article comment count is: 0

Ibigo vya kaminuza y’Uburundi : ibintu 7 womenya ubu

Mu mwaka w’2017, narababwiye amajambo icumi utotahura utari mu bize muri kaminuza y’Uburundi. Mu mwaka uheze, uw’2022 naho nyene, naragarutse ngaha ndabaha insiguro y’ijambo “kugicamwo”, nk’uko ryakoreshwa cane muri iyo kaminuza. Na none ndagarutse rero. 

Ubu naho nzanye ayandi majambo abatari bake, canecane abatahabaye, canke mwe mwahaciye mu myaka y’imbere y’2020, bashobora kuba batomenya. Vyose hamwe, nzanye ibintu 7.

Bine vyo muri vyo ni impinduka ku vyahahoze mbere na mbere, kuko nibaza ko hari nk’abapoils bari i Louvain (mu Bufaransa canke ahandi hanze ya Rumuri) bakeneye kumenya nimba bikiri kwa kundi. Hanyuma, ibindi bitatu navyo ni bishasha mutari muzi. Ku batahaciye nabo, vyose ni bishasha. 

1. Ivyiyumviro

Ku bisanzwe, winjiye muri kaminuza y’Uburundi, uba usa n’uwinjiye mw’idini. Ni ikindi kibano gitandukanye n’ivyo uba umenyereye. Uretse ku bijanye n’imvugo canke imibereho ya misi yose, ni ahantu hafise n’ivyiyumviro vyitandukanije. 

Kuva na kera na rindi, umupoil yamye ari umuntu yiga azi neza, adakekeranya ko ari we mutegetsi w’ejo, ko ibintu vyose vyiza ari rwiwe (imiduga, abagore n’abagabo, amazu n’ibindi). 

Naho ubuzima bugenda bukuranya ibihe, ivyo navyo bikerekana isura nshasha buri gihe, vyinshi birahinduka, ariko abapoils batari bake baracagendana vya vyiyumviro. Ariko reka sinje muri vyinshi, wonasanga ariko gakomezwa kabakomereza ivyizigiro vy’ejo heza, kakabatera kubandanya urugendo no mu bihe bitoroshe.  

2. Akayi k’abapoils

Kare na kare, ibintu bikimeze neza mu bigo vya kaminuza, uburiro bwaratanga imfunguro yo mu gitondo ku banyeshure. Iyo yari igizwe n’umukate n’icayi ca mukaru. Mw’ijambo rimwe, bavyita “akayi”. 

Yamara rero, aho hari kera nyene. Ubu akayi nk’ako ntikagihari. Igisigaye carafashe ni ryo zina ni icupa ry’amazi y’ukunywa rirangwa muri buri cumba c’umupoil. Nta womenya ingene vyatanguye n’ingene bagaciye bakagahana, ariko, ivyumba hafi vyose mu buraro bwo ku Mutanga, baba bafise bene ya macupa avamwo inzoga z’injabuka, bakayabikamwo utuzi two kwivuna akanyota. Iryo cupa niryo baheza bakita: “akayi k’umupoil”. 

3. Umupoil canke Umwana wo mu giti ?

Mu 2019, narababwiye insiguro y’akazina “poillisime”, nk’uko bayiduhaye tucinjira muri kaminuza y’Uburundi kwiga. Bari batubwiye ngo « abapoils ni abantu b’ubuntu bagira ibintu abantu ku buntu bw’abantu b’ubuntu ». Bagaheza rero bakagira n’ibibaranga : ko umupoil atirukanga, bakagira ukuntu baramukanya kwisangije, hakaba n’umugwa mukuru w’abapoils, n’ibindi. 

