article comment count is: 2

[ICIYUMVIRO] : « N’aho hatobaye abatwivye amadorare, hari vyinshi bituma ubukene bwayo budahera »

Mu gihe habandanya hibonekeza ikena ry’igitoro n’iry’amafaranga y’agaciro, Jean Claude Karerwa Ndezako, umuhanuzi ajejwe ibibazo vya poritike n’imico kama mu biro vy’umukuru w’igihugu, yaratanze iciyumviro, kw’itariki 3 Nzero 2024, abicishije ku rubuga rwiwe rwa Facebook, aho yerekana imvo zitandukanye zituma ikena ry’amahera mvamahanga riguma ryigira kananirabagabo ; hamwe n’impanuro.

Ati : Igihe amahinguriro nka FOMI, BUCECO, MUSUMBA STEEL n’ayandi yatangura gukora, benshi twariruhukije, twizera ko amadorare yahora asohoka kugura intabire n’ibikoresho vyo kwubaka agiye kugabanuka, maze tugasigara duhanzwe na bike nk’ibitoro n’imiti. Yamara, ntivyagenze uko twavyiyumvira, ari naco gituma dukwiye kubandanya duteka umutwe ngo turondere izindi nzira zo kuziganya no kugwiza amadorare.

Muri iyo ntumbero, twokwibaza ibibazo bikurikira: mbega Uburundi burafise Amadorare akwiye ufatiye ku vyankenerwa Abarundi bagurira hanze y’igihugu nk’imiti, ibitoro, imiduga, shampanye, terefone n’ibindi ? Mbega ayaboneka arakoreshwa hisunzwe ivyihutirwa kurusha ibindi ? Mbega birashoboka ko twoziganya kandi tukinjiza amadorare kurusha uko twahora ? Umwihwezo wanje ni intererano ibayabaye, kuko nta bumenyi bwinshi mfise mu bijanye n’ubutunzi, ariko ndizeye ko uyu mwihwezo ushobora gukabura ubwenge bw’abahinga n’abafata ingingo kugira ntituzosubire gukehanirwa n’amadorare ngo bitubere intandaro yo kubura ibitoro n’ibindi dukenera cane biva hanze y’igihugu.

Abatuboneye izuba barayamaze bati « Iyitaye umuza iba yatanze umusa ». Uwo mwibutsa utwibutsa ko uko ikebwako ariko ikeha. Mu yandi majambo, n’aho ikigega coba cuzuye, haragera igihe kigasigara kigaragara, n’aho wokuramwo urutete rumwerumwe.

N’aho hatobaye abatwivye amadorare yababa imiriyoni miringo itanu batubeshe ngo bagiye kuduhahira, hari imvo nyinshi zituma intāngo y’amadorare ibandanya guta umuza. Zimwe muri izo mvo ni izi :

1. Hari Abarundi b’abakūngu batahirije amatungo yabo mu mahanga. Ayo matungo agizwe ahanini n’ibihumbi n’ibihumbagiza vy’amadorare babikije mu mabanki yo hanze, imitahe bashize mu mashirahamwe yo hanze, hamwe n’inyubakwa baguze mu bihugu vyo hanze.

2. Muri rusangi, nta Murundi n’umwe agishoboye kubaho atikoze ku bikorerwa hanze. N’aho yorimye akimbura ibingana gute, ntazobura gukenera akunyu, akabiriti canke agahuzu, kandi ivyo vyose bigurwa amadorare.

3. Hari abatunzi b’Abarundi basigaye bakora ibishoboka vyose kugira berekane ko badasanzwe babicishije mu nyubakwa babamwo, imodoka bagenderamwo, hamwe n’ibifungurwa, ibinyobwa, ivyambarwa n’ibikoresho bibarizwa mu mihana iwabo. Ivyo vyose ndondaguye n’ibindi bigurwa amadorare kandi menshi.

4. Abana b’abatunzi basigaye bahurumbira kwiga hanze, bakiyongera ku bandi bana b’Abarundi babayabaye barungikwa n’igihugu kwiga mu mahanga. Baba abo ba mbere canke abo ba kabiri, bose impamba yabo ni amadorare.

