article comment count is: 2

Ku bimirije gushinga umuryango: ng’izi impanuro zobafasha

Abageze mu bigero, bimirije kurushinga, barafata akanya gakwiye ko kumenyana kugira bategure ukubana kwabo. Ivyeze ubu, kubera ubwoba n’amakenga y’ibishobora kuba bamaze kubana, ico kiringo birashika kikaba kirekire cane, rimwe na rimwe bigatuma abakundanye baheza nabi. Ariko n’aho biri uko, hari inyifato zishobora gufasha umuntu kubibamwo neza, akarushinga ashize amakenga. Umuco.

Abantu iyo bakundana, na canecane igihe bamaze gupfundika ijambo ryo kwubakana, umwe wese aragumana amakenga, kubera ingingo yimirije gufata. Ivyo birumvikana cane, kuko nta n’umwe aba azi akari mu mutima w’uwundi. Ayo makenga ashobora gutangura afatiye ku tuntu duto cane, bigateba bikagera aho bicika umwitwarariko. 

Ubwo bwoba bushingira ku bitandukanye. Kiretse ibibazo rusangi vyerekeye ubutunzi, hari  n’ikindi gihambaye cane cerekeye umubano, ari naco kigwiza umwikekano mu bakundana, ndetse kigatera n’ibibazo vyinshi. 

Mu gihe rero umuntu afise ibibazo nk’ivyo, akabiburira inyishu, hari ibintu bimwebimwe vyomufasha kurengera ubwo bwoba, akubaka urwiwe.

Kumenya ivyo afiseko amakenga

Ibibazo bimwebimwe vyo kwibaza mu gihe wumva ufise ubwoba ni nk’ibi: “Mbega hari incuti canke abagenzi bahukanye bikambabaza cane ? Hari uwo twahebanye twakundana bikankora ku mutima ? Noba mfise ingorane zo gushitsa amasezerano n’aho hoba mu tuntu dutoduto ?  Mbega ndemera ko kwubaka urwanje bishoboka, tukibanira akaramata imyaka 60 canke iyirenga ?”

Ivyo bibazo ni ngirakamaro cane.  Bifasha kuronkera inyishu ibitari bike, imbere yo gufata ingingo yo kwubaka urwawe canke kwankira uwo musangiye uwo mugambi. Ico kwitondera, ni ukumenya nimba ibibazo usanganywe bihambaye canke ari ibisanzwe ndetse ukanibaza ico urugo rwanyu ruzoshingirako kurusha ibindi: kuvyara abana, kwitaho akazi kurusha, amafaranga, kwibera mu birori, n’ibindi.

Kurondera ico muhuriyeko

Ikindi gifasha cane kugabanya ubwo bwoba ni ukumenya ko hari ivyo muhuriyeko n’ivyo mudahuriyeko. Ukamenya ko mu buzima bukurikira ivyo bintu bizogumamwo ariko ivyo mudahuriyeko ntimubihe ikibanza kinini gusumba ivyo muhuriyeko. 

Aho niho uheza ukibaza ibibazo uti: “Mbega tubona kumwe ivy’iryo banga tugira dushikeko? Ntasa n’uwohava ampemukira? Mbega turatahurana tukagiriranira imbabazi? Turaganira? Mbega umwe wese arashobora gufata ingingo yo kubivamwo ko tutararagana? Nimba tutizigiraniye biva kuki?”

Kwihanganiranira

N’aho mworara muraba intore gute, mukaba abantu b’agatangaza, ntihabura ako mudahurizako mu migenderanire yanyu, eka mbere no mu rugo. Ivyo birasanzwe, kuko nta muntu n’umwe ari mweranda, kandi umwe wese ameze ukwiwe. Ivyo ntivyogutera ubwoba kuko bitegerezwa kubaho.

Ico woraba kugira ubone ko urukundo rwanyu rwifashe neza ni uko wumva uri umuntu yuzuye, ukizigirana n’uwo mwashimanye, n’aho bizwi ko bitabuza amadidane. Ni nk’uko n’aho uba ufise akanyamuneza bitabuza ko haba ibindi bihe ukababara, mugabo rikaba rya shavu rimara umusi ritamara umwaka. 

Wewe wimirije kurushinga, ntuhagarike umutima cane. Ni ibisanzwe kandi birumvikana ko gufata ingingo yo kwubaka urwawe bitera ibibazo mu mutima. Ntuba uzi ivyo kazoza kabategekanirije. Ariko rero wogumya umutima mu nda, ugashira ubwoba, ugakomeza ugutahurana n’uwo mukundanye, ntujane nyabahururu kandi nyene ntumufate nk’igikoko c’ikiryanyi ngo bihereze kubatandukanya. Urugo rushingiye ku mwumvikano no kubabariranira nta kintu kirukomakoma.

PS: Murashobora kubanda muvyisomera aho twabikuye.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (2)