article comment count is: 14

Kaminuza y’Uburundi: «Narakubiswe ndashaya, ndanapfungwa ntazi ico nzira»

Mu vyivugo vyayo, Kaminuza y’Uburundi iti: “turi ikigega c’ubumenyi, urumuri rumurikira igihugu mu majambere.” Ariko, hari inyifato za bamwe mu banyeshure bayo zigaragaza ibitandukanye n’iyo ndoto. Kandi ugasanga na bamwe mu ndongozi bazifisemwo uruhara. Inkuru z’abanyeshure basinzikariza ubuzima abandi mw’ijoro, zahora zivugangwa nk’urukurukuru. Hari uwo vyashikiye ubuheruka, aratwiganira akababaro afise.

Ijoro riritereye, ntashe mvuye mu rubanza rw’umuvukanyi. Ni igihe c’isaha zine z’ijoro. Nshitse ku rwijiriro rw’ikigo ca kaminuza co ku Mutanga, aho nsanzwe mba, mbona abantu bari mu kagwi. Ngize ngo ndatambutse kabiri, numva barampamagaye. Barampagarika, mu nyuma banyaka ibindanga. Abo rero ntimwibaze ko ari abanyezamu. Nyabuna ni abanyeshure harimwo n’abo twigana mw’ishure rimwe.

Ndabaha ikarata karangamuntu, ikarata y’ishure eka n’iyinyemeza ko ntegerezwa kuba mu bigo vya kaminuza y’Uburundi. Umwe muri bo atangura kumbaza iyo mvuye. Nanje nti mvuye ku rubanza.  Uwundi ati: « Canke uvuye mu nama z’abavyonzi ? » 

Numva nguye mu kajembegete, ndabura ico ndabishura. Batangura kunsunagura, bampanahana. Umwe ati: “kubita intumva, izo ni za mujeri”. Imigere ku yindi, amakofe, inkoni,… ndakubitwa ndashaya.  Ndaboroga atawuri buntabare. 

Bidatevye, bamwe bankubita numva baterefonye, bavuga ko bafashe umugizi wa nabi. Uwo bahamagaye ashitse, ata no kumbaza n’ikintu na kimwe, yashitse ankubita amakofe. Aca anyuriza  n’imodoka ya kaminuza, mari mari no kw’izone mu Nyakabiga, kumpfungisha. Namazeyo indwi yose, mpomba ivyigwa, mpakwa no kuhasiga ubuzima. Imana icanye ngasohoka, nashikiye mu bitaro. Ubu ndiko ndatora akamitende. Icambabaje, nkiri ku musego, hasohotse itegeko rinyirukana mu bigo vya kaminuza.

Intuntu

Nkivyumva nagira ni ibihuha. Gushika jewe nyene ndavyibonyeko.  Ibaze namwe. Gukubitwa n’abogutabaye, utazi ico uzira. Ata kintu na kimwe wagirizwa vy’ukuri. 

Uwantanguye ikofe rya mbere yambwiye ati: “Iyo migambwe y’abavyonzi muzoyizira.” Ariko none, kuba mu migambwe itandukanye ni bibi ? None ko twese tutoherera muri umwe ! Noneho igihambaye ni ukumenya ko uwo tudasangiye umugambwe atari umwansi. Twese turi abana b’Uburundi, dusangiye ibibazo tugasangira na kazoza k’igihugu.  Aho mwumva, jeho nta n’umugambwe ndimwo.

Ninjiye muri kaminuza nzi neza ko aho hantu hahurira abantu b’incabwenge bava mu gihugu cose, batakiri ku rugero rw’abahendwa. Ariko ivyo naraye mbonye birababaje cane.  Numvise mpemukiwe. Nkibaza nti ni ryari urwaruka tuzokwugurura amaso, tukabona ko kazoza tugasangiye, tukareka kuryana turi bamwe ?  

Uno musi, ubuzima banshizemwo  ntibworoshe. Turetse ko uburyo nivujeko bwari umurengera, bantumye kwongereza uburyo bwo kubaho, ata n’aho ndabukura. Bikumvikana ko n’ivyo nari nizeye gukora vyose bishobora gusubira inyuma kuko ukubaho guhindutse. Ariko ikimbabaza gusumba ibindi, ni iyo mbuto mbi iri mu runganwe rwanje, aho kurota ubumwe, umwumvikano n’iterambere, turota urwanko n’ibiducanishamwo. 

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (14)

    1. @Anonyme
      UWAHOHOTEYE KIREMWAMUNTU HAMWE N’UWOBA YAMUTUMYE, BOSE BAKWIYE GUHANWA N’AMATEGEKO UBU AHARI MU BURUNDI.
      Umunyeshule yarinze agera muri kaminuza y’uburundi yari akwiye kugira ubwenge bw’ivyo vyose akora (ari bibi canke vyiza). NTABA AGIFATWA NK’URUYOYA (ari mu muryango canke mu kibano!!!).
      « Art.207.‐ Quiconque soumet une personne à des tortures ou autres traitements cruels,
      inhumains ou dégradants, est puni de la servitude pénale de dix à quinze ans et à une
      amende de cent mille à un million de francs burundais.

      Art.208.‐ L’infraction est punie de la servitude pénale de vingt ans lorsqu’elle est
      commise :
      4° Par plusieurs personnes agissant en qualité d’auteurs ou de complices ;
      https://www.droit-afrique.com/uploads/Burundi-Code-2017-penal.pdf

  1. Nakamaramaza kuvyabshikiye mwihangane,ariko ngoze amakenga cane kuko muvyo wanditse uvuga ubwambere wavuga ko waruvuye murubanza isaha zine
    ariko gusozera ugaca uvuga ubutandukane bwimigambwe
    biboneka ko hoba harimpamvu baku maltraise bitavuye kubera uvuye murubanza ariko kubera uri muwundi mugambwe.
    Urwo rero ruburanishwa bisunze sens zibiri

  2. C’est une page de l’histoire ! Ça nous prendra du temps mais la lumière éclatera un jour ! Je vous invite à rejoindre mon espoir : de mon vivant, je verrai le Burundi sortir de la médiocrité pour explorer le terrain rassurant de la compétence sans d’autres spéculations de tout ordre! Bien sûr, ta part comme la mienne importe!

  3. C’est très utile.De tels actes bidons sont monnaie courante dans les enceintes du Campus Mutanga de l’UB.Si vous désirez plus d’informations contactez moi car il y a une année que je quitte ce lieu qui est devenu auto comme Mogadisho.J’etais délégué puis délégué général donc j’ai des informations sur ça.