article comment count is: 2

Igitoro mu Burundi : none nk’ubu je nandike iki ?

Ivy’igitoro birazwi. Uwutabizi ni uwutaba mu Burundi. Na bamwe bifise ubu barazi ko hababa. Za nsimbabisaka (Jeep) zisigaye ziguma mu mpangu. Ubu nta wukironka n’ico abivugako, abamenyeshamakuru bo amakaramu agera ku kibazo c’igitoro akaziba. Uno musi umukoresha wanje yantumye gukora inkuru ku gitoro, n’ubu ndacasemagura amajuru nibaza ico nandika.  

Abanyamakuru natwe turahanzwe. Uno munsi nagiye ku kazi nsanga shefu yapfunze isura ndatangara nibaza ico nacumuye. Ntitwari bwavugane, sinacerewe ku kazi, ariko nsanze yariye ikari, ndamwegera niyegeranije kugira numve ivyo ari vyo. Ngishika hafi yiwe yagize ati : “Mwe nama ndababwira ko mutazi gukora umwuga wanyu. Ubu igihanze abantu ntimukibona ? Indwi yose atakintu mwanditse ku gitoro, abanyagihugu ntimubona ko barushe ? Bavugire !”. Naciye nemerana nti ni ukuri shefu tugiye kubikora, ariko nagiye nibaza nti none je nandika iki ubu naho ? Muti kuki ? 

None kuva aho ibijanye n’ibitoro vyavugiwe, tuvuge ikindi giki tutaravuga ? Mu kwezi guheze mugenzi wacu w’ikinyamakuru Iwacu, yacakiye ikaramu yandikira abasomyi ingene yariye irege (yagiye n’amaguru) kuva ku kazi aho akorera mw’i Rohero gushika aho aba. Yavuze ko ashitse aho aba mu Kibenga yasanze amatara yacitse (nizere ko ubu atagicika cane aho aba, jewe ahomba ntagicika). Agize arasaba agacayi ngo agarure amate, bamubwira ko isukari hatagira namba (imana ishimwe ubu agasukari karaboneka). N’umwanditsi yabunyoye, iyo yanditse wohora urasoma. None ko umenga yabivuze vyose, je nongereko iki 

Gutwenga canke kurira ?

Ndavye umwavyi shefu afise naciye ngira nka wawundi nti  ‘’Iyibize nabi uyima ifu’’, nca nihereza  igisagara nja kuraba ingene vyifashe kugira ndabe ko noronka gishasha nandika, ariko nari mfise amakenga. Sinarinze gushika mu gisagara. Ngeze imbere y’aho bita kuri Fidodido, nahasanze umurongo w’imodoka ugereza aho bita kuri ‘’Annonciature’’ nca ndahagarara ndatwenga. Muti natwenze iki ? Natwengejwe n’uko izo modoka zose zari zitonze kuri sitasiyo itagira igitoro, zirindiriye ko kizoza. 

Ee ! Nibagiye ku babwira ko naje mfise akamodoka gashaje bukebuke kamaze indwi kari ku kazi ntagatahana kuko kanyotewe cane. Ndiko mbandanya muri ville niho nibuka ko ejo ndiko nja kukazi (mba mu Kinanira) naciye kuri sitasiyo 4 zose hari hatonze imodoka ata gitoro zifise. Ngiye gufata bisi, nasanze abantu nk’ijana, bisi zabuze, haca haza imwe bita ‘’Kwasiteri’’, ndavye ingene baniganye mbona ko imashini nkoresha mfise mw’ishakoshi mu mugongo yohava imeneka negera inyuma. Haciye iminota 20, haje itagisi ipakira abashoboye kuriha amafaranga 1 500. Umutagisimeni yadutwaye agenda aradusigurira ko tugize Imana, ko ari nka rifiti aduhaye, ko kuri Bonane iritiro rizoba rigeze ku 10 000, ngo yibaza ko irisansi ritazosubira kuboneka. 

