Kaminuza y’Uburundi ni kaminuza imwe ifise vyinshi yisangije mu gihugu cose. Baba abanyeshure canke abakozi bayo, bose barafise inyifato ibatandukanya n’abandi bantu. Ku bijanye n’imvugo rero, Spageon Ngabo yaradutororokanirije amajambo n’imvugo cumi bikunze gukoreshwa mu bigo vy’iyo kaminuza kandi bidatahurwa na benshi bo hanze yayo.
- « Gusimba inkoko »
Wogira ngo n’ugutaruka inkoko aho yicaye, canke ukibaza ngo n’ukuzinduka umuseke, mu nyomvyi, hamwe nyene inkoko zitanguye kubika. Eka da! Mu bigo vya Rumuri, “gusimba inkoko” bisigura gutora cane ivyigwa mw’ishure, mbere ukunguruzwa ishure udasubiyemwo ikibazo na kimwe.
2. « Akabati »
Akabati benshi bakazi mu nzu, mu cumba c’ubuteramiro, ka kandi usangamwo ibirahuri n’amasahani. Rumuri yoyo ntiruvyorosha, vyose irahindura. Mu mashure yisumbuye afise uburaro bavuga ngo « akabati n’imfungurwa ziraye », mu bigo vya Kaminuza y’Uburundi hoho « akabati » bisigura “ivyigwa vyinshi kandi vyegeranye”. Uza wumva rero ngo « kuja mu kabati », aho akaba ari muri ca gihe bari mu bibazo biheza umwaka, aho usanga vyinshi vyegeranye, maze umunyeshure ati « Ndi mu kabati » kuko ataronka umwanya ukwiye wo kuvyitegurira bikwiye.
3. « Isugi »
Aho benshi tuzi « isugi » nk’umwigeme atararangura na rimwe amabanga y’abubatse, canke mbere inka ivyaye irya mbere, Rumuri ivyita ukundi. « Isugi » n’ukuvuga zirya mfungurwa baruye ubwa mbere. Kandi rero izo mfungurwa ngo usanga ziryoshe gusumba izo mu nyuma. Ivyo rero bigaterwa n’uko mu buraro bateka mu bikono binini, maze amavuta n’ibirungo ntibishike mu ntebe y’izo nkono. Gutyo, abafunguye ubwanyuma bakarya imfungurwa zimeze nk’izijongoroye.
4. « Igitari »
Ndazi ko benshi baca bibaza ngo iki barakizi kuko imiziki myinshi irimwo igitari n’ingoma. Sigaho! S’uko bimeze muri Rumuri. « Igitari » ngo ni umukobwa mwiza cane, afise iforoma nka kurya kw’igitari c’umuziki nyene.
5. « Kwurira igiti »
Ku bakristu, mwene iryo jambo muca muryibuka aho umutozakori Zakayo yurira igiti ngw’arabe ko yoshobora kubona Yezu Kristu. Burya rero, mu bigo vya Rumuri, « kwurira igiti » bisigura « kunanirwa n’ibibazo mw’ishure, mbere ukabisubiramwo vyose !».
6. « Gutota »
Iyo umuntu anyagiwe n’imvura nyinshi, ni ngombwa aratota. Mu kirundi naho ngo « Uvumwa na benshi ugatota ». Muri Kaminuza y’Uburundi rero, « gutota » ntaho bihuriye n’ukunyagirwa. Ni « uguhura n’ingorane nyinshi cane », nk’ubukene bwa bundi bwokora amakara bugata, n’ibindi.
7. « Ijambo rike »
Iyo mvugo, mu kirundi ciza, ntivugika kuko bavuga bati « amajambo make ». Tugiye muri rudende rero, nta ntumbuzi yerekana igitigiri tuba tugikeneye. Kira noneho ntaho bihuriye n’indimburo, kuko n’amayagwa yisangijwe na Rumuri. « Ijambo rike » bisigura « umuntu atagira ubuntu canke ubushingantahe, umuntu ataco yibanga, wawundi ata womuhanuza ijambo ». Uza wumva rero ngo « kanaka ni rike » canke ngo « ni jambo rike ».
