article comment count is: 4

Twariyandagaje inyuma y’itorwa rya “Miss Burundi 2022”

Bakivuga ko ari we yatsinze, hari abaciye batangura kwiyamiriza itorwa rya Ngaruko Kelly. Imyidogo iba myinshi ku mbuga zitandukanye. Ivyo vyari ibisanzwe, nta wushimwa na bose. Yamara hari ibintu  vyantangaje, birambabaza, bituma nibaza nimba Abarundi tudakwiye kwisuzuma tukisubirako.

Gushira aho intahe ishize, biracatugoye

Si ibanga. Mu mahiganwa nk’aya, haba hariho abafasha abahiganwa imyiyamamazo. Ubu ho haje ubuhinga bwa none, amasanamu yabo arimwo ibirungo aranyuragiranwa ku mbuga koraniro. Ariko igihe kigeze, ntihatsinda bose. Haravamwo abashimwa bakarusha abandi; kimwe gusa abatari bake batwarwa na ya masanamu bakumva ko hakwiye gutsinda Juru rya kurwa*.

Arik nk’uko tubizi, ayo mahiganwa si ubwiza bukora gusa. Abo bigeme baba bafise n’imigambi. Gusa n’ayo kw’iteke vyonyene ntibiba bikwiye. Ni naco gituma hari umugwi uba ujejwe no kuraba abafise n’ imigambi myiza.  Nk’uko Roland Rugero, umwe mu bari bagize uwo mugwi yabimenyesheje, bane kuri batanu bahurije kuri Ngaruko mu kibanza ca mbere.

Twebwe rero, twihishije inyuma ya ngendanwa zacu, kwemera ivyavuye muri ayo mahitamwo biratugora, riwe na rimwe tugashira isoni. Hari n’abazana insiguro nk’ibiturire vyatanzwe ariko ukabona ko ata vyemeza bafise ari kutemera aho intahe ishize. Iyo ngendo yibonekeje cane si iyo gusasira indava na mba.

Akagera k’amoko karacaturerembamwo

Mu majambo yavuzwe hirya no hino, hari aberekanye ko akagera k’amoko kakihari muri bamwebamwe. Akavuze wa muririmvyi, “aho ubona Ikirundi kiragoye”. Hari abasobeka mu majambo ku mbuga koraniro imvugo zifobetse, e mama ngo “hakurikijwe amasezerano y’i  Arusha” abandi bati: “ubwoko bunaka ni buhimbarwe ko hatowe uwabo”.

Amajambo nk’ayo ni inkorabara. Ni bande bazi ubwoko bw’urya mwigeme ? Ivyo si bimwe vyadukwegera akarambaraye muri kahise aho naka twamufata nk’uwacu canke uwutari uwacu ? Ko Ngaruko afise umugambi wo kuzofasha imigambi y’urwaruka, azofasha aravye intara canke ubwoko ? Habe na mba ! Uko ni kwa kwihenda kudutuma twibagira ko turi abarundi imbere yo kuba muri iyo mice: intara, ubwoko, n’imiryango.

Imbuga koraniro: uburozi

Muri iyi misi ya none, gushikiriza ivyiyumviro vyoroshe cane ku bw’ubuhinga, twari dukwiye kuraba imvugo dukoresha, no mu kwerekana ico twagaye. Abarundi barayamaze bati: “Ijambo rigukunze rikuguma mu nda”. Muri iyi misi ibiri iheze, hari amajambo nabonye yari akwiye kuguma mu nda z’abayavuze kuko ata kintu co kwubaka urwaruka na kimwe cayarangwamwo. Imvugo zibiba urwanko canke zityoza umuntu sizo zituma iciyumviro cacu kigira uburemere. Habe na mba !

Muri iyi misi, twareruye. Twarashize isoni twongera turenyaguza. Ikibabaje tweruriye imbere y’urwaruka twari dukwiye kwigisha ubutwari, ukunywana, iterambere n’uguca ubwenge. Urwo rwaruka rwaraye rutowe canke n’uruzotorwa mu nyuma, rwaraye rubonye ko hari iyindi ndwara igihugu kikirwaye. Ese mu migambi yabo bokwongeramwo uwo kuyirandurana n’imizi.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (4)

  1. Abarundi twari dukwiye kwisubirako. Haburana 2 hagatsinda 1
    Ico gisomwa ni ciza cane kandi kirimwo impanuro.

  2. Muvuze ukuri nkukurima,abavuze Arya majambo bakwiye gufuta ivyo banditse bakanasaba ikigongwe uwo bavuze nabi,inzankano zamoko twazitewe nabavyeyi ubu naho turiko tuziraga abana,nabtoyi bacu

  3. Niryambere nsomye ibintu bica kuri yaga nkagira ico nterereye.
    Tugerageje kuraba inyifato yabarundi igihe miss burundi yatorwa nukuri irateranye isoni nagahinda.
    Abarundi ubwacu nitwe twiyambura agashambara.
    Bamwe ngo nimubi, abandi ngo hatowe ubwoko;
    Dufatiye yuko atoba yari mwiza kurusha abandi bose bari muriryo higanwa; none mwosobanurira abanyagihugu yuko iryo higanwa ridashingiye kubwiza gusa? na cane cane nukungene amanota atangwa, kugira abanyagihugu dutahure basi. je numva vyofasha.
    Hama dufatiye kubwoko naho, haravuzwe vyinshi bitandukanye kandi je ndazi nkabidoze bafatiye kubwoko ndazi neza KO batazi ubwoko bwa ngaruko Kelly.
    Rero ibintu vyo gufatira kuma visage tugaca twibwira ubwoko bwumuntu nibiduhenda gusa kandi nubwoko ntibunaduhende namba je ndazi kurya wibaza ko yogukijije katariwe agukiza.
    Abarundi twige gukundana twese kuko turi bamwe, tutize gukundana nkabavukana ntituzigera dutera imbere.
    Umwansi w’Uburundi n’Umurundi nyene.

  4. Murakoze Yaga kuri iki kiyago.
    Binakunze mwotwegerera abari mwihiganwa mukabayagisha kugira twumve iryo bagona.

    Ijambo Amoko ntiryari rikwiye kugaragara mu bikorwa nkibi