Amabarabara atari make yo mu gisagara ca Bujumbura ariko asigwa amabara, ayera canke ay’ibara ry’umutoto uhishiye. Bikaba bikorwa n’igisata kibijejwe, cegukira ubushikiranganji bw’inyukabo. Naho biri uko, abanyagisagara bo babona ko icihuta kwari ugusubiramwo amabarabara yose kandi neza, ugusigwa bikaza mu nyuma. Uwu mwanditsi aducisha muri amwe mu mabarabara abangamiwe kurusha ayandi.
Mu kuvuga amabarabara yifashe nabi, naho tutoyavuga yose ngo tuyaheze, reka duhere aho twokwita mu mutima w’igisagara. Aho bita kuri Palais des Arts. Uno musi, mu buraruko bw’inyubakwa z’ishirahamwe ONATEL, ahasanzwe hari Parking y’imodoka zija i Gihanga, intara ya Bubanza, hari ikinogo kinini gitera uruhagarara. Kugira ngo imodoka zishobore kuharengana, zitegerezwa kurwanira mu gahande kagikomeye. Aho hose batinya ko zigwa muri ico kinogo.
Utagiye kure yaho, ufashe ibarabara rija kuri Cathedrale Régina Mundi, hafi y’ibanki BCB, ibinogo biragaragara mw’ibarabara. Eka no mu bumanuko bw’iyo banki imbere ya Galerie Hakizimana, ibarabara ntiryifashe neza na gato. Igice kinini c’ibarabara imbere yo kwinjira muri parking yo mu bumanuko bw’igisagara, impande y’ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura, hasigaye hari ibinogo biteye ubwoba. Wokwibaza ko iryo barabara ritigeze risigwa ikaburimbo.
Kugira imodoka zishobore kurengana zitarwaniye mu ruhande rumwe, hari umwenegihugu agerageza gusukaho ivu. Mugabo biba ivy’ubusa kuko imvura iguye vyose irabitwara.
Si aho honyene dusanga ivyo binogo. Hafi y’aho bita kuri Librairie Saint Paul, kw’ibarabara ryitiriwe ukwikukira (Boulevard de l’Indépendance), naho bagerageje kuzibira ivyo binogo, kwabaye nko kuvomera mu kiva.
Ibinogo vyinshi biracibonekeza hafi yahahoze ibanki Finbank. Eka mbere umeze nk’uwubandanya aja mu Bwiza, hafi y’inyubako White Stone, ni uko nyene.
Amabarabara makuru asohoka igisagara hoho, nta wogenda atavuze ibarabara rya Kanyosha (RN3) ukuricamwo ari ugushira ishavu no gukomeza imbavu, utwaye ibintu bimeneka ntuhaca, abakenyezi bibungenze bo hari abahitamwo kwiyunguruza n’amaguru. N’irya Mutakura, irya Kanyoni, iryo mu Nyakabiga ryitiriwe Repuburika n’ayandi atandukanye ni uko.
Imodoka zirahasigara
Simon Bimenyimana, ni umwe mu bagendesha imodokari. Avuga ko barengewe. Akagira ati: “Birateye isoni n’agahinda. Aho twita ko ari mu mutima w’igisagara, amabarabara yaraheze. Imodoka zacu zirahacumukurira. Igitangaje, bariko baca imirongo, ukamengo ni yo tuzogenderako. Ni nde azokwemera guta imodoka yiwe mu kinogo kandi abona aho ashobora gukikiriza?”
Ku bwiwe, icari kuza imbere kwari ukwihutira gusanura ayo mabarabara imirongo ikaza mu nyuma. Yongerako ati: “Simbona n’akamaro k’iyo mirongo, igihe imvura iguye amabarabara aca yuzura amazi. None iyo mirongo umuntu azoyikwirikiza gute mu gihe huzuye amazi?” Akongera akananegura n’uko iyo ivyo bikorwa biriko birakorwa, bituma uruja n’uruza rugorana. Akabona ko ivyo vyotunganywa mu masaha yo mw’ijoro.
Gusanura ibirama
Simon Bimenyimana aragaruka ku bikorwa vyo gusanura amabarabara bimaze gukorwa, akababazwa n’ukuntu bitamara kabiri. Agira ati: “Ni amabarabara make yasanuwe akimeze neza. Inyuma y’amezi makeya hariko harasubirwamwo amabarabara, imvura ija yarasambuye ivyari vyasanuwe. Nta nkeka ko bikorwa ukudashemeye, kubera ko bitarama.”
Ivyo biri uko mu gihe igenekerezo rya 12 Mukakaro 2022, umukuru w’igihugu yatanguje isekeza ryo kuzibira ibinogo mu mabarabara y’igisagara ca Bujumbura vyiswe “Campagne zero nids de poule dans la voirie urbaine”. Umwaka ugira uhere, ivyo binogo n’ubu bicibonekeza henshi muri ayo mabarabara, vyaba ivya kera canke bishasha.