Ou était-ce interdit ? Si je ne te dis pas tout, tu seras maudit par un menteur.