Kwiyandikisha muri kaminuza ni igikorwa coroshe kuri bamwe, naho ku bandi rukaba urugamba rudasanzwe. Impapuro bakenera zibatwara uburyo butari buke, rimwe na rimwe bugoye no kumenya igitigiri, ari naho usanga imiryango kugira irungike umwana muri kaminuza ibanza kwikokora. Muti none […]
#Kwiyandikisha
#KwandikwaMuriKaminuza : “ Dusabe inema y’ukwihangana ? ”
Iyandikwa ryaraheze, ariko hari abatazokwibagira iyo vyaciye. Zimwe mu mpapuro basabwa muri uko kwiyandikisha zikaba zitaboroheye kuronka. Ni icibukiro.
#KwandikwaMuriKaminuza: akamo ku bushikiranganji bw’indero n’ubw’umutekano
Si agaseseshwarumuri, impapuro zisabwa abanyeshure bagiye kwiyandikisha muri kaminuza ziragoye kuronka. Zaba izo mu bushikiranganji bw’umutekano canke izo mu bw’indero, zose ntizoroshe kuronka. Muti ni igiki cokorwa kugira ngo ziboneke bitagoranye? Mbwirira bene vyo.
#KwandikwaMuriKaminuza : umwaka ku wundi, ingorane ku yindi
Kwiyandikisha muri kaminuza ntivyamye bikorwa nk’uko tubibona uno musi. Uko imyaka yagiye iragenda, ico gikorwa cagiye kirahindagurika, na canecane ibisabwa ; ni vyo vyagiye birongerezwa, maze bituma ico gikorwa kiguma. Muti vyoba vyagenze gute kugira bigende biragorana ?
#KwandikwaMuriKaminuza : inzira y’umusaraba ?
Haheze amayinga yababa abiri abanyeshure barangije amashure yisumbuye batanguye ivyigwa vyabo vyo mu ma kaminuza, ku bashoboye kuronka ubwo burenganzira. Hagati y’umusi w’ukurangiza ishure ryisumbuye n’umusi w’uguhonyoza ikirenge mw’ishure kaminuza, urugendo ni rurerure. Kubera iki ? Bene kuharuhira bokworoherezwa gute […]