article comment count is: 2

Kuri Regideso : ko umuyagankuba uguma ucika, ya myaka itatu yaheze ?

Mu buzima bw’igihugu, umuyagankuba ni karahara mu ruganda ntibacura. Regideso iherutse gutanga icizere ko ikibazo co kuwubura cakemutse, hari kw’igenekerezo rya 10 Mukakaro 2024. Imisi iraheze iryavuzwe ritarataha, uwu mwanditsi akibaza, n’umubabaro mwinshi, nimba Regideso itayaze amasigaracicaro, igahemuka kw’isezerano. Akabaruwa.

Kuri Regideso,

Ndi n’iteka n’akababaro ntangere vyo kubandikira aka kabaruwa. Nanditse nisunze ihumure riherutse gushikirizwa na Martin Ndayizeye, umuyobozi ajejwe amasoko ntanganguvu mu bushikiranganji bubijejwe, mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru Jimbere. Yarasezeraniye Abarundi ko “kuva kw’itariki 15 Mukakaro 2024, tuzosezera ikizime giturutse kw’isabikanywa ry’umuyagankuba, mu kiringo c’imyaka itatu”. Birinze bishika agacika, yavuga ko “azoba ari icuma cononekaye”. Aho ni inyuma y’aho urugomero Kabu 16 ruzoba rwatanguye gukora neza, hakirindiriwe ko Rusumo Falls rutangura gukora. Vy’ukuri akamwemwe kari kadushwaye.

Nk’uwaseserejwe n’ivyo bihe bibi bibishe vyo kwama twiruka n’uko aducikiyeko, utwo wasumye dupfira muri baraganyata (frigo mu gifaransa), wambara agahuzu umenga kavuye mu kanwa k’impene kubera utashoboye kugorora, agaterefone kakuzimirako n’ibindi. Aho sindondaguye ubuzi bupfa n’amafaranga abakoresha umuyagankuba barondera icorirenza bahomba. Igihe rirya jambo rivugwa, abo bose bari bashize agati mu ryinyo ngo barishuwe.

Ejo bundi numvise imyidogo y’umubanyi ari muri abo bari bahimbawe. Ku mwaramo yari yasumye arisubiriza ngo azobishira muri baraganyata yibwira ko amatara atazocika, ubona ko ryari ryavuzwe n’umuyobozi. Na je nahora iyo ndayabonye ngorora uduhuzu nzokwambara, ariko nibwiye nti nzoja ndagorora iyishikiriwe kuko vyagiye mu buryo. None raba ivyo udukoze, mu mazone nka yose umuyagankuba ntuhengeshanya gucika!

Amasezerano adashika …

Nyakwubahwa Regideso, turarambiwe n’amatangazo yawe ! Vy’ukuri turakenguruka nta wobideha hari utwigoro mukora, ariko gerageza kuko haracariho agahaze. Ese iyo mupfuma musubira gutangaza, nk’uko mwahora, ko ya masezerano yabaye amasigaracicaro. Ntitwanse ko hoba harabaye ikibazo, ariko kurya mwari mwarungitse umuyobozi gutanga ihumure, mwari gusubira mukamutuma kuvuga ko basi “ivyuma bidasezerana”, tukabimenya kare. Kuva ubu rero ni ho ntahuye amakenga ya wa musomyi wa Yaga yandika ati : “Amakenga ntiyobura”. Bigaragara ko icizeye bagufitiye kiriko kirahera.

Ikibazo c’amasezerano adashika ku vyerekeye umuyagankuba si ic’uno musi gusa. Kuva mu mwaka w’2017, harabayeho amasezerano ko icikagurika ryisubiriza bivuye ku gusabikanya (système de délestage) ry’umuyagankuba risezewe burundu. Vyashikirijwe n’umushikiranganji Côme Manirakiza yari abijejwe ico gihe.

Urugomero “Rusumo Falls” rwitezweko MW 80, umushikiranganji Ibrahim Uwizeye yavuze ko “kuva muri Kigarama 2023 ruba rwatanguye gukora”. N’ubu biracari mw’igeragezwa. Ikibazo kigaruka ni kimwe : bipfira hehe ?

Uwuja gukira indwara…

Ntawutokwibaza igituma ikibazo c’umuyagankuba kiguma cisubiriza. Kuko naho za mashini 2 za Kabu 16 bivugwa ko zahejeje kwinjizwa mu muhora w’igihugu, ku bigaragara ni nk’aho ata cahindutse kinini. Ni za ntsinga z’imihora zishaje mwavuga ? Turakeneye kubimenyeshwa mwubahwa Regideso.

Ariko rero, naho ata wuzi aho vyapfiriye, turacafise icizere kuko amatwi ansumira za ngomero za “Kabu 16” na “Rusumo Falls” bitegekanijwe ko zizotanga MW 47 z’umuyagankuba wiyongera ku wari uhasanzwe. Icizere turacagifise ko bishobora gukunda ; naho imitima ya benshi yamaze kuzeruka. Ngasaba ko, imbere yo gutangaza ibizoba mutazi koko ko bizoshoboka, wobanza kugerageza, bikunze akaba ariho udusangiza agakuru keza. Ubundi ho, aho bigeze ku vy’umuyagankuba, turacarindiriye ukugirirwa neza n’Uhoraho.

Gusa rero uri uwanje sinoreka gushimika mu kugukebura: “Ha gusezerana ntushitse wopfuma ureka”.  Regideso nkunda, kandi ntegerezwa kuzokwama nkunda, kuko nkwitezeko amazi n’umuyagankuba, jewe n’Abarundi bose tuguteze yompi, turagusavye ureke kuduhenda. Regide, uno musi ndifuza kubona ico kibazo catorewe umuti burundu.

Murakoze !

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (2)