article comment count is: 6

Ibintu bitanu urwaruka rwo mu gisagara ca Bujumbura rwibaza ku bantu bavuye « ruguru »

Mu biyago vyabo bateramye, mu mashure, mu birabo eka mbere no mu miryango yabo, imvukira zo mu gisagara ca Bujumbura birashika zikavuga abantu bavuye “ruguru” bakaza ino. Mu vyo babavugako, hari ibintu bitangaje, ndetse bikaba. Ng’ibi bitanu muri vyo. 

1. Baza bakenye 

Kubera umwana aba yavutse abona iwabo “kadogo” ahakora yavuye ruguru, kandi rero akama yumva bavuga ko yaje kurondera ubuzima, akura abona ko uwo wese ava ruguru aba yaje kurondera ubuzima mu gisagara. 

Ejo bundi, muvyara wacu aturuka i Karusi yaje kuramutsa mushikiwe, akishwa kiwe k’imyaka itandatu, gaca kamubaza kati: “Tonton, nawe waje kurondera ubuzima ? ” Uri uwundi aca aritwengera, amusigurira ko nyabuna aje kumuramutsa. Ariko rero ivyo vyanyeretse ko ari ivyo yumva mu kibano, mu bamukurira, eka mbere no mu miryango birashika bikavugwa.  

Ico batavuga ni uko boba baza bakenye ariko bagasubirayo batunze. Vyoba ari ko bimeze ?

2. Barakora cane

Ibi bikunda kuvugwa canecane n’abakuze, ariko n’urwaruka rukabifatirako. Bavuga ko abo bantu bava ruguru badafyina, nk’abavukiye i Bujumbura. Nk’uko twabivuze aho hejuru, bavuga ko baza i Bujumbura batifise bagashika bakora nk’abita kugira baronke ubuzima, bashobore gushikira n’abo bahasanze. 

Baba babona ko aho hantu hari amahirwe menshi yo gutera imbere, bikabaha inguvu zo gukora cane mu buzima busanzwe. No kwiga ni uko bigenda, hari n’imvugo yavutse ivuga iti: “Biga nk’abariye itongo”. 

3. Bagendana n’abo bava hamwe

Biratahuritse cane. Iyo umuntu afise umugenzi basangiye imico, kugendana na we nta gitangaje kirimwo. Kukaba nka ko, n’abo  mu gisagara barabigira. Ariko urwaruka rwo mu gisagara rwaramaze kubifata nk’ikibaranga, kugeza aho babonye umuntu ava “ruguru” agendana n’abagenzi bavukiye i Bujumbura, bamutangarira. 

Bazi ko abantu bavuye ruguru, bavuga ko bakunda kugendana hagati yabo. Bakagendera hamwe, abaje kwiga mu makaminuza yo mu gisagara ca Bujumbura bobo, bagakunda kubana mu nzu zimwe. Ariko rero, barashima ko bafise umubano mwiza. 

4. Barazi Ikirundi cane

Iki barakibemerera cane. Babafata nk’abahinga b’ururimi kavukire. Urwaruka rw’i Bujumbura, kubera kenshi rukurira ahantu Ikirundi kitavugwa cane, haragera aho batabasha kukivuga neza ariko abava ruguru bobo usanga bakivuga neza cane, kanatsinda baba bakuriye aho kivugwa kitavangwa. 

Ariko naho biri uko, ubu na bo nyene bariko barinjiranwa. Hari abo kigora bivanye n’intara bavamwo, kandi na ka karanda ko kuvanga indimi karafashe benshi. Abaje kuba mu gisagara bobo, bagerageza kuvanga n’indimi mpuzamakungu kugira baboneke nk’abanyagisagara.

5. Ntibipfuza gusubira iwabo

Nta vyigwa vyagizwe, ariko abanyagisagara  bamwebamwe bobo baremeza ko abaje bava ruguru kenshi bataba bashaka gusubira iyo baje bava. Imvo bavuga, ni kubera i Bujumbura haryoshe kuba, hakaba hafise isuku ugereranije. Hari n’utuzina bahatazira: ku matara, ku musenyi wa Tanganyika, mu muji,…, ahantu ata wokwubahuka kuvirira. Hari n’imvugo abantu batoye bavuga ngo kumanuka “nk’umupfuko w’amakara” umanutse dasubira kuduga. 

Ivyo bivugwa kuri benewacu bava mu ntara zo hagati mu gihugu ntibifise ishingiro. Naho hoba hari umwe afise ivyo twavuze aho hejuru, nta guca bajaniranya bose.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (6)

  1. Jewe ico kiganiro ndagikengurutse 90% nkaba najewe ndi muri bamwe bamanutse ubutarariye,
    Kandi ndashimye bimwe vy’imvamutima kunona mwashizemwo intara kavukire yanje ya Karusi.
    Imvukira zo mu gisagara kubwanje hariho bamwe bamwe nka jewe maze gushinga imizi ntokwemerera ko amponyorera no m’urupangu bishobotse!
    Kubera (Baradeka) harimwo abuzuye ubwibone,agafyinyi ,akagaye,amanyama kandi ivyo vyose bagashaka kuvyerekana kuri twebwe batwita (ABAMANUKA) canke m’urundi rurimi ngo turi (ABAKUYAKUYA)
    Ikimbabaza s’ayo mazina batwita oya,ahubwo n’uko umanuka umusanga kwa Se na Nyina bwaca akanya UKAHAMUSIGA muri ya Parcella wewe ugiye kuba iwawe ,wamanutse akubona ukaduga mubuzima akubona kandi .
    Nkaca nibaza nti: kobatugaya ko atanigiswahili tuzi ubwo boja Tanzania na Kenya ntibokorwa n’isoni?

