article comment count is: 4

Uruhongore kama rwa Rusizi: ata gikozwe rurazimangana

Uruhongore kama rwo mu kiyaya ca Rusizi ni kimwe mu bibanza bikingiwe mu gihugu cacu. Ariko ikibabaje, rurabangamiwe n’ibikorwa bitandukanye vy’abantu bahegereye baguma bakivogera ku musi ku musi bikorera ibikorwa bibaza ko bibagirira akamaro, ariko batazi ko bariko baca ishami bicayeko. Muti gute ?

Mu mwaka w’2016, ikinyamakuru BBC Gahuzamiryango canditse ko mu bintu bitandukanye vyari bibangamiye uruhongore kama rwa Rusizi ico gihe, harimwo abubaka amazu hafi y’uruzi, abaropora umusenyi, abarimyi (amatomati, ibigazi n’ibindi biterwa) tutibagiye n’abahigi bari babangamiye ibinyabuzima biba muri urwo ruhongore.

Kugeza n’uno musi, ivyo vyari bibangamiye urwo ruhongore ntibirahinduka. Aho kugabanuka, vyateye vyunyuka. Abahiga baguma bahiga, imiriro ya nyakanga ni kwakundi nyene. Ikindi kibangamiye urwo ruhongore ni igwirirana ry’abantu baba mu micungararo y’iryo shamba.  Umwe mu barongoye abagenzi b’ibidukikije Sabushimike Mamereto akavuga ati: « Kubera abantu bagwiriye, benshi muri bo ntibagitinya canke ngo bihanganire kurengera ibidukikije mu kwiha ibibanza bibujijwe gukorerwamwo”.  Kukaba nkako rero; ibibanza bimwebimwe vyo muri urwo ruhongore kama bararurimamwo ukuri kwamye. 

Kandi amategeko yari ahari…

Kuva ku ntwaro y’ubukoroni, hariho itegeko rigenga ikingirwa n’igenzurwa ry’amashamba n’ibibanza vy’iratiro. Ivyo bikaba bigaragarira  mw’itegeko N° 1/02 ryo ku wa 25 Ntwarante 1985. Iryo tegeko nyene ryaremejwe n’ikigo OBPE (Office Burundaise de protection de l’Environnement mu mpunyapfunyo y’igifaransa) mw’itegeko N° 1/02 ryo ku wa 30 Ruheshi 2000. 

Si ayo gusa. No mu mwaka w’2011, itegeko N°100/3 ryo ku wa 1 Munyonyo 2011 ryaje gusubiramwo iryo mu mwaka w’2000, mu ngingo yaryo y’umunani, rirerekana neza imbibe z’urwo ruhongore. 

Hambavu y’ivyo, Reta y’Uburundi ifadikanije n’abajejwe guharanira ikingirwa ry’ibidukije mu Burundi ntibigeze bahengeshanya gusemerera ko urwo ruhongore rubangamiwe, ko rwokingirwa ku neza y’ibinyabuzima birubayemwo. 

Twisamburirako !

Uretse ko ivyo bikorwa bititura ibidukikije; n’igihugu kirahahombera Ibitari bike. Ibikoko bimwe bitahonejwe n’uruhigi rutemewe n’amategeko bica bihungira mu mashamba y’ibihugu bihana urubibibe n’Uburundi.  Ihunga ry’ivyo bikoko rituma ingenzi na ba mukerarugendo bataza kuratira ijisho muri ayo mashamba. 

Gutyo rero, igihugu kihahombera ibitari bike kuko abo nyene ari bo bahora binjiriza igisata c’ingezi amafaranga y’agaciro. Kira noneho n’abo babihungabanya barahahombera vyinshi cane. Imvura iratara, ahandi naho bakabura akayaga keza duhumeka. Wawundi ati “nyamwica iyo biva yarashe umuhanyi », natwe ni ko twabaye.

Naho Reta yashinze amategeko atari make akingira ibidukikije, ikiremwa muntu ntigisiba kuvogera ibibanza bikingiwe. Reta  irakwiye kwitwararika gusumba iyubahirizwa ry’ibidukikije, Natwe nk’Abarundi tukama twubuka akamaro amashamba adufitiye maze tukayabungabunga. Uruhongore rwa rusizi ni kimwe mu bibanza bikwiye kwitabwaho mu bindi vyinshi.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (4)

  1. Biru mvikana ko icogihongore kibangamiwe cane nukuraba abajejwe ibidukijije bakaraba ikintu nakora nukuri hagufi guko bigenda vyononekara kurushaho kandi birumvikana nimba ntabagicungera ugworuhongore ntiboreka kukibangamira ukobaahatse guko twese suko dukunda iterambere ryigihugu cacu

  2. Birababaje kubona abantu tuguma duhonya ibidukikije kd arivyo soko y’ubuzima. Mbona leta yobishiramwo inguvu ikabuza abantu be n’abo bavyonona.