Mu gihe ibitigiri vy’abandura ikiza ca Koronavirisi biguma vyiyongera mu gihugu cacu, icibonekeza ni uko urudandazwa rw’udupfukamunwa ruri mu vyagwiriye cane. Si urwo gusa, abandandaza bo kw’isoko benshi bita “kuri Cotebu » bemeza ko kuva iyo ndwara imenyekanye mu Burundi, abatari […]
Christophe Niyongabo
Burundi : ibibazo bikurubikuru vyugarije igisata c’indero
Igisata c’indero kiri mu bisata bigize inkingi zigize ubuzima bw’igihugu. Inyuma y’amezi yababa abiri umwaka w’ishure w’2020-2021 utanguye, ingingo zimwezimwe ziramaze gufatwa muri ico gisata. Ariko rero, ikigaragara, ni uko impinga ikiri ndende.
Mu masomero: abigeme 37 barashurashujwe n’abigisha 10
Amatohoza yagizwe n’ubushikiranganji bw’indero bufadikanije n’umukuru w’inama nkenguzamateka, mw’isekeza yatanguje yise « Gukura imfyisi mu ntama », abarezi 10 ni bo bashurashuje abanyeshure babo mu mwaka w’2019-2020. Agahomerabunwa.
“Uwo nita umuvuzi niwe yantwaye ubusugi”: intahe
Babita ba rumenyi. Bamyeho, kuva na kera na rindi. Ababitura baba biteze inyishu ku ngorane zibahanze. Ariko, hari abizera gusomera bagasanga barumanze. Uno mwigeme aratwiganira ingene umugabo yagiye arondera atari we yaronse.
Amatora y’ 2020 : urwaruka rushobora kugaragaza ubudasa
Muri ino misi ikiza ca Koronavirisi kibangamiye isi, n’Uburundi burimwo, biragoye kuvuga canke kwiyumvira ku kindi kintu atari ico kiza. Ariko Uburundi buri mu bihe vy’amatora. Kandi ivyo vyama bikomeye, nk’uko tubimenyereye; inyifato y’urwaruka igafata iyambere mu myitwarariko ya kino […]
«Umukoresha yamfashe ku nguvu, gutyo ntakaza ubusugi»: intahe
Mu buzi butandukanye hano mu gihugu cacu, hari abakenyezi bafatwa ku nguvu n’abakoresha babo, maze bakabigira ibanga. Joy* vyaramushikiye, none aricuza kubona atashengeje uwabimukoreye. Intahe yiwe hano.
Igwirirana ry’abantu : imvyaro n’iterambere, duhitemwo kimwe
Haraciye imisi indwi, isi ihimbaje umusi mpuzamakungu wahariwe abanyagihugu. Uwo musi wampaye kwiyumvira ku bavukagihugu b’Uburundi. Kuva mu mwaka w’2001, ibitigiri vy’Abarundi vyagumye vyiyongera, ariko kandi, bigaragara ko bitariko birasubira hasi vuba. None iryo gwirirana ryoba ritumwa n’iki ? Ingaruka zaryo […]
Burundi : tuzirikane impunzi zacu
Sokuru ati: «Ubusimbi busangiye amajanja ntibuhishanya amajambo.» Ni igenekerezo rya 20 Ruheshi, isi yose irahimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe impunzi. Mbega Abarundi bene wacu bahungiye hanze y’igihugu bamerewe gute? Reka tubice muri make hano.
Ugukoresha abana bato: « Uwanka agakura abaga umutavu »
Igenekerezo rya 12 Ruheshi, uko umwaka utashe, isi yose irahimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe kugwanya ibikorwa biruhije ku bana. Mu Burundi, abana barakoreshwa ukuri kwamye, ata n’icamira. Hano, ndababwira muri make uko vyifashe.