    Ikindi kibabaje ,n’ukuvukira hahandi ,ugakurira hahandi,ukarongorara hahandi ukanarongirerwa hahandi ukanasazira hahandi,none ubwo nibwo buzima bwokwama ureretse inkono n’amashiga wavukiyeko?
    Ubuzima n’ukwitanga ukuze ukerekana ko utandukanye n’ivyiyumviro vy’ibitutu ukabona kure ukanagaragaza ko wokwiteza imbere utarinze kugora abavyeyi.
    Urazi kwumva no kibona ngo urakuze ukaniga ariko muzi UBURUNDI uko bungana hamwe hosohoka itegeko ko buri murundi wese apfuye azohambwa mw’itongo iwe bwite ukaba woca womoka ubutakigaruka mucakwibarutse?
    Ndaciye ndagiye uwushaka arikebuka ivyabava irya nino bireke kubasamaza ahandiho biyegure kuduga iyo twaje tuva natwe igudagara gihinduke ic’ABARIMIRO n’ABAMANUKA

    1. @Anonyme
      1. Wandika uti: « Nkaca nibaza nti: kobatugaya ko atanigiswahili tuzi ubwo boja Tanzania na Kenya ntibokorwa n’isoni?… »
      2. Nanje ntange ubuhamya
      a. Jewe ngishika muri Tanzaniya nkeka ata n’ijambo na rimwe ry’igiswahili nari inzi. Mugabo mpamaze imyaka ine, abo nakorera Dodoma baranyizeye barandungika kurongora umugambi wabo umwe wakoregwa Nzega District, mu buraruko bw’intara ya Tabora. Abo twavanye Dodoma bo bari bazi ko ndi umunyamahanga, hari ikintu kimwe indongozi imwe ikomeye yambiye, vyumvikana ko atazi ko ndi umunyamahanga (ashobora kuja kuharangurira umugambi wa Leta) kuko twavugana mugiswahili.
      b. Mugabo nsubiye inyuma aho niga kuri College Don Bosco i Ngozi, hariho uwundi muhungu twari dusangiye pupitre imwe muri 8 eme moderne. Ko se wiwe yari umudandaji i Ngozi (mu vyo kurangura ibiharage n’ikawa), yaradutwenga jewe n’uwundi muhungu yaturuka i Kanyinya, ubu iri mu ntara ya Kirundo, ngo turi abana b’abarimyi badakwiye no kwinjira mu nzu iwabo.
      Twaramusaba ko yodukundira turonse sortie tukaja kuraba ivyo bintu vya hatari birimwo, mugabo ntiyigera abitwemerera. Iyo nzu yariko ya mabati wamengo yavuye mu ngunguru nari nzi aho iri hepfo y’isoko.
      Mugabo hanyuma uwo yiyita ngo n’umwana w’umukire vyarashitse aho ndamuha indaro yaje mu gisagara ca Moscou muri Union Sovietique kuko yari aje avuye mu kindi gisagara aho yiga (muri ivyo bihe abanyeshule ntibaja mu vyo kurara mu mahoteli, kandi Leta y’Uburundi ntiyigeze iduha ka supplement de bourse abandi ba ny’Afrika benshi baronka).
      c. Hanyuma nariganye n’umukobwa (pere= docteur nigerian a Los Angeles, Californie, mere= jamaicaine) naramubonye kw’ishule atwara Voiture Mercedes yatijijwe na se wiwe (pour tout un semestre) ndamuyoberwa. Uwo mukobwa we yaricisha bugufi kandi yari mwiza kandi iwabo bari bakize.

    2. @Anonyme
      1. Wewe wanditse uti:
      « …ahubwo n’uko umanuka umusanga kwa Se na Nyina bwaca akanya UKAHAMUSIGA muri ya Parcella wewe ugiye kuba iwawe ,wamanutse akubona ukaduga mubuzima akubona… »
      2. Jewe ico ndabivuzeko.
      a. Jewe mpora nibaza nti bishoboka gute ko umurundi atagize n’amahirwe yo kwiga mu gihugu c’i Burundi camuvyaye, ava mu nkambi y’impunzi yo muri Tanzania, agashika muri Amerika ata n’icongereza azi, mugabo agashobora kwigwanako akaronka akazi hanyuma akazogura imodoka n’inzu, kandi hari imvukira muri Amerika ivyo bintu badashobora kubironka?
      b. Reba ingene umusore umwe aturuka i Bujumbura we nyene yemeza bimwe bijanye n’iyo nkuru uherutse gushikiriza.

      UMURUNDI wahungiye mu Rwanda mu ndege|Nasanze hano ari i Burayi|Nkihagera naserivaga muri Resitora
      14,383 views•Mar 23, 2021
      https://www.youtube.com/watch?v=XX-ofNx24Ig&t=2840s

  2. Jewe nanje novuga kukwo arukuri 95% kandi Najewe Naje mva ruguru ariko kandi nshima cane ko tutanka iyo twaje tuva ahubwo twanka kubayo kanatsinda ngo :: « akanyoni katagurutse ntikamenya iyo bweze » twebwe nta Burundi bwacu turiko turavamwo ariko tuzoja ahateyimbere hose mugihugu so bujumbura gusa, Kuko ubu niyo igezweho ,ejo ishobora kuba gitega, tuzojayo nahone. Muri make twebwe tuja aho ibintu vyeze gutyo tukiyamurira , nakare twakuze badusomera mu mashengero ko na yesu yavuze ngo turindirire mugisagara, none wocuguma ruguru witwajiki??
    , ntikwoba arukugarariza nijambo ry’Imana