article comment count is: 2

Ingemu ya Nyakwubahwa: umukenyuro wa politike

Kenshi na kenshi turakunze kwumva abategetsi batandukanye bagendeye abanyagihugu mu bice bitandukanye vy’igihugu, mbere bakagenda bitwaje n’agaseke karimwo ingemu iruhande y’ijambo riba ryabajanye. Uwo mugenzo woba uva kuki? Ufise akamaro ki? Spageon Ngabo arabica hirya no hino.

Mu migenzo y’ikirundi, iyo umuntu agiye kuramutsa incuti agenda yikoreye ishishiro, hama iyo hageze kw’ahindukira, abo yaramutse agendera baramutekerera ikintu mu cibo cazanye rya shishiro ari navyo twita “gusubiriza mu ndumane”. Aha rero umuntu yokwibaza nimba koko ba Nyakubahwa bagemurira umunyagihugu kubw’umugenzo; mbere ikibazo gica kivuka ni: boba bashaka k’umunyagihu abasubiriza mu ndumane? Iki?

Ku rundi ruhande, birakunze kuvugwa ku banyagihugu b’ibihugu biri mu nzira y’iterambere, harimwo n’Uburundi, bugarijwe n’inzara, aho usanga babira icuya kirenze kugira bafungure rimwe ku musi. Ivyo bikaboneka mu vyegeranyo vy’ibisata bimwe bimwe vy’umuryango mpuzamakungu ONU nk’icitaho indero UNESCO canke icitaho abanyagihugu UNFPA. N’ubundi aha umuntu yokwibanza nimba koko iyo ngemu yoba igamije guha abo benegihugu ico bafungura canke nyene kubamara iyo nzara ibugarije.

Mbega har’icohinduka kijanye n’uwo mugenzo?

Kubwanje, iyo ngendo y’uko umutegetsi agemurira umunyagihugu ndayibona nka ya yindi yo gutanga igiturire. Ndayibonamwo cane ibiharuro vya politike gusumba umugenzo w’ikirundi canke kugwanya inzara mu bantu. Mbona kw’ahubwo bigamije guha igifukamunwa abanyagihugu canke kubasamaza kuvyo babona bitagenda neza canke guhuma amaso umunyagihugu ngo baramukunda kandi bishakira ijwi ryiwe gusa muri kazoza.

Umugani w’igishinwa niwo uvuga ngo “hak’umpa ifi, nyigisha ingene ndayiroba”. Igikwiye gukorwa mu kibanza c’iyo ngendo, n’uko abategetsi boshira inguvu mu gutunganya no mu gushira mu ngiro imigambi y’iterambere, na cane cane mu gisata c’uburimyi.

Nk’akarorero, aho gufata abanyagihugu bo ku mutumba kanaka ngo babahe ibiro cumi cumi vy’umuceri, mbona bohabwa umufundi w’indimo, akabigisha kurima neza, akabarabira ivy’isi ndimwa ikeneye kugira yimbuke neza, gucagura imbuto n’ibindi vya nkenerwa. Kanatsinda, ba sokuru barayamaze ngo “inda uyibwira ico wayirarije ntuyibwira ico wayihaye”.

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (2)

  1. Spageon Ngabo,unyibukije Igihe C,imyiyamamazo Aho Wasanga abana n,abagore tutibagiye abagabo ,iyo bumvise umugambwe uzogendera mw,ikomine yabo bashobora guta ibikorwa n,igitungwa cabo kikirirwa kitariye aho rero bahurumbira imigambwe itanga inzoga nyinshi n,ivyambarwa kubagore.ariko rero ntakibabaje nkukwirirwa urindiye icupa rimwe ry,urwagwa canke abiri aho yokoze ivyo umuryango woshobora gufungura iminsi irenga cumi.none abarundi bafise ivyiyumviro nkivyo boshobora gutera imbere gute?turakwiye gutandukanya icatsi n,ururo niho tuzotera imbere ,mbere tugateza imbere n,igihugu cacu.

  2. abarundi turashonje cane nico gituma ubona ibi vyose bihari kandi murabona dufise nabanyagihugu benshi batize rero kubonako umuntu abashaka kwikintu atari urukundo rumugenz birabagora cane.kandi ivyo bizotugora kugwanya.murakoze