8. « Gutera imaga »
Iri naryo rivuye mu ndimi zo hanze maze rigaheza rigasigura « yose » canke « vyose ». Aha rero ni hamwe umunyeshure aba yatoye ikibazo maze akaronka amanota yose kuri yose. « Imaga » rero ntirizwi mu kirundi nyezina, ariko rero abanyeshure bo muri Rumuri bararikoresha cane mu buzima bwa minsi yose.
9. « Kugawusinga »
Uzoza wumva ngo “raba kanaka ingene agawusinga”. Uzoce umenya ko bashatse kukwereka ingene atambuka, amaboko yayashanje kurya kw’abategetsi, atikorako. Baraheza rero bakita umuntu yifise ngo ni “umugawusi”.
10. « Gukongatara »
Akenshi abantu barahura n’imbeho nyinshi maze bagakanya cane gose. Canke murabona umuntu afashwe n’intandara. Uyu aradadarara, mbere ugasanga ntushobora kumugorora kiretse izo ntandara zimuvuyeko. Ariko rero muri kaminuza yacu, gukongatara bisigura « ugufata ingingo ukayumirako, ukihoza abo bose basaba ko woyivako ». Ni kurya muhora mubona abanyeshure baja muri yegereyegere ntibaveyo, gushika ivyo basaba bibonetse. Niko « gukongatara » rero !
Ivyo bintu uwo mwanditsi ashije ngaho naba néant Bose bihera ijisho niryinyo sivyiza vyerekan ko akarangamutima kiwe yagasize ahandi mbere yisubireko. Sivyiza
Hari aho wihenze. Bavuga »kuvuza igitari » bisigura guheza kaminuza bikakunanira kwandika igitabo. Bafatira Kiri Canjo yahejeje ntiyandika igitabo aca yigira mumuzika. Uzokwumva bavuga ngo « naka yavugije igitari »
Akabati Kandi Muri Kaminuza Y-igihugu Bisigura Gusugereza Umuntu Muri Benshi Akaja Hagati Na Hagati Kuburyo Y-uko Ataronka Isaganirizo.
None nk’ivyo bintu muriko muvyigisha bande?Aho ntimwopfuma munuma mukareka kutumaramaza?Ab « ijambo rike » ntibari hake!
A chaque groupe de personne ou a’ route societe’s oou comminute’ correspond un jargon,
Aho rero izi Ni jargon zabapoil,
Sigaho!!!!
Ivyo vyose ntakamaro mbona bimariye igihugu, bata umwanya murivyo nyene , ugasanga bataye umutwe numwanya ngo bariko barashingisha abashasha(intégration), amezi nayandi. Ugasanga umuntu bamuteyemwo gusegererereza ngo imodoka zose zire gana nizabo ako kamaramaza nakabonye mu Burundi none umuntu yize asegerereza ama lift atazi nizo modoka yuriye ko ashobora kugiriramwo ingorane kuko atazi nabazirimwo abaribo. Hama NGO igihugu kizotezwa imbere nabenabo. Ivyo ndabivuze kubera maze gutembera mumakaminuza atandukanye yakarere . Kugonda intoke, kugenda wihaya ngo uri umu poil sinzi nubundi buntu bwishi ivyo ntanakimwe bimarira igihugu . Igihugu kigukeneyeko ivyo uzi ntigikeneye aho wize! Nimwibaze impamvu Yuri inyuma ya pays anglopgones, uzokumva umuntu yitwa Licencié Chimie umweretse produit ateranya kugira aronke ikintu gishasha ntamenye nivyarivyo mugabo ariko arabivuga théoriquement ukavugako yarengeje mu kwiga. Ni ibintu ivyo kunywa gusa .Tube nkabandi ntitwige turondera akazi ariko twige kugira dutange akazi!
Uvuze ukuri! uwoba amaze kumva Ijamwo umwami w’ababiligi Leopld II yashikirije abapatiri n’abapastori bera bari muri Conge Belge ababwiriza ico bategerezwa gukora. Yobona ko bamwubahirije. Abo ubu nabo bari bakwiye kuvavanura n’iforoma.
