Bati: “Uwarushe ntaruhuka”. Inyuma yo kwiruhutsa gatoya agira ngo biraheze, wa mwanditsi yabandanije urugendo. Kuva kw’Iraro gushika i Gitega, ivyo yabayemwo yari amananiza. Arabitwiganira.
Marie Pacifique Kenerugira
Kwiyunguruza mu ntara: “Nicaranye n’impene kandi ndi umuntu”
Barabivuga tukica amatwi, canke tukabifata nk’ibitebu. Ariko abantu biyunguruza mu ntara zo hagati mu gihugu ntiborohewe na gato. Umwanditsi wa Yaga yajanye nabo. Ivyo yabonye biteye agahinda. Aratugira ku muriri.