Photo d'illustration: Wikimedia Commons

Abigisha barakwiye kuronswa agashahara gashimishije

Abigisha bari mu mirwi y’abantu batuma ubuzima bw’igihugu bubandanya gutera imbere. Abo rero ni bo batanga ubumenyi maze igihugu kikaronka incabwenge zigifasha gutera imbere. Ariko rero, nk’uko ‘umukozi wese aberwa n’impembo’, agashahara kabo siko gashimishije kuko abenshi birabagora gutunga imiryango yabo, icibagiwe co n’ukurangura akagambi k’iterembere ryabo nk’uko Renovat Ndikumwenayo abibona.

Kuva kera na rindi, abigisha bamye ari bo mushinge w’iterambere kuko ari bo batanga ubumenyi bagatuma igihugu kironka incabwenge zishobora gutorera umuti ibibazo biba bigihanze. Duhereye mu mwaka wambere wo mu mashure y’intango gushika no muri za kaminuza, ubumenyi abanyeshure baronka babukesha abigisha. Ariko rero n’ubwo abigisha bafise ibanga rikomeye mu gihugu, umushahara baronka ntushobora kubatunga neza ngo wongere utunge imiryango yabo. Ivyo bikabonekera ku mayegereyegere yama yibonekeje mu gisata c’indero basaba ko agashahara kabo koduzwa.

Ukwo abigisha benshi babayeho

Umwigisha umwe twaganiriye ndamubajije igituma muri ico gisata amashirahamwe y’abigisha atari make dukunda kwumva bariko barasaba ko bodugirizwa umushahara, yanyishuye ko abigisha boba bari mu murwi wanyuma w’abakozi ba Leta bahembwa amahera make ugereranije n’ibindi bisata vy’igihugu. Ndamubajije amahera ahembwa, yambwiye ko adashitsa amafaranga ibihumbi ijana vy’amafaranga y’amarundi. Yongera ati: « Ayo ni yo mpembamwo umukozi nkongera nkasumiramwo umuryango wanje ugizwe n’umugore n’abana batanu nkongera nkariha n’inzu nkose amafaranga ibihumbi mirongo itatu ». Ndamubajije ko ayo mahera ashobora kubatunga n’umuryango wiwe yanyishuye ati: « Twaragowe cane kuko twama mu madeni atagira izina bigatuma ata n’umugambi dushobora kurangura ».

Twomenya ko, muri kino gihe ubukene buguma bwiyongera, agashahara na ko kakaguma ari kakandi ku bakozi ba Leta, na cane cane abigisha. Uko kuronka agashahara kadakwiye ku bigisha bituma bataba bakironka ingoga zikwiye zo kurangura umwuga wabo iyo ikaba ari ingorane iza yiyongera kw’ikena ry’abigisha rirangwa mu mashure muri kino gihe nk’uko umwanditsi wa  Yaga Burundi Chancelle Bamuhaye yavyanditse, ingaruka mbi zikagwa ku munyeshure hamwe n’uruhombo runini ku gihugu kuko ubumenyi buca butera butituka mu rwaruka. None vyoba biva kuki kugira agahembo k’abigisha ntikisununure? Kenshi na kenshi biva ku bukene burangwa mu gihugu kuko na Leta iza yaramaze gufata ingingo yo kutabandanya itanga akazi ku bigisha kandi abigisha bagikenewe ku bwinshi.

Ukwo ibintu bibereye kugenda

Leta yari ikwiye gutahura ko umwigisha ari inkingi ya mbere y’iterambere. Igihugu kitagira incabwenge kiba gisa n’ingabo zitagira abatware. Yari ikwiye kudugiriza agashahara abigisha kotuma bashobora gutunga imiryango yabo mbere bakanarangura n’iyindi migambi y’iterambere kanatsinda hakora mu nda, gutyo bagashobora gutanga ubumenyi borohewe. Abigisha na bo bakitanga mu kurangura akazi kabo kugira bashimishe Leta n’abavyeyi hamwe n’abo bajejwe kurera niho, naho boba bariko barasaba kwongerwa umushahara, bokumvirwa n’ingoga kuko iyo umukozi akoze neza na sebuja aranezerwa, akaboneraho kumuhemba neza.

Articles récents

Say your opinion

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

*