Erega kutabitahura sikosa kuri ww.hama abazi akamaro nibo bokavuga gusa mbona wobaza niho womenya ntigume mukutamenya
none wew ko wavuze amajambo menshi wotubwira abo umaze guha akazi canke ivyo umaze gufasha igihugu????????
bande J Nawe!???Nibaze ko utavuze abiga muri kaminuza y’uburundi,woba ufatiye mu kivunga kandi woba ufise tort cane!!!!!!
Wewe umaze gutanga bungahe?
Nawew nsanze uri rike kbisa.
None ga nyakwubahwa nihe bigisha gutanga akazi? Ba ureka kuvuga ivyo utatohoje. Ivyo birirwa baravuga mwibarabara bo bahaye akazi bangahe?
None ga ubu ayo majambo mukeneye avugwe n’abarundi bose?Muraraba neza ndibaza ko ivyo bitari bikenewe ko bose boyamenyeshwa kko ntibakeneye kuyakoresha!
Aho naho yanditse ivyo nawe ni rike exposant n
Ariko jewe birantwengeje ! Il fallait l’écrire ! Namwe mutashimye, ni ibisanzwe, ntawunezereza bose ! Mwe mutashimye fata mwandike ibizodushimisha twese ! Ha ! La pensée unique iriko iradukwira nitutaraba neza.
N’importe quelle société ifise rwayo mategeko,rwayo migenzo twebwe tudakeneye nukumenya kko ntaco vyotumarira kukaba nkako nitwabikenera tuzobarondera muga sindavyibaza kurivyo rero uwabivuze ni umu enjambo exposant n
none imvugo bayihindura batumberey’iki? bashaka kwongera amajambo mashasha mu kirundi cnk bagomba kwerekana k ikirundi kitikwiy? mutange umuco.
NDEMEYE
Iyo Umukobwa Atari Isugi Aca Ashaka N’abandi Babe Nkawe. Hari Abize Muri Za Uni Bakabura Ico Bakurayo, Baca Bagomba Kugaya Uni Y’uburundi. SOHOKA GATO MWIRABIRE AMA MEMOIRES YA BAMWE BAMWE, NI NABO BARIKO BAGAYA UNI BURUNDI.
Nikwo bita gufobeka !!! Le langage entre personnes kugira abandi ntibatahure ! Mu ndimi zose birabaho kandi birakoreshwa. Vous savez ce que c’est une meuf ? C’est quand on parle d’ une femme mu gifaransa !
Ese uwo wanditse ivyo kurubuga ni umu poil?Bagenziwe nkaho nyene mwabishimye?Ntimushoboye kumuhanura?Arabagiriye pe!
Uwo Muntu Arasarisha Wangu! Iryo Ni Ibanga Ry’abapoils.
Yemw Ntavyo Narinzi Kwel Ereg Abo Banyeshure Bibera Mu Gahugu Kabonyen Bwabndi!!
Uragaba Naw Ntuhave Usanga Wabay Umu Neant! Toute Verite N’est Pas Bon A Dire!
Ivyo Sivyiz Kwel Nn Wumv Utarik Uramen Ibanga Raba Wisubireko Ataruko Vyakunaniye
gusimba inkoko, akabati,…..n’abatize muri kaminuze barabizi
Uca ubona igituma ces étudiants sont super médiocres. Ils passent leur temps à inventer/imaginer des conneries au lieu d’étudier.
Mr ou Mme Burundi, tu te trompe fort. Partout au monde, toute collectivité a un langage propre à elle. Va à Paris, le français dont ils usent n’a rien à voir avec le français enseigné en classe. De même, à New York, l’anglais utilisé semble une langue étrange.
Donc, votre conception des choses fausse.
Kwishimira ivy Ubu poils ntaco bimaze gikuru nukwerekana ivyushoboye Hama ugateza imbere igihugu cakureze.Benshi bibatera ubwibone ngo ni abapoils bakazorinda basaza ataco bimariye ngo ni aba poilissime kuburyo nimvura iguye batugama ngo nukwiyubaha.ako n’akamenyo PE !
Mwarimaramaje ! U.B S’uko Nari Ndayizi ! Mbega Yemwe Aba Poils Bakino Gihe ? Bandanya Mumene Ibanga Kuko Hari Vyinshi Wibagiye ! Ex Douche, Kunoba, Gushinga N’ibindi ! Na Fondamental Siyo Yitwara Ukwo, Wari Ukwiye D.
