Bati: “Uwarushe ntaruhuka”. Inyuma yo kwiruhutsa gatoya agira ngo biraheze, wa mwanditsi yabandanije urugendo. Kuva kw’Iraro gushika i Gitega, ivyo yabayemwo yari amananiza. Arabitwiganira.
Umutekano
Kwiyunguruza mu ntara: “Nicaranye n’impene kandi ndi umuntu”
Barabivuga tukica amatwi, canke tukabifata nk’ibitebu. Ariko abantu biyunguruza mu ntara zo hagati mu gihugu ntiborohewe na gato. Umwanditsi wa Yaga yajanye nabo. Ivyo yabonye biteye agahinda. Aratugira ku muriri.
Burundi: gusukura isura y’urwego rw’umutekano, impinga iracari ndende
Intureka zagaragaye mu mwaka w’2015 n’inkurikizi zazo vyatumye Abarundi batari bake bataraba ryiza umwambaro w’abajejwe umutekano. Mbere, bamwe bagera aho bawubona bakawuhunga. Kuva aho abatware bashasha baziye, hari impinduka zigaragaza. Ariko, impinga iracari ndende.
Igiturire mu mabarabara: twoba tugiye kwiruhutsa ?
Kuva yimikwa, Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yaremereye Abarundi ko kimwe mu vyo agiye gushira imbere, harimwo kurwanya igiturire uko kimeze kwose. Mu misi yakurikiye, ahatandukanye mu gihugu, twaragiye twumva abafashwe bariye igiturire, muri bo hakaba hagwiriyemwo abajejwe umutekano, abahora bidogerwa cane […]
Ukwiyunguruza ntivyoroshe muri Bujumbura
Kuva igihe, ku mvo z’umutekano muke mu gisagara ca Bujumbura, hafatiwe ingingo ibuza amapikipiki kurengana ibiraro vyinjira mu gisagara, haribonekeje ubukene bw’imodokari zunguruza abantu kuko benshi arizo baciye batangura kuza barafata. Prosper Niyonkuru abona ko iyo ngorane yari ikwiye gutorerwa […]