Hari ubutumire bw’urubanza rwo « kuvyukiriza inka » bwatembereye ku mbuga ngurukanabumenyi, abatari bake mwarabubonye. Ntibimenyerewe cane mu Burundi. Spageon Ngabo yaregereye bene urubanza, baramusigurira.
« Urubanza rwo kuvyukiriza inka » ? Ivyo vyo ni ibiki ? Ico nico kibazo nibajije nkibona ubwo butumire butembera ku mbuga ngurukanabumenyi. Kandi rero si jewe gusa, ko ubwo butumire butagumijwe hagati ya bene bwo gusa, bisigura ko hari n’abandi urwo rubanza rwateye amatsiko.
« Bishitse inka zawe zigakubitwa n’inkuba hama zigapfa, ni ivyago nk’ibindi. Nta wovyifuza, nta n’uwobitegekanya. Ariko nyene hari igihe biba.» Uwo ni Ndinkabandi Roza, umwe mu bajejwe gutegura urubanza rwo « kuvyukiriza inka », rwimirije kubera i Nyakararo muri komine ya Gisozi y’intara ya Mwaro, mu kwezi kwa Ruhuhuma, 2018.
Muti none inka bazivyukiriza gute ?
Nk’uko Ndinkabandi Roza abisigura, « iyo kanaka agize ivyago inka ziwe zigakubitwa n’inkuba zigapfa, baraheza bakazihamba. Nta wurya inka yakubiswe n’inkuba. Nyene guhomba rero aba ababaye cane ; gutyo agakenera abamuserukako, bakamuremesha ndetse bakanamushigikira. Ni uko rero incuti n’abagenzi baraheza bagatunganya umusi wo kumushumbusha. Kuri iryo sango, incuti, abaryango n’abagenzi ba nyene guhura n’ivyago baraza bakamugarukirako. Baza bitwaje inka, ibindi bitungwa canke icuhiro co kuzigaburira, kugira bongere kumuvyurira itunga ryiwe ryahitanywe n’akaje karamana. Ivyo ni vyo bita kuvyukiriza inka. »
Ni uko rero, ni muri iyo ntumbero uwo muryango wateguye mwe n’urwo rubanza, ruzoba mu ntango za Ruhuhuma kwimirije.
Ni akarorero mu mibano y’Abarundi
Vyarantunguye cane kwumva ko ibintu nk’ivyo bigishoboka mu kibano c’Abarundi. Aho ni mu gihe amagume n’ayandi matati ahitiye canke akibandanya hagati y’abasangiye igihugu kimwe, umuntu yohava yibaza ko yatumye ata wugisangira umukenke n’uwundi. Ariko, birahimbaye kumva ko hari ababirengera, ahubwo bakagabirana n’inka.
Nanje nti ese ibihuza abantu vyoba vyinshi !
Soma kandi:
- Mbega umuco wo gufashanya wagiye he ?
- Ni kuki Abarundi batacubaha ijambo ry’urubanza ?
- [Impari ku ngoma z’i Burundi] : « Gute umukenyezi ashobora gushigikira itegeko rimukandamiza ? »
Murakoze dukomeze akarangaaa