Gukaya, gusuma (kw’importa), kumena ijisho, etc.
Kabisa uwo muntu ndakeka ko atari umu poilissime!akaba ariwe naho nomusaba ko yosaba imbabazi aba poilissime bose baciye muri U B,kandi abiciye muri blog nkuko yabigize mukuna ibanga!
Utahabaye Ayo Majambo Vyukuri Aragoye Gutahura.Ni Mwirambire
atar’akandi barafobeka bihagije…..
Ariko Ntivyari Bikwiye Gusigurira Amajambo Nkayo Ngaha Kurubuga Kuko Ni Amajambo Akoreshwa Mubigo.Nukuri Ntahobitaniye Nukumena Ibanga.
Mwibagiye »gusieja »
waramenj nukuri.ngira ntiwanahaciy.
Hariho Ivyo Utazi Wewe Watanze Ayo Makuru Nturi Umu Poils. Wosigura Isakare Canke Igikebu?
Gushika ubu aho mwavugiye sindatora aho umupoils atandukaniye n abandi
Na batagiz uni bahaye bamenya ibanga rya uni.
ivya rumuri niho bibandanya bidabuka!karashize ingani amabanga y’abapoils yandagagare mw’ibarabara!uwo muntu yabishizeko nimba ari umunyarumuri iyo haba nka kera yarakwiye douche académique!
Oya ivyo sivyo!!! Noneho kuva uno musi n’uwutagiyeyo aciye abimenya!!!! IJAMBO RIKE.COM
none ivyo yashatse kuvyigisha abapoils ko babizi? nimba yigishije aba neants n’agende abegere aje arayaga nabo reka ndamubwire n’ikindi atavuze « abateze »babimenye neza kuva na kera mumigenzo y’ikirundi kirazira kuvuga uko murara nuko mwiriwa muhira iwanyu none atanguye kuvuga codes z’abapois aho twomuvuma umuvyeyi asa n’uwundi . ntaze asubire!!
Mbe wewe ko uri umu poils « un home de science »,uracizera ibintazi?nyereka ukuntu ushobora kuvuma umuntu hama umuvumo ukamugirira nabi?
wibagiye »kuza » nakwo.
Ngo amabanga y’aba poils! kura ubwo burofa ngaho , twebwe turazi ayandi makaminuza abanyeshure bazi ico bakora Atari ukugonda intoke gusa ICO mukoze murazi kuduteza urubwa!
Mb ww kugonda urutoke ni vyo vyakubujije amahoro!poillicime yubahwe cane!birabe wirenganire kko vyokugora gutahura!birekere bene vyo.Uri rike pe!N’igihugu kirasaba ingurane mwene wa!!
ndumva nivyo nyamba mutabeshe ariko ugira uvuze akabati uwariwe wese yomenya ko arindya ziraye nivyo mumashuri nyene
nivyo nyamba mutabeshe
umutavu w’ururimi uraca ntuzirikwa. aho uwo muntu yashize ngaho imvugo nk’izo yashatse kuvuga iki?codufasha iki muri rusangi? ni mube mumenya ibanga ico risigura kuko utagira aho abika bamwita « NDANYANGO ». aho ni hamwe no mukazi usanga imvugo bakoresha kugira biborohere mugutanga inkuru hagati yabo, we yaramaze kuzikwiza agahinga kandi bibujujwe.
Muraza mushiraho aho umuntu afyonda « ndabishimye », canke « ndabigaye ».
Ntumuze muraha akanya abo ijambo rike gusa bari indanyango. Mwoba nukoze. kuko ayo majambo akwiye kumenya n’abayakoresha gusa kuko nibo abazi ico amaze
si ukuvugako ari ayo kumenywa n’igihugu cose.
Ibimenabanga ntibiri hake!Aho nk’uwo usanga yitwa ngo yaratejwe?biboneka ko yari expert NDAYISABA.
