Bavuze ko no mu masengero hari abantu bafatwa ku nguvu n’abari bajejwe imitima yabo, hari abatovyemera. Ariko rero ivyo ni ibintu bishika naho imiryango y’abo bakobwa ica ihitamwo kubirenzako uruho rw’amazi kubera inyungu zabo canke gutinya igihagararo c’abo babikoze. Umwe mu bo vyarashikiye yitwa Joëlle*, umwigeme wo mu gisagara ca Bujumbura. Yaratwiganiye ayo yabonye.
Vyose vyatanguye hari igikorane c’urwaruka ku rusengero rwabo rwa hano i Bujumbura mu 2019. Joelle, umwigeme w’imyaka 22, agenda mu mwanya wo gusengera abarwaye. Pasitori yarabasengeye bose umwe umwe ukwiwe, ariko ashikiriye Joelle, amubwira ko afise indwara ikomeye kandi anyegeza.
Joelle na we arahora kuko iyo indwara yabona ko adashobora kuyivugira mu bantu benshi. Ku bisanzwe, iyo ari mu butinyanka, yarababara cane. Ntiyava muhira. Akagira ati: “Namara imisi indwi ndyamye mu nzu. Naragiye kwa muganga ariko imiti bampaye ntiyamfashije.”
Yumvise pasitori ayidomyeko urutoke, aca yumva ko ata nkeka ko uwo we agiye kumukiza. Niko kwatura ati: “Nkiza Mana.”
Urwenge
Ubwo nyene pasitori yaciye amubwira ati: “Ukurwara si co wagenewe. Wewe waremewe kumererwa neza gusa.” Kandi amubwira ko amusengera igikorane giheze. Umwigeme yariruhukije, yibwira ko agira akire indwara amaranye imyaka 6.
Nk’isaha cumi na zibiri z’umugoroba, niko kumubwira ko bwije, ko yogaruka kumuraba bukeye nk’isaha icenda. Joelle niko gutahana n’abavyeyi, basazawe na benewabo bose bari bamurindiriye.
“Yashurashurije mu biro vyiwe”
Umwigeme yaraye ntibuca kuko imisi yo kuja mu butinyanka yari yegereje. Isaha umunani n’igice yari yamaze kuva kw’ishure, ashitse ku rusengero. Isaha icenda, pasitori aba arashitse, maze aca aramushikisha.
Amwinjiza mu biro urugi arugara n’urupfunguruzo. Uyu mwigeme ati: “Womenga agira ampe umuti kandi jewe nari nzi ko agira ansengere.”
Ahejeje kumwiganira vyose, pasotori amubwira ko ategerezwa gukora ahantu hose ababara iyo agiye mu butinyanka. Yamugize ati: “Ivyo bihimba vyose ntegerezwa kubisengera.” Umwigeme utanka aremera kuko yari yizeye uwo mukozi w’Imana.
Ivyakurikiye ntivyari bisanzwe. N’umubabaro mwinshi, uyu mwigeme ati: “Atanguye kunkorako naciye ntakaza inguvu kuko ntavyo narimenyereye. Nakuriye mu muryango w’abakizwa, nta muhungu yari bwankoreko.” Uyo mwigeme yaciye yumva ashaka kugira imibonano mpuzabitsina; maze pasitori na we amubonerwaho.
“Hora ntutwambike ibara !”
Ahejeje kumushurashuza, uyo mwigeme yumva umubabaro umuhwaye wese, ataha yiyuha iryosozi. Ashitse muhira yiganiye nyina ivyamushikiye, na we ati; “Ndagusavye uhore, ntunsambuze. Urazi ko so atashaka ko uja muri rirya shengero. Ndagusavye uhore ntunyambike ibara. Ingo ndakujane kwa muganga ariko ungumirize ako kabanga mwana.”
Kugira anyegeze ivyabaye, nyina yahamagaye kuri terefone nyinabo w’umuganga. Uwo nyinabo nawe basengera hamwe. Amushikiriye, nawe yamubwiye ati: “Bihore kuko ivyabaye vyabaye ntaco uhindura. Nturondere imanza n’ukwiyambika ibara kandi woba uteje isoni ishengero ryacu.” Niko kumuvura mu mpisho.
“Uhishirira umurozi akakumarira abawe”
Ibi vyashikiye uyu mwigeme birashikira n’abandi bari mu mashengero atandukanye. Abigeme barashurashuzwa, kakaba akamizwe n’ingoma. Kubera abavyeyi bahitamwo gukingira ishengero canke imiryango yabo, umwana