article comment count is: 4

Kwiregura, kwagirizwa no gukurwa ishengero rikinje: indongozi ntizibishima

Indongozi zimwezimwe zagenywe n’itegeko ry’umukuru w’igihugu zisigaye ziregura, zagirizwa canke zikanakurwa ishengero rikoranye. Abanyagihugu barashima ingendo y’umukuru w’igihugu, ariko bamwe muri izo ndongozi bavuga ko badashimishwa n’ingene bikorwa. 

Mu ndwi iheze, umukuru w’igihugu Evariste ndayishimiye yasavye musitanteri wa komine Kiremba gusubiza inzu ya koperative yagurishije. Ivyo yabivuze ishengero rikinje mu ntara ya Ngozi. Imbere yaho, ku wa 24 Ruheshi 2022, yari yakuye Gilbert Horugavye, umuhanuzi  wa buramatari w’intara ya Rumonge, ishengero rikinje. Bukeye kabiri, ku wa 27 Ruheshi 2022, itegeko rikura iyo ndongozi ryaririsohotse.

Abatwarwa barashima

Charles Ndikuriyo * umwe mu banyagihugu bo mu ntara ya Rumonge arashima ingingo y’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye. Akagira ati:“Mbonye ingene yamumaramaje mu bantu, nagize icizere ko ata wundi murongozi asosubira kurya igiturire canke gukora urudandazwa rwa magendu.”

Iyo mvukira yo mu Rumonge imenyesha ko yatahuye ko abategetsi nabo ari abantu nk’abandi. Hari igihe indongozi zigira nk’Imana. Zigacura bufuni na buhora abo zirongoye kuko zibwira ko abenegihugu batobato badashobora gushikira umukuru w’igihugu.

Jeanette Niyonkuru*, umukenyezi aba mu ntara ya Ngozi arakenguruka ko umukuru w’igihugu yumvise amarira y’abanyagihugu bari banyazwe inzu. N’icizere cinshi ati: “Ngira abandi batware bahora bigira ibinani bazoca bugufi bubahe abanyagihugu kuko umengo abenegihugu turi abaja b’abo twitoreye.”

Uyu mukenyezi avuga ko urugendo rukiri rurerure. Iyo ngendo yo kwonona amatungo y’igihugu, kurya ibiturire, no kurenganya abanyagihugu iranga abatware bamwebamwe ntiyadutse ubu. Yigana ati: “Kuva mu 2015, abatware barihaye ububasha badafise kandi vyaradusesereje. Kandi kurwanya abo bantu si igikorwa cororoshe. Ariko umukuru w’igihugu afise ububasha bukomenye, azobatuza.

Abagenywe bakabinegura !

Pancrase Ndikuriyo*, umwe mu ndongozi zo mu ntara ya Rumonge yagenywe n’itegeko ry’umukuru  w’igihugu agira ati: ” Ndashima ingene umukuru w’igihugu yafashe ingingo yo gutuza abarongozi badutukisha kandi bakatwambika ibara mu kurenga amategeko.” 

Mugabo uburyo umukuru w’igihugu yakuye umuhanuzi wa buramatari ishengero rikinje vyaramuranduye umutima:” Ni ukuri narabuze iyo nkwirwa kuko wamengo ni jewe ndiko ndabazwa mw’ishengero hagati.”

Uyu mugabo yiyumviriye ingene umwana wiwe, umukenyezi wiwe n’incuti n’abagezi biwe bakiriye ivyo umukuru w’igihugu yakoreye irya ndongozi, akumva biraremereye.   

Kezimana Emelyne*, umukenyezi w’indongozi mu ntara ya Ngozi yagenywe n’itegeko ry’umukuru w’igihugu avuga ko iyo umukuru w’igihugu akuriye umuntu ku kibuga, ”abanyagihugu birabanezera ariko siko vyari kugenda.” 

Akabona ko nk’uko umukuru w’igihugu n’abashikiranganji baja hamwe bakagena umuntu. Niko vyari bikwiye kugenda n’iyo umutware yakosheje. “Nk’uko umukuru w’igihugu ataduhagurutsa ngo atugene ishengero rikoranye kandi tutiteguye, ntakwiye kudukurira mw’ishengero. Hari uburyo bwiza, bwo guhana no gukura uwakosheje.”

Aha ikibazo kiza akaba ari nimba ingendo ibereye ari iyishimwa n’abanyagihugu canke ari iyisabwa n’indongozi zagenywe.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (4)

  1. au fait c’est choquant bien sûr pour ceux exerçant le travail aux quels le président revoque. Bah mais pour moi si on essaie d’analyser et d’essayer de comprendre profondément, ça peut être un des mesures permettant au fautif de s’auto corriger. Leur demande vaut moins chers que ce que le public adore. Merci