5. Abarundi bifise basigaye bahitamwo kwivuza hanze, kandi uwutobatahura yoba adatahura, kuko twese iyo tuba tubishobora twokwivuje haze; kanatsinda Uburundi bwacu buracari inyuma mu bijanye n’amagara y’abantu. Aho twivuza hose bisaba akavunjarume, intasuro n’ivyero, ivyo vyose bikagurwa amadorare.

6. Uburundi bwama burungika ababuserukira mu manama n’amahiganwa mpuzamakungu, abo nabo bakiyongera ku bakandizi b’Uburundi mu makungu. N’abo nyene bakenera amadorare ngo bashobore gukora icabajanye. Ubu hoho hiyongereyeko n’amatike y’indege asigaye agurwa amadorare!

Akaba karabaye, twarinjiranywe. Amadorare Uburundi bukenera buzoguma buyakenera, ivyo Abarundi bakenera bazoguma babikenera, mbere bizokwiyongera, kuko « Intāngo y’iteka yama ari igicuga ». Igihambaye ni ukuraba ico twokora ngo tuzibire ibihengeri vyose amadorare yocamwo ngo adutakarane ; kandi tukiga ingene twoziganya make dufise, tukongera tukagerageza kwinjiza menshi ashoboka. 

Bimwe niyumvira vyokorwa ni ibi :

1. Kunagura igisata c’amahinguriro n’uburimyi kugira dusubire kwihingurira imiti, impuzu, amasuka n’ibikoresho vyo mu nzu, twongereko intabire, ibifungurwa n’ibinyobwa vy’akanovera kugeza aho tuzosigara dukenera bike cane biva mu mahanga, mbere bishobotse dushore no mu mahanga. Ivyo tubikoze tuzoziganya kandi twinjize amadorare mu Burundi.

2. Kunagura igisata c’ingenzi : Turafise ivyiza vyinshi vyo kurata no guhayira amakungu. Dukwiye kubitunganya neza duhereye kwugurura inzira zo mu kirere no mu kiyaga, kugira mu Burundi hinjire ingenzi nyinshi. Turakeneye indege z’Uburundi zinyuragiranwa hirya no hino kwisi, hamwe  n’amato mu kiyaga Tanganyika. Ku bibanza vy’iratiro bikuru bikuru, harakenewe imigwi yamaho y’intambo kama.

3. Igisata c’indero n’inyigisho kirakwiye kunagurwa, canecane mu gusubiza akanovera inyigisho, kugabanya igitigiri c’ivyigwa kuko kenshi usanga abana biga vyose kugira ntibamenye na kimwe. Mu misi iheze, twararonse Abanyekongo n’Abanyarwanda baje kwiga kuri Kaminuza za Ngozi, Mwaro, na Hope Africa University, ariko ubu baragabanutse cane. Twubatse kaminuza zikomeye nka ISCAM imaze imisi yakira intwazangabo zo mu muryango w’ibihugu bigize Afirika y’ubuseruko, abana b’Abarundi bokwiga iwabo aho kuja gusesagura amadorare hirya no hino kw’isi, mbere n’abanyamahanga bakaza kwiga iwacu batuzaniye amadorare. Bibaye ngombwa twokwikora no ku bigisha baturuka mu mahanga, kuko uwushaka iteka araritekerera kandi nta wuterwa iteka atekeye mu vyatsi.

4. Turakeneye ibitaro vyikwije vyotuma Abarundi batabandanya gusesagura amadorare mu bihugu vyo mu karere nk’Urwanda na Kenya. Kira Hospital n’aho idakomeye ku rugero mpuzamakungu, irinjiza amadorare aturuka ku Banyekongo begereye ku rubibe duhana na Kongo iharanira demokarasi. Kubera ukutizera ibitaro n’ibikoresho bijanye dufise mu Burundi, abatunzi n’imiryango yabo bakubitirwa kwisuzumisha n’ukwivuza mu mahanga n’aho boba bariwe n’igihere! Iyo bagiye kwivuza mu mahanga batekera amadorare menshi yo gutasura no guha ivyero abaganga, ayo kugura imiti, hamwe n’ayo kugura umwerera.

