Umwigeme kanaka canke umugore arafatwa ku nguvu ; iyo hatabaye ugufatanwa itonga, canke ngo uno asame imbanyi atifuza, ni gake cane bimenyekana ko yakorewe ayo mabi. Nijimbere Thierry akagira amakenga ku kugene bene gushurashuzwa bahitamwo kubigira ibanga.
Haheze imisi havuzwe inkuru y’umugabo yakoze icaha co gushurashuza abana biwe uko ari batatu. Yafashe uwa mbere aramwabira, amugira umugore wiwe, abandi batatu nabo arabashurashuza harimwo n’agahererezi k’ imyaka itatu, koko kahavuye kitaba Imana gahitanywe n’ubwo bubisha kakorerewe na se.
Ahandi naho, inkuru y’umwigisha yubahutse gutera inda umunyeshure yigisha, yongera agira imigambi yo kumugandagura kugira ngo iryo bara ntirimenyekane, ariko biba impfagusa ; ukuri kurateba kuja ahabona.
Utwo ni tumwe mu turorero twa mwen’ayo mabi afatiye ku gitsina akorerwa abakenyezi. Yamara ikibazo ngumana ni ca kindi : ni kuki bene kubabazwa bagera kubishira ahabona ari uko ibara riguye ?
Ukutamenya ?
« Umukobwa wanje ntaco ntari namubariye, ndamuhanura ku vyerekeye ubuhumbu, ingorane bitera n’ingene yovyirinda. Yamara nakangutse nsanga afise imbanyi, kandi akaba yayitewe na muramwanje. Iyumvire imbanyi ku mwana w’imyaka cumi n’ibiri ! » Uyo ni nyina wa Diane, muri zone ya Kinama y’igisagara ca Bujumbura.
Ko none nzi hari amashirahamwe canke ababanyi bokwitura, kandi bano bakaba badasiba gusemerera, ni kubera iki abigeme barenga ku mpanuro, bakabigira akamizwe n’ingoma ?
Kenshi na kenhi bija ahabona iyo umwigeme yasamye imbanyi canke ababanyi babimenye, ariko atari uko uwo yashurashujwe ari we yabimenyesheje.
Ni ko, birashoboka ko bene kugirirwa nabi boba baterwa ubwoba n’izo nkozi z’ikibi. Ariko n’aho nyene, sintahura ingene umuntu yogukorera ikibi kigeze hiyo, agasubira ubwa kabiri, ndetse n’akarenga gatatu, ugahora, hama bikazoja kugaragara ari uko uhuye n’ingaruka mbi za vyo.
Abigeme nibahindure uko bavyifatamwo
Nivyo, guhana abo bose bafashwe bariko barashurashuza ku nguvu abigeme n’abakenyezi ni kimwe mu vyokorwa mu kurwanya ico caha. Ariko, kuguma mu gacerere kandi baba bariko baragirirwa nabi, bituma abakora ayo mabi batamenyekana ngo bahanwe , kandi amabi nk’ayo agashishikara kugwira.
Nimba koko boba bipfuza ko agateka kabo kubahirizwa, ni aha bo gufata iya mbere mu kugahagararira. Atari uko, sinoba nihenze kanini hamwe nokwibaza ko bafise uruhara mu mabi afatiye ku gitsina yama ariko arabakorerwa ata camira.
Soma kandi : Gitega : umwigisha yateye inda umunyeshure wiwe, mu nyuma arondera kumwicisha umupanga
Thierry, kugira utahure igituma batavuga ko bafashwe ku nguvu, uregera abize psychologie de la victime canke abakorana n’abigeme babaye violees. Ibi wanditse vyerekana ko udatahura urugero gufatwa ku nguvu vyonona umuntu.
Umugambi wo kugomba ko barega ababikora wari mwiza ariko ntivyari bikenewe ko utuma urutoke abigeme batabivuga kuko ntuzi ingorane baba barimwo.
Ikindi naco, abagabo nta droit bafise yo gusigurira abagore ingene bokwifata mu bihe nk’ibi. Ntaco baziko ivyo kuba umugore. So ama opinions yanyu akwiye kuba make, mukagerageza kwumviriza gusumba.
Tout ce qui concerne le sexe est tabou dans notre pays.Comment est ce qu’on s’attendrait à ce que les victimes qui sont non seulement traumatisées mais aussi dévalorisées puissent s’exprimer sur un tel sujet.Il devrait y avoir une éducation sexuelle dès le bas âge dans les écoles ainsi qu’au sein des ménages.