Aba poils b’umutima mumudutohoreze,hama amajambo make mumaso ya rubanda;mwoba mukoze
Coup de chapeau!!!!! Mugabo hariho ivyo wibagiy wokongeramwo nka karorero: isundwi,i bouaké, guturitsa canke kugazura….merciii
hari vyinshi mbona mwibagiye ari nibaze ko vyose mutari kubidondagura mubiheze.ni nk’ibi:
kuza,inzira,kumeneka ijisho…
Abantu mudatahira sociolinguistics mworeka gushoka mutukana.Iyo comunaute ifise langage yayo sibibi kandi birafasha mw’iterambere ry’ururimi.Amajambo menshi aboneka gutyo.Non nkubu hari uwutazi ico ‘bacemwo’ kivuga!Urumva ntimwoguma mutukana ntabimaze.Haba abize UB cank ahandi iciza nuko bize.Hamw mwobandany gutyo umuntu ahubw yokwibaza aho mutandukaniye n’abatize! »La langue evolue à partir des contributions des communautes qui composent la societé où on parle cette langue. »
Mbe ubwo nibwo bushakashatsi bw’amajambo cumi kaminuza Y’uburundi imaze gutora gusa??
Emwe turagowe!!!
Bazita termes techniques.ndakunda cane Radio isanganiro.ndi ngaha USA Newyork
Ndipfuza cane amakuru kuri Radio isanganiro
reka kumena amabanga yacu sha erega sibose bagiriwe ubwo buntu bwokuja muba poil kandi unite des poilisme ntayo yajanye natwebwe muri as……
kmera
Ndumiwe Nanje Imana Yomga Nkajayo Nzogenda Ndabizi.
uwo muntu ndamugeze inkokora yamenye ibanga
aho rero ndumva abantu bose bavuza ibitari baba barize amashure ariko bikabananira gushira ahabona ivyo bize bagahitamwo gucura intimba mukuririmba
ni vyiza kumennya utujambo dukoreshwa muri société ka naka ariko ntibikwiye ko tumenywa na bose.kotegerejwe kuba akabanga ka beneko.abiga ivyerekeye uko indimi zivurwa barabizi.hageze aho ushira ahabona imigenzo n’imvugo vyo mu rugo ntaho ua utaniye numusoda yigisha umurwanya ingene barasa.
Uvuze neza
Haha Murandenze pe
ivyo bintu nivyo. mwoshobora kuduha za commentaires za wawundi yari yabajije ico ari co umu poil? mwoba mukoze
Mubisanzwe nawew uri ijambo rike kubera ibi ryari ibanga ry’aba poillissimes. Weho ubigiz public! Kandi nta kugawusinga kirigera kivurwa muri Rumuri!
Impaburo:abagira commentaires bas bararab ntibatukane guko umuryango wos ufis uko utunganije.ariko ntivyari vyiza gutereza kur iy site gko abo vyega bo barabizi
Poils urabizi koko
Je suis désolé. Uyo ya publier ivyo bintu Ntabwo nibaza kwari umu Poilissime.kuko un Poilissime avec P majuscule digne de son nom ntiyoshobora gu publia Ubuntu nkibi ntaha kurubuga. Donc yumve nawe kwari » rike « nkuko yarisiguye.uwo akwiye gushingishwa hamwe na douche académique. Amaramaje aba Poilissimes.imvugo zikoreshwa naba Poilissimes ninyinshi Nimba ivyo arivyo uzi Gusa Nta intégration wakoze.sinzi aho wasomye Ama notes. Sinon umu Poilissime yatejwe arazi KO izo codes zose zikoreshwa hagati yaba Poilissimes Gusa.nta wundi muntu ategerezwa kubimenya’cank ngwabibwigwe Atari umu Poilissime.ni kuki ata Ba Poilissimes bandi nari bwa publier ivyo ? Nukuvuga KO atavyo bazi ? Et d, ailleurs Nimba Uri umu lauréat wa 2017 we integration Ntuzi icarico. Uyizi mu ma notes Gusa. n, akarangamutima kaba Poilissimes ntako uzi.promotion zinjiye U. B avant 2012 Nibo nazi intégration icarico’ cank gukongatara icarico. Ndazi Nta Wo bublia Ubuntu nkibi ntaha.NUCOMEKE URATUKISHIJE ABAVYEYI BAGUTEJE.
