Mu gihe hahimbajwe umusi mukuru wa Noweri, uko uhimbazwa ubu biratandukanye cane no mu myaka yahera. Ubona ko ibihe biha ibindi, Faransine*, umupfasoni ahumuye wo muri komine Shombo mu ntara ya Karusi, aratuyagira ivyo yabona mu bwana. Agahuzu gashasha, umuceri n’akanyama, hamwe no gusengera kw’iparuwase vyari ngombwa. Intahe
Ukwezi kwa Kigarama, si twe twabona kurageze kubera Noweri. Mu gihe kurya umuceri ari ibisanzwe mu bisagara, kuri iryo genekerezo, ni ho twafungura agaceri. Ni ukuri, iyo mfungurwa yaboneka rimwe mu mwaka, uwutomboye akawuronka ku bunane. Kukaba nka ko, ivyo twafungura mu yindi misi vyose twaravyirimira. Uwo muceri rero barawuteka neza, bikunze bakagura n’agashitwa. Ni wo musi wonyene vyashika nkabona dutetse inyama.
Iruhande y’ibifungurwa, uyo musi ni ho honyene abana bagurirwa impuzu nshansha. Eka n’abakenyezi bararonka iribaya rishasha. Abashingantahe na bo, impuzu igezweko ni ho yaboneka kuko wasanga ababishoboye bose bayiguze.
Eka, ku gatumba, ni wo wari umusi w’ukumenya umuryango wifashe neza mu vy’ubutunzi. Abashingantahe barahiganwa kwambara neza n’ukwambika ababo, gutyo kakaba ari ko barushanywa icubahiro bahabwa mu kibano.
Mu gusenga, uyo musi ntitwumva igihimbazo kw’isikirisare. Ivyo utabaye ruguru ntubitahura. Ku Noweri twaburabira mu rugi, tugafata ibirometero vyinshi kugira inkuka ya misa tuyumvire kuri paruwase. Kwari ukugira dushobore gutangarira “isenga ry’akana Yezu”, twongere twerekane ko natwe twagomboye uduhuzu dushasha. NI na co twahurumbira kurusha.
Ubumwe….
Tuvuye mu misa, twashika dufungurira hamwe, n’ababanyi tugatumirana. Uyo musi twaranasakuranwa kuko agaceri kari nk’imbonekarimwe. Ivyo vyaba rimwe mu mwaka, dutomboye bigashika tukawuronka ku bunane. Aho rero urwarwa rwaba rwahiye. N’umwana akiri mu mugongo ako karwa karamushikira mu maberebere kuko abavyeyi bacu barakababaza. Eka natwe twarasomako. Ndibuka ko hari ku musi mukuru wa Noheli umusi abana benshi banywa inzoga ubwa mbere.
Uwo musi, ni wo wonyene abana n’abakenyezi basohokanwa mu kirabo n’abashingantahe babo. Hari aho wasanga nyene ubwo bunywero yarondeye ibateri n’iradiyo ivuga cane, yafatishije indirimbo zigezweko, maze agacupa kakamanurwa n’akaziki, vyaba ngombwa tukagacerema.
Ubukene…
Uwo musi nta mwana canke umukenyezi yowibagira. Ariko ubu, kubera ubukene, nta gahuzu gashasha abana bakironka. Ivyo gusohoka vyovyo mu kabare ni ivy’abashingantahe gusa. Ubu umuceri usigaye urimwa mu kirimiro ku buryo utakiri imbonekarimwe. Ibiciro vy’ibintu vyaraduze, bigatuma abantu bafungura ivyo bahorako. Amasengero n’uburyo bwo kwiyunguruza vyaragwiriye, kuja kw’iparuwase bitakiri igitangaza. Eka n’ukuri ntibabeshe, ibihe biha ibindi.
Wari umusi uhihambaye kandi uhimbaye, uriko ubu birasanzwe cane. Usanga uwu canke uriya yifitiye uimyitwarariko yiwe, kugira abiwe barare bafunguye gusa. Naho iterambere ryaje, umuceri ntube ukigoye kugura, biragoye kuronka ay’agahuzu n’imisi mikuru.