article comment count is: 0

Tanganyika n’itunga rikomeye ku Burundi

Tanganyika n’ikiyaga kizwi kw’isi yose. Eka mbere hariho n’abakizi batazi ibihugu bigikikuje. Nk’uko Oscar Niyonkuru abituyagira, ico kiyaga n’itunga rikomeye ku Burundi hamwe n’ibindi bihugu bigisangiye naho kititwararitswe nk’uko bikwiye.

Ikiyaga Tanganyika ni kimwe mu biyaga binini kw’isi. Kiri mu biyaga 12 birebire gusumba ibindi kw’isi yose. Kiza ubwa 2 muri Afrika ku buringanire, kikaza ubwa 2 ku burebure uja mu kuzimu kw’isi yose. Ni co kiyaga ca mbere kw’isi gitunze ubwoko bwinshi bw’amafi kandi aryoshe. Abahinga berekana ko Tanganyika gitunze ubwoko 325 bw’amafi. Muri bwo, 157 bwonyene ni bwo ushobora gusanga mu bindi biyaga vyo kw’isi.

Ico kiyaga gifise akamaro kanini cane. Kirafasha mu guhanahana ibidandazwa hagati y’ibihugu duhana imbibe. Aha umuntu yotanga nk’akarorero kuri Tanzaniya, Zambiya, canke  Repuburika iharanira Demokarsi ya Kongo. Hambavu y’ivyo, ico kiyaga kirahurumbirwa cane n’ingenzi. Ivyo navyo bituma igihugu kiharonkera amafaranga y’agaciro. Ntawokwibagira ko amazi akoreshwa mu gisagara ca Bujumbura ava ahanini muri ico kiyaga. Ariko rero naho biri ukwo, hari vyinshi bikigeramiye.

Imyanda yisuka mu kiyaga Tanganyika

Igisagara ca Bujumbura ni kimwe mu bisagara vyubatswe ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika. Amazi mabi ava mu mazu hamwe no mu mahinguriro arabangamiye cane ico kiyaga. N’ubwo Leta yubatse ibinogo vyo kuyungururiramwo iyo myanda, ubu vyaramaze kurengerwa. Ivyo vyatumwe n’uko igisagara kiguma caguka buri munsi. Ibice vyaco vyose ntibifise imiringoti ishikana imyanda muri ivyo binogo maze igaca yisuka mu kiyaga.

Ivyo rero biraheza bikunyurwa n’amazu yubakwa hatisunzwe amategeko kuko abangamira inkengera za Tanganyika akongera akongereza iyo myanda. Mu gihe amategeko yavuga ko umuntu yubaka n’imiburiburi ku metero 150 uvuye ku nkengera y’ikiyaga, henshi ntivyubahirizwa.

None iyo nyifato yoba ifise ingaruka izihe

Duhereye ku myanda yisuka mu kiyaga, ivyo birabangamira cane ibinyabuzima bihaba. Amafi menshi ata amagi kunkengera z’ikiyaga. Aho naho niho ya mazi mabi yose yisuka. Uko imyanda irwira, niko amafi amwe apfa ayandi akimuka. Abanyagihugu twaganiriye baba iruhande y’ikiyaga baremeza ko ubwoko bume bumwe bw’amafi butakiboneka. Eka ngo, no ku zisigaye, umwimbu utera ugabanuka.

Akagohe kuri abo bose vyega

Buri gihugu cose kirafise amatunga usanga ciharije ariko hakaba n’ayandi gisangiye n’ibindi bihugu. Aha umuntu yovuga nk’ibiyaga n’inzuzi. Ivyo vyose iyo bitunganijwe neza, igihugu kiratera imbere. Misiri ni igihugu co gufatirako akarorero kuko cashoboye guteza imbere uburimyi kubera uruzi Nili gusa gifise. Abarundi twese twari dukwiye kwitwararika iryo tunga twahawe n’Imana mu gukingira ico kiyaga n’ibikibamwo. Abubaka bidaciye mu mategeko bomenya ko bitebe bitebuke ingorane zizobagarukako. Nayo abajejwe kwubahiriza amategeko bakwiye gukora ibishoboka vyose kugira ibidukikije bikingirwe. Ni twamenya kubungabunga neza amatungo yacu, tuzotera imbere tureke kwama tuzera inze, nakare bavuga ngo «akimuhana kaza imvura ihise».

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion