Uruhongore kama rwo mu kiyaya ca Rusizi ni kimwe mu bibanza bikingiwe mu gihugu cacu. Ariko ikibabaje, rurabangamiwe n’ibikorwa bitandukanye vy’abantu bahegereye baguma bakivogera ku musi ku musi bikorera ibikorwa bibaza ko bibagirira akamaro, ariko batazi ko bariko baca ishami […]
Ibidukikije
Imiriro ya nyakanga : umengo nta cabaye, yamara…
Haraciye ukwezi kurenga gato, igihe c’ici kirangiye. Ivy’iyi miriro nta wigeze abica n’ikanda; nk’uko womengo nta cabaye. Ariko, aho mu ntara zimwe zimwe, na canecane izirangwamwo ubworozi bw’inka, imitumba yaraturiwe, bene kubikora bagamije kuronka imiyonga baragiramwo ku mutasuro. Naravyiboneye.