Mu mwaka w’2020, umukuru w’igihugu c’Uburundi yaremereye abakozi ba Reta, bagiye mu za Bukuru, kubatekerera amafaranga angana n’ayo bahora bahembwa igihe bakukuruka. Naho hari amategeko mperekeza ajanye n’iyo ngingo yasohotse, abakukuruke ntibarahabwa ayo mafaranga inyuma y’imyaka yababa 5. Mu bayemerewe, hari n’abamaze kwitaba Imana nk’uyu aciye ashima kwandika kano kabaruwa.
Nyenicubahiro Mukuru w’igihugu c’Uburundi, ndabandikiye ndi mw’ijuru hamwe n’umumarayika Gaburiyeli yantije ikaramu. Narashimye ijambo wavumereye i Gitega kuri “stade” i Ngoma ku wa 2020, umusi urahirira kurongora Uburundi n’Abarundi. N’ubu ndabibona nk’uku. Wemereye abakozi ba Reta bakukurutse kubaha akabando bishimikiza mu busaza kangana n’umushahara bari bagezeko, kuko uzirikana intererano y’umukozi yakoreye Reta gushika akukuruke. Ico gihe iyo nkuru nayakiranye urweze n’akanyamuneza, nari nsigaje amezi munani ngo nkukuruke.
Nyenicubahiro, nakoreye Reta kugeza nshikane imyaka 65 kuko nageze aho nokukurutse, umukoresha aranyegera twumvikana ko nongerako imyaka 5. Ariko maze imyaka itatu nkukurutse nararindiriye ako kantu watwemereye, amaso ahera mu nzira. Imana yahavuye impamagara ngo nje kubandaniriza imirimo ahandi, aho ntakenera “bus” canke igitoro mu kwiyunguruza canke ngo nkoreshe amafaranga y’amarundi canke ama “devises”.
Abakukuruke barihebuye
Ariko naho ntakiri hiyo, mpora nitegereza abandi bakukuruke bagenzanje bagisigaye mu gihugu ca Ntare Rushatsi. Bararushe no kurindira ata n’ijambo ry’ihumure baronka. None ga Nyenicubahiro, nta gakuru? Erega naje sinahevye. Nizera ko muzompera urya mukecuru wanje nasize, kuko utari buyage amasigaracicaro. Nari kubaza ba bategetsi mwagena babijejwe ariko nabonye “réseau” na “connexion” atari ugupfa kuronka.
Nyenicubahiro mukuru w’igihugu, napfanye intimba n’umwiheburo. Sinipfuza ko hari uwundi vyoshikira. Sinashengeye ndabishaka kuko ntaco nariko ndihutira. N’abandi bakukurutse inyuma y’umwaka wa 2020 canke mbere n’imbere yaho (naho bobo batarabwa n’irya ngingo), babandanya gusezera isi. N’uno musi hari uwo nabonye yansanze ino nawe yaje yimyiza ibamfu n’agahinda kenshi. None woba watwemereye amafaranga tutazoryako?
Itegeko ntiryakurikijwe
Ku wa 22 Munyonyo 2022 wari wasohoye itegeko riraba ingene ivyo wavumereye bishirwa mu ngiro. Nyenicubahiro, ni abarongoye INSS canke ONPR bibagiye? Canke yoba ari umushikiranganji yari ajejwe ibijanye n’imibano? Ni nde kaciyemwo ga Nyenicubahiro ntashire mu ngiro ijambo ryawe? Uno musi, umukukuruke yogira icizere ikihe? Ni ukuri bararushe.
Mu kurangiza nyenicubahiro, uraraba ubwire inzego zibijejwe zibitegekanye mu mafaranga Reta ikoresha ku mwaka. Mu myaka ibiri, uzoba usozereye ikiringo cawe ca mbere c’imyaka indwi uramutswa Uburundi. Vyoba bibabaje urangije ico kiringo ivyo wemereye abakukuruke umusi urahira bitaraja mu ngiro. Gerageza ntibibe. Ahavuye iciyumviro habe n’ugushaka eka ndetse n’ingiro. Ibisigaye, n’izindi nzego zose, ndabifuriza kuroranirwa mu mabanga. N’aho nagiye ntubitse umukanda, ndabasabira cane kandi iyo ndi nsa n’uwutekanye. N’umumarayika Gaburiyeri turikumwe arabatasha.
