Mu rushana ruhitiye, ibice bimwe bimwe vyo mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura vyaratewe n’umwuzure uturutse ku nkukura y’imvura eka mbere benshi mu bahaba barahaburira ibintu n’abantu. Nijimbere Thierry aratuyagira ku nyifato zofasha abanyagihugu baba muri utwo turere kwikingira izo mpanuka.
Muri karitiye ya Carama, abana babiri baratwawe n’amazi mu gihe bariko barataha bavuye kw’ishure, amazu angana 32 arasambuka. Nayo mu Kiyange hoho, amazu angana 511 yarasambuwe n’umwuzurira w’uruzi Mutimbuzi kuko rwari rwarenze inkombe zarwo biturutse ku mvura nyinshi yari imaze iminsi irwa. Si ubwa mbere amasanganya nk’ayo ashika muri ivyo bice. Muri Ruhuhuma umwaka w’2014, isanganya nk’iryo ryarabaye mu Gatunguru, Gahahe na Carama. Abatari bake barahasize ubuzima, amazu nayo nyene arasambuka.
Ni kuki none ivyo biguma vyisubiriza uko urushana rugeze? Hokorwa iki kugira bene guterwa bazitire bataronerwa? Utwo ni tumwe mu tubazo uwo ari we wese ashobora kwibaza. Nta wari yiteze ko iyo ngorane yokwisubiriza, mu gihe kuva aho habera iryo sanganya mu 2014, Leta yari yaciye igira akigoro iraca imiserege itwara amazi mu Carama eka yongera iragura iyari ihasanzwe. Ariko rero n’ubu iyo imvura iguye imiserege yose iruzura bigatuma amazi arenga inkombe agaca atera abantu mu mazu yabo.
Imvo nyamukuru zituma uwo mwuzure
Nk’uko vybonekeza no mu yandi ma karitiye ari mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura, mu Carama imiserege yaho irangwamwo isuku rike kandi yategerezwa gusukurwa kugira ngo imanukane neza amazi y’imvura. Ivyo narabibonye ku mabarabara menshi ari muri ico gice c’igisagara igihe hari haheruka kuba umwuzurira mu ntango z’ukwezi kwa Rusama uyu mwaka. Narondeye kumenya igituma hari iyo ngorane. Niyonzima, umushingantahe nasanze ariko arazibura umwe mu miserege iheruka kwubakwa muri iyo karitiye, avuga ati: “Iyo imvura iguye ari nyinshi, imiserege iruzura, maze igahitana imyanda yose iba riri ku nkengera. Aho rero hakaba harimwo ivyatsi n’amabuye maze bigaheza bikuzuza uyu muserege, amazi agaca yuzura hanyu akisuka mu mazu y’abantu”. Kukaba nka ko, uriko uratembera muri ako karere, uribonera ko hari benshi bihaye ingendo yo kurunda imyanda kw’ibarabara, hafi y’iyo miserege nyene mu kurindira ko ya mashirahamwe ajejwe gusukura igisagara aza kubiyora.
Umwigisha Valos Runyagu ni umwe mu bahinga menyeshantara bo muri kaminuza y’Uburundi. Ku bwiwe, ikibazo co mu Carama cavuye ku mvo zinyuranye. Agira ati: “Carama ni karitiye yegereye imisozi, ariko nta miserege ikwiye yahubatswe. Hari n’ibibanza vyategerezwa kwubakwamwo imiserege ariko usanga harubatswe amazu. Ku bisanzwe, ikibazo cabereye mw’itangwa ry’ibibanza iyo karitye ikiri nshasha, aho hatabanje kwubakwa imiserege yagutse kandi ikomeye yoshobora kumanukana amazi aturuka muri iyo misozi kugeza mu kiyaga Tanganyika.’’
Ivyokorwa kugira agahengwe kaboneke
Kubw’uwo mwigisha, igikorwa co gutorera umuti inkukura yo mu Carama kizotwara uburyo bwinshi mu bijanye no gukwiza muri iyo karitiye imiserege itwara amazi y’imvura. Ariko ngo mu vyo abanyagihugu bokora, gutera ibiti ku misozi ihanamiye ako karere bizotuma imvura iguye amazi atisuka ku bwinshi. Ubwo rero ni bumwe mu buryo bwiza kandi buzimbutse bwo kurwanya inkukura.
Umuyobozi w’igisata ca Leta kijejwe gutabara nawe ahamagarira abanyagihugu bo mu Carama kubungabunga imiserege basanzwe bafise. Vyinshi muri ivyo bikwiye gukorwa mu bukorwa rusangi vyama vyatunganijwe buri wagatandatu w’indwi. Ariko kandi bibaye ngombwa, ntibari bakwiye kurindira uwo munsi gusa. Igihe cose bikenewe bokwitwararika iyo miserege. Ikindi n’uko ubuyobozi bw’igisagara bwokwihaniza abarunda imyanda iruhande y’iyo miserege.
Soma kandi : Burya mwari muzi ko ari twebwe twikwegeye uruzuba n’imvura nyinshi bimaze igihe?