5. Igisata c’ukwiyunguruza kirakwiye kugarukirwa. Umusi hoboneka imodoka zagutse kandi zisukuye zunguruza abantu mu mpande zose batareranye canke ngo barere imizigo, benshi boheba umwitwarariko wo kugura za bisumbagutira na za jehokuki, maze n’ibidukikije bikahatorera akoyokwe.  

6. Turakwiye kwihatira kubaho mu buryo buciririkiye, tureke kwîgāna abazungu canke kwigera mu Barembe tutari Abarembe, twibuke ko ingendo y’uwundi ivuna, kandi ko ingeso y’urugo itubaka urundi. Ubwo duhevye Shampanye, Kavyari ya matabi azimvye cane, hari ico twoba ? Erega hari n’ababigura kugira bereke abababona ko badasanzwe; kandi basanzwe cane!

7. Tuvuge neza Uburundi kandi tuburonderere abagenzi, babugendere batuzanire amadorare. Aha twokwongerako gutunganiriza amahiganwa n’amanama mpuzamakungu mu Burundi, kugira abayitavye batugemurire amadorare. Ivyo bisaba ko twisuganya mu mahoteri n’ibibanza biberamwo amahiganwa.

8. Dufashanye kurondera ubuzi mu mashirahamwe mpuzamakungu kurya abo muri Afirika yo mu burengero babikora, ariko twibuke gutahukana impembo n’ingero mu Burundi, tubitse mu mabanki y’iwacu.

9. Tudome urutoke ku barya igiturire bakazibira iyo biva mu guca inkokora abazana imitahe mu Burundi, dutoze amakori ata nkuzi canke gukindikiza no gukimbukira abatunzi, tuzirikane ko n’aho bokwiba batwibira baba bariko bībiza benshi.

10. Yamara rero tugire umutima mwiza, tunezerezwe no kubona abandi batunga, biga bakaminuza, bacuruza bakunguka. Twirinde kubaroga canke kubakorera inteba ishushe, nyabuna tuzirikane ko umwiza yoba aho ubaye, kandi ko inka ikamwa idatashe iwawe yotaha ku mubanyi.

11. Abo batunzi nabo tubasaba kuzirikana ko Imana iguha ingoro ikubikiye akaruri, bige gutungisha abandi aho kubatera ubukene kugira ntibaze bashangashirwe ngo babibe canke babice. Ikindi dusaba zina mutunzi azi ko yivye ni ugusubiza ivya Barundi, atari aho naho, amategeko akore, kuko ata kundi nta kundi!

12. Abakoresha imiduga n’ibindi bikoresho vya Reta bokwitwararika kubibungabunga nk’ivyabo kuko vyononekaye dusohora amadorare mu kubigura. Vyoba vyiza kandi bagiye baribuka kwunguruza abatagize amahirwe yo kuronka imiduga mu gihe bishoboka.

13. Amabarabara n’izindi nyubakwa za Reta bikwiye kwitabwaho kuva mw’itangwa ry’amasoko gushika mw’ikoreshwa, uciye mw’iyubakwa. Uko hatangwa ibiturire vyinshi niko hakorwa iborwa bike, kandi n’ivyo bikozwe ntibirama, duca twama mw’ihumbi. Twibukanye ko kwubaka no gusanura bitwara amadorare.

14. Nkaba ndamukije amahoro ndabibutsa icivugo umukuru w’igihugu cacu yahariye umwaka w’2024: « Twubake umushinge w’imbonakazoza y’Uburundi 2040 na 2060 duhereye ku guteza imbere ubuzima bw’abenegihugu« . Sinokwibagira no gusaba imbabazi aho noba nihenze. Muntunge mumburane, muntungire aho amenyo atungira ururimi, muntahure kuko ninjiye ikibira ntazi neza, canecane munyunganire.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (2)

  1. None abo bivye izo miliyoni z amadolari ntawubazi?ikindi nuko imyaka yose uwivye ama miliyari muburundi azobwirwa ngo subiza hagafungwa uwivye igitoke,Uburundi buzokwama ari ntaho nikora.