Mu mayagwa n’imigenzo vy’ikirundi, hari abemeza ko umwana atanguye guhoha ategerezwa kuvuga se wiwe; ati: “da da da”. Bishitse akavuga nyina, bakagira bati ni agasema mu muryango. Ni uwundi mugenzo ucinyiza abakenyezi.
Imiryango
Kuki abavyeyi ata kinini bagifasha mu bugeni bw’abana babo ?
Tuvyiga mu mashure no mu biyago vy’abakurambere, ko aho hambere hahise, umusore yagera kwubaka urwiwe, maze se akamutunganiriza ivya nkenerwa vyose ; hama akamusohora. Ubu si uko bigenda ; aho kumufasha, umuryango womengo ushaka kumuremera. Mbega ivyo ntivyohinduka ? Akabaruwa ku bavyeyi.
« Abagabo bacu bapfuye, twaciye turongorwa na barumuna babo »
« Guhonora », nk’uko tubiyagirwa na Elie Sadiki, umwigisha mu gisata c’indimi n’amayagwa nyafrika, muri Kaminuza y’Uburundi, ni umugenzo w’ikirundi w’aho hambere, aho serugo yitavye Imana, umupfakazi yaca arongorwa na murumuna w’umuhisi. N’ubu biracabaho. Twaraganiriye n’abo vyashikiye.
Ingaruka mbi z’ukuvyara benshi mu muryango
Mu Burundi bw’aho hambere, eka n’ubu nyene kuri bamwe bamwe, umwana yaboneka nk’itunga ritagereranywa. Kuvyara benshi kari agateka ku bavyeyi, eka no ku muryango wose. Ariko rero ubu, ivyari magera vyarageruye. Umwana asigaye ameze nk’umutwaro kuri benshi kuko ategerezwa kwitwararikwa, […]