None mvuge iki ?

Ariko yaribesha kuko uwo musi nyene ku ma sitasiyo amw’amwe yo mu gisagara ca Bujumbura igitoro caciye gitangwa inyuma ya sasita. Kumbe bamwe bari batonze bari bazi ko kija kuza ! Naciye nterera agati mu ryinyo nti buca nywesha ka kamaramuziro kanje. Ariko kubera tutari bwahembwe, nagiye  napfunze umugambi wo kugurana kugira nyweshe. Uwo dukorana nashaka kugurana, nawe ntiyari bwahembwe. Ariko aheruka kuronka agashimwe, sinzi ngo ibintu biryoshe yandika ku mbuga ngurukana bumenyi. Nsubiye ku kazi bukeye aho naciye hose nasanga humye,  na ya mirongo atayihari, nca ntahura ko kitaja kuboneka, ko kandi kuronka igitoro ubu ari ugutomboza. Niho nashika ku kazi nsanga shefu yapfunze isura, nabibabwiye mu ntango. None nongereko iki ? 

Gusigura igituma ata gitoro kiboneka ? Bimaze iki ?  

Ego imisi mikuru nka Noweri na Bonane abantu bahora bahimbaza, bakinezereza. Ariko igihe maze nciye ubwenge, ni ryo rya mbere iyi misi igeze hari ikibazo c’igitoro no kwiyunguruza gikomeye uku. None bizogenda gute ubu ? Abategetsi ni vyo hari ingingo bafashe kugira ikibazo c’igitoro gitorerwe umuti. Muri izo ngingo, harimwo iyo guha Regideso ( twari tumenyereye idandaza amazi n’amatara, ndibaza ko muzi ingene bimeze ivya yo) igikorwa co kurangura no gutanga igitoro. None ko uwo muti utafashe neza, je nkaba ntari umuhinga, mvuge iki ? Tubwire abahinga baze kudusigurira igituma ata gitoro kihari ? Bifashe iki ? 

Kuri Bonane nta makado y’inyama, muzonzanire aka “20 litres’’

Mu nyuma nagitoye ico kuvuga. Bantu mukunda gutanga utuganuke, bamwe muhora mukunda gutanga haba akaboroshete, uruhotorwa, imivinyu, ivyambarwa n’ibindi ku misi irangiza umwaka. Uwu mwaka murareka kubinzanira. Muzompitanire ikibido kimwe c’amaritiro 20 y’agatoro kugira ku bunane nzokwigire i Bugarama kurya akayaga basi. 

Mbandanije ya nkuru shefu yantuma, nagiye kuraba mu gisagara nsanga ni kwakundi vyahora. Ndiko ndagaruka, naguma nibaza nti: ‘’None je nandika iki ?’’. Nshitse ku kazi nashitse nicara mu biro biri kure y’ivya shefu kugira mbe ndiyumvira ico nza kumubwira, kumbe nawe yari yambonye kera, nza mbona arinjiye. Ataravuga, namubwiye ndaba hasi nti: ‘’Ni ukuri shefu nabuze ico nandika, vyose bimeze uko vyahora’’. Yaciye yisubirira iyo avuye ata jambo na rimwe anyishuye. None na mwe ni munfashe. Ivy’igitoro tuvugeko iki ? 

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (2)

  1. Hasigaye kwandika nk’ivyo muri apocalypse. Kuko, le fait yo kubura igitoro ntibiriko vyaffecta abantu batwara imiduga gusa, biriko bikorako abantu bose. Nukuri kumva mvuka nanj ni iryambere iyi misi mikuru ya Noel na Bonane umunyagihugu abayeho nabi : gushika naho udashobor kwigurira ikilo c’ibiharage n’ic’umuceri ngo aryoherwe. Ikijanye n’ibitoro reka tugihebere ama ambulance atwara abarwaye n’imiduga itwara ibiziga kuma cimetière, abandi dutekereze tugende n’amaguru.