Ntawokwirirwa Agira Amak Twaenga Yibaza Ko Uyo Yanditse Ibi Ari Umu Poil.Oya Namba! Uyu Ni Néant Des Néants Birumvikana.Gusa Yarabaye Hafi Y’aba Poils Araheza Arasuma Urusaku. Kaminuza Y’u Burundi Rero,uretse N’izi Kaminuza Zaha Iwacu Zigenga N’abanyamahanga Baraziko Dushoboye.Ndaneguye Cane Uwo Yadondaguye Ibitari Bike Ngo Biranga Abanyeshure Ba Rumuri Kuko Tutabeshanye Incabwenge Yambere Mu Burundi Yize Aho Muriyo Kaminuza Hama Igihugu Kimurungika Kubandaniriza Hanze Ivyigwa Bidatangirwa Mu Burundi.Wanashaka Twama Twabonyeko Abiga Mumakaminuza Yigenga,bakoze Ikibazo Kimwe Nabiga Kaminuza Yigihugu 95% Bava Muyigihugu.Kuvugako Bataronka Ubuzi Iyo Bamaze Kaminuza,nibazako Atari Ikosha Ryabo.Turi Mugihugu Gikenye! Kuri Mwebwe Muvuga Ko Ayo Majambo Akoreshwa Mwiyo Kaminuza Ari Guta Umwanya,nibazako Aruko Mwabuze Amanuta Abajanayo Mugahitamwo Kuyityoza! Uwubuzi Uko Agira,agira Nabi Nyene Ntakundi Mwovuga.Uwo Nawe Yamenje Mukwandika Ivyo,ntawomurenganya Nivyo Ashoboye.Mbe Mugisoda Ntamajambo Urumva Bakoresh Utazi?
Commentaire *Murakoze kutwibutsa aka kera!Muribuka ico twita KUVIRIRA aho waja wumva ngo NGIYE KUVIRIRA?
Narinz ngo muraz imvug non nsanz ataz mushoboy. suk babivug. kuvuz inang nah? mpend twumv ic bisigur.
ABA POILISME
Mweho murakomeye kwl. None nk’ivyo mubi kurah?
Mubisanzw muri société yose utegerezwa kumenya icobakunda nicobanka!knd utegerezwa kumenya ahobageza mukwiyumvira,rero ufatiy kuvyiyumviro vyabo,bakwiriy kumenya ivyonyen kk ntiwobabwira » IVYAKAZI »knd bitari muvyiyumviro vyabo bigezweho.umuntu wes umubwira ibihuy nubweng afis knd yumva ko arivyo bigezweho,knd mwibuk ko umunyeshur yama arumumenyeshur ufatiy muvyiyumviro.
Emwe,ndashizwe,bwabundi namwe mwigira ngo mwarize,mupfa ubusa mugapfa namajambo atanicayi canke agafanta arimwo!ndajorewe!iyaba hoho mwariko mupfa nibindi.
Ahubwo nsanze abize mufise ingorane!Mupfa amajambo atanico amaze atanagafanta canke akandazi wohabwa uyavuze!Ikintu kigira agaciro harico kikwunguye mubuzima
Ivyo wavuz nivyo muga harimwo amajambo abiri atarayo muri kaminuza y uburundi gusa. Ni irya 4 « igitari » nirya 8 « gutera imaga ». Ayo arazwi ninyuma yibigo vya kaminuza y uburundi. Nko gutera imaga nuwomuri fondamentale arakizi.
Ndasuzuguye uyu mu néant yashize kumbuga anomajambo.urijambo rike cane.
Uyumuntu yanditse ibi birumvikana kwatatejwe bikwiye kuko iyi ni decret ya Rumuri gusa si public mbere nomusaba ko yobifuta aha kurubuga kuko biboneka neza ko naho azoba ari mukazi akariko kose azoza avuga amabnga yaho bitemewe.
Vyiza cane
Merci de m’agrémenter la soirée. Nciye nsubira kugira inkumbu zaho. Gutefana,akayira,gukonkoboka,… Oh notre jargon 😀
Ivyo vyari kuguma mu ba poils gusa.Aba néants urabasororeye nyene.
Thank you
Ndakunze izi mvugo ziharijwe n’abanyeshuri ba Rumuri.Turakeneye ayandi majambo mashasha nkaya.