Yamara ako karanga ubu karahindutse. Kévin K., umunyeshure yiga mu kigo co ku mutanga agatanga akarorero ati : « Nk’ubu tugiye muri ya mazu y’uburiro mu Nyakabiga, benshi mu bapoils b’ukuri bafata isahani y’amafaranga 800. Babayeho ubuzima bw’ugutubika uwa vubi n’ukwibabaza. Abarenza iyo noti, sibo. Abo baba ari abana bo mu giti. »

Muri make, ubu umupoil aranga no “gutota”; bisigura « uguhura n’ingorane nyinshi cane », nk’ubukene bwa bundi bwokora amakara bugata, n’ibindi. Kandi agakongatara, bisigura “kuryumako”. 

4. Ahahoze icuma ubu hari umusaka

Hari kera aho mu bigo vya kaminuza hari hafise inzu abanyeshure baba muri ivyo bigo bafatiramwo udufungurwa. Izo nzu bakazita “icuma”. Ako kazina aho kavuye, navyo nyene narabisiguye muri ca gisomwa mu 2022. 

Uyu mwanya nandika hano, ahahoze impene ubu habarizwa ikiziriko gusa. Intebe bahora bicarako bariko barivuna umusase, ubu zubitse hasi canke ku meza. Umukungugu niwo utuma kw’idirisha ry’icuma, ahahora hacishwa udufungurwa abanyeshure bihereza, aho hambere. Uri uwundi ati : « Ivyari i magera vyarageruye ».

5. Icumba c’amafaranga 7000 ku kwezi

Mu gisagara ca Bujumbura, ibintu vyose birazimvye. Vyagumye biduga ibiciro vyisubiriza, cane cane muri iyi misi y’ikena ry’ibitoro. Ikitavuzwe co ni amazu yo gupanga. Kiretse ayo mu bigo vya Kaminuza y’Uburundi. 

Muri ivyo bigo, twese turibuka ko hasanzwe hariyo uburaro bw’abanyeshure. Aho ibintu bihindukiye, icahoze ari agafashanyo kigahinduka ingurane, ubu icumba kimwe co muri Kaminuza y’Uburundi bagipanze ku mafaranga 7.000 y’amarundi. Iyo ako kagurane kaje gacerewe nk’amezi ane, kaminuza ibanza gukurako ivyo 28.000 vy’amezi ane uwufise icumba aba amaze akiryamamwo atariha. 

6. “Kwimporta” kirabandanya ukuri kwamye

Mbe ninde yavuze ngo « imibonano mpuzabitsina ni ikintu kibarizwa mu bubatse gusa ? » Uwo ntiyari bwamenye ubuzima bw’abapoils, iyo biri hose. 

Ni uko rero, no muri bwa buraro bwa kaminuza birabaho ko inkumi ija kuramutsa umusore, canke umusore akaja kugendera inkumi, kandi iryo jambo bakarishikako. Nico bita: “importation”. Ibitari bike mu mibereho ya kaminuza, ubu vyarahindutse; ariko, ico kiracari kwa kundi. Umwe mu banyeshure babinyiganiye akagira ati : « None ibi bizu vya kaminuza twobikoza iki kindi, hamwe ico coba kitagishoboka? »

7. Paruwase yari iya kera

Ni mu kigo co ku Mutanga. Bahita kw’iparuwase canke “ku mugwa mukuru w’abapoils”. Iryo zina ryari ryakomotse ku kubera ariho hari ubuyobozi bukuru bwa kaminuza y’Uburundi, hakongera hakaba iposita yahora ishikiriza ka gafashanyo abanyeshure, eka mbere hakaba n’inzu somero nkuru (“Bibliothèque centrale”) yitiriwe Mouamar Khadafi. 

Ubu rero, uretse ko icahoze ari agafashanyo kitakihari, ubu hari ingurane, na posita yahora ikabashikiriza ubu yarahindutse; ubu abatari bake batora iyo ngurane muri BCB. Abanyeshure baracahita iparuwase, ariko ni kubw’amateka cane cane, kuko hari uburanga bumaze gutakara. Wa wundi ati : « igisongoye kurafyita ».  

Sije nohahera !

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion