Mu buzima bw’igihugu, umuyagankuba ni karahara mu ruganda ntibacura. Regideso iherutse gutanga icizere ko ikibazo co kuwubura cakemutse, hari kw’igenekerezo rya 10 Mukakaro 2024. Imisi iraheze iryavuzwe ritarataha, uwu mwanditsi akibaza, n’umubabaro mwinshi, nimba Regideso itayaze amasigaracicaro, igahemuka kw’isezerano. Akabaruwa.
Igisagara
Amabarabara: hagati yo kuyasiga no kuyakora, icihutirwa ni ikihe ?
Amabarabara atari make yo mu gisagara ca Bujumbura ariko asigwa amabara, ayera canke ay’ibara ry’umutoto uhishiye. Bikaba bikorwa n’igisata kibijejwe, cegukira ubushikiranganji bw’inyukabo. Naho biri uko, abanyagisagara bo babona ko icihuta kwari ugusubiramwo amabarabara yose kandi neza, ugusigwa bikaza mu […]
Ukuba mu gisagara si ivya bose
Abantu batari bake barahurumbira kuba mu gisagara kuko usanga ari ahantu hari ubuzima buryoshe. Abenshi rero muri bo baribagira ko atari ivya bose kuhaba neza nk’abo tubona bahamererewe neza. Rénovat Ndikumwenayo arabituyagira akongera agatanga impanuro.