article comment count is: 1

Gusubiza ba « mayibobo » mu miryango yabo : Inama yosumba ingimba

Haraciye ikiringo kingana hafi umwaka, umukuru w’igihugu atanze itegeko kuri ba buramatari bose ko mu mezi atandatu, ata mwana yiyerereza mu mabarabara y’ibisagara yoba acibonekeza. Ariko, iyo ngingo nta kintu na kimwe yahinduye. Bamuhaye Chancelle ati « uburyo bwakoreshejwe si bwo bwari bubereye ».

Iyo ngingo yakora no kuri bamwe usanga atakindi bakora atari gusegerereza. Ariko, naho ico kiringo kimaze kwikubamwo kubiri, ibintu biracameze kwa kundi nk’uko womengo nta kintu na kimwe cigeze gikorwa.

Umuntu yoheza akibaza ati none hoba habuze iki kugira icategetswe n’umukuru w’igihugu kiranguke ? Nimba bitaturutse ku buremere bw’ingorane, kumbure uburyo bwakoreshejwe mu gutora umuti w’ikibazo ntibukwiye canke ntibubereye.

Ikibanza c’umwana kiri mu muryango

Ni ko amategeko akingira abana abivuga, naho nyene bitabuza ko abihaye kugira ibarabara uburaro n’uburamuko vyabo batabura. Rimwe na rimwe, banabifashwamwo n’abavyeyi babo, aho nkavuga nka ba bana usanga bazananye na ba nyina babo gusega.

Birumvikana kandi ko igikorwa co gusubiza be n’abo bana mu miryango yabo ari igikorwa ca leta imbere ya vyose. Ariko, hari ubuhinga butegerezwa gukoreshwa kugira ivyo bishoboke.

Igihe umukuru w’igihugu yatanga iryo tegeko kuri ba buramatari, abegereye ibisagara twarabonye ingene igipolisi casabagiye hirya no hino cegeranya abo bose batagira ibibaranga, kikaburiza imodoka no mu gasho ngo ba ! Bukeye kabiri ukumva ngo babaduganye mu makomine baje baturukamwo.

Ndetse rero ko inkurikizi z’ingingo y’umukuru w’igihugu zabonekeye gusa muri uko kunyuragirikanwa kw’abapolisi, bene gusubizwa mu miryango bo ntibigeze bahagarika kuyerera irya n’ino ukuri kwamye na bugingo n’ubu.

Inguvu zosubirizwa n’inyigisho

Nihweje imisi igipolisi camaze kiriko kirakurikirana abo bana, wosanga uburyo bwahagiriye atari buke. None ivyo vyose bikaba vyahereye mu ruhombo, kuko na none womengo nta cakozwe.

Noneho rero, igikorwa co gusubiza abana baba mw’ibarabara mu miryango yabo, ntigikwiye guhera mw’itegeko kigaherera mu kubashwiragiza. Hakenewe umugambi munini, uteguwe neza kandi ugashirwa mu ngiro n’abahinga babifitiye ubumenyi bukwiriye.

Gutyo rero, leta ntiyari ikwiye kwihererana ico kibazo ngo yitege kugira ico ishitseko ikoresheje inguvu z’igipolisi gusa, ahubwo ikwiye kubanza gutegura ibibanza vyo kwegeranirizamwo abo bana, bakiga icatumye batoroka mu miryango yabo, bakabaha inyigisho zibereka ubundi buryo bobaho batazeye inze kw’ibarabara, bagaheza bakabasubiza iyo bazananye.

Atari uko, nta wokwihenda ngo ijambo ry’umutegetsi kanaka rirahagije kugira abo bana bave mw’ibarabara. Ahubwo ata gikozwe bazobandanya biyongera. Kumbure n’abo barikuriyemwo bazogera igihe barivyariremwo, mu nyuma twisange amazi yararenze inkombe.

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)

  1. Nivyo koko. Uburyo begeranya abo bana rimwe na rimwe bwari bunateye amakenga kuko hari abakubitwa. Ariko rero ngira muraya mezi atatu bongeye kwiga iyindi mpinyanyuro yo kubegeranya bakabanza kubashira mukigo babigishe ivyerekeye imiryango banamenye n igituma bagiye mW ibarabara aho ngira ngo bizoshoboka. Ariko nibakoresha inguvu kubana nk abantu bakuze ndibaza KO abana batazoshobora gukwiragizwa mu miryango yabo.

Nous utilisons des cookies pour vous garantir la meilleure utilisation sur ce site web.

En poursuivant votre navigation sur ce site, vous acceptez l'utilisation de cookies. Si vous souhaitez en savoir plus sur les cookies que nous utilisons, veuillez lire notre politique relative aux cookies.