Bati: “Uwarushe ntaruhuka”. Inyuma yo kwiruhutsa gatoya agira ngo biraheze, wa mwanditsi yabandanije urugendo. Kuva kw’Iraro gushika i Gitega, ivyo yabayemwo yari amananiza. Arabitwiganira.
Dushitse kw’Iraro, twarahagaze. Abafata izija i Bujumbura barururutse, tubona guhema. Umushoferi na we nyene yaboneyeho kuruhuka. Gutwara imodokari wicaritse itako rimwe, umuryango ugenda uriyugurura kubera ipakiye cane, na we yari arushe gose. Yashitse aja kwisama kuri ico gituro. Nanje kubera uburuhe, nta kindi nari gukora atari kuba ndagendagenda, ngorora amaguru.
9:12’ z’igitondo
Tito yarampamagaye ngo ninjire mu modokari, dusubira gukomeza urugendo. Kuri ico gituro yari yaharonse umuntu umwe. Nta agati mu ryinyo ngo ngira ngende nduhutse. Dushitse haruguru mu rija i Gitega, turenganye amahwane, mbona abantu baya amaboko baduhagarika. Harimwo abagabo babiri bahagaze n’abakenyezi bicaye. Tito yarahagaze. Ngize ntya, mbona umutamakazi ageze mu za bukuru aryamye iruhande y’ibarabara abakenyezi babiri bamwiyegetse.
« Atsa nka rusehabaniha ! »
Mu bisanzwe, sinamenye ko uwo muntu twari kumwe mu modokari, yari kumwe n’uwo murwayi, akaba yaje kuvugana na Tito ngo amutware. Ariko abantu bari kumwe bari benshi. Nibaza nti kumbure bamuherekeje ariko bamwe barasigara. Kumwe vyaba na mbere, nagiye mbona basubiye kudupanga kwa kundi nyene, batanu inyuma, imbere na ho, kubera harimwo uwo muvyeyi yirwariye, bahashira babiri n’umushoferi.
Umwe mu bagabo bazananye aca ategeka Tito ati: “Ca ugenda uratsa amatara nka ‘ambulance’ rero”. Nyakuntunga yaramwumviye arayatsa. Umuvyeyi na we agenda araboroga. Aho hose nabona umenga ndiko ndarota. Mu mutwe nkibaza nti kubera iki batadusize ngo batabare uwo murwayi, hanyuma twebwe tubunge urundi?
Nariyumviriye kubasaba ngo banyururutse, ariko nanje ndateba ndavyibagira. Kira noneho n’igihe twari twicaranye n’ihene nari natekereje. Ni uko turabandanya urugendo.
Abahunga ntibakebuka
Tugiye urugendo rutari ruto, twegereje muri Gitega, Tito yahavuye ahindura inzira. Hageze igihe arakevya ata ikaburimbi, aducana mw’ibarabara ry’ivu. Turohoha ntazi iyo turiko turaca, ni ko kubaza abo twari kumwe uko hitwa. Umukenyezi umwe, n’akaneza kenshi k’uko Tito ari umuhinga wo “gukatira abaporisi”, aca ambwira ko hitwa mu Rusagara. Iryo barabara nahavuye numva ko rihura n’irija i Mumuri muri Makebuko, tugeze imbere.
Ukuntu yadutwara mu binogo biri hano, ntiwamenga afise umurwayi aguma aniha. Yayitwara nk’uwuriko arasiganwa, “Rallye”. Ahubwo yagenda arihaya ku bo turi kumwe bose ko arusimvye, abaporisi badasubira guhura.
Twaserukiye ahitwa Bigugo, dusubira mw’ikaburimbi. Ni uko turabandanya gushika aho bakatira bagenda ku bitaro i Betaniya. Turabipfuriza urugendo rwiza no kurwaza bakiza hanyuma turabandanya.
Tugire inguvu zo guhindura ibintu !
Ubwo buruhe n’ububabare nakuye muri urwo rugendo vyampaye akaryo ko kumenya ubuzima abo bakuru bacu, abavyeyi, incuti, imiryango eka na barumuna bacu bo mu gihugu hagati babayemwo. Baragira amakuba adasanzwe kandi batanze amafaranga menshi. Kubera ikena ry’ibibunguruza, bemera ico babonye cose, barajwe ishinga no gushika.
Ni hamwe duhora tubona amafoto y’abantu bemera bakagendera kw’ipikipiki imwe ari batatu canke bane. Burya, babura uko bagira. Abunguruza na bo bagahimbarwa n’ugutwara benshi. Ni ho hava za nkuru twama dutwenga, aho uwutwara ipikipiki abwira uwo agira atware ko arindiriye ko yuzuza kuko atava ku gituro adatwaye babiri canke batatu.
Ubu aho bigeze, amazi yarenze inkombe. Igikwiriye, ni uko Reta yogira ico ikoze kugira yubahirize amategeko, abo bantu bunguruzwe nk’uko bibereye. Ivyo biba abajejwe intwaro n’abajejwe umutekano n’abatwarwa nyene babona. Bakore ico bajejwe mu gukingira ubuzima bw’abenegihugu. Abagwizatunga n’imvukira na bo bakwiye guhimirizwa guhindura aho babaye, mu kuja hamwe, bagaterera mw’igwizwa ry’ivyunguruza abantu mu ntara zo hagati mu gihugu.
Erega kubona abantu bakigenda ibirometero n’ibindi bikoreye ibintu ku mutwe, si kubera ari vyo bibaryohera. Babona ko kwiyunguruza mu muduga canke kw’ipikipiki bibasaba ibitagenda, kandi ari ugushora agatwe. Abiyunguruza na bo nyene bakwiye kwigishwa, bakamenya ko kugenda mu buryo butabereye ari ukwiyahura, bakamenya ko batanze amahera kugira biyunguruze atari ukwigurira urupfu. Ahandi hoho, amasanganya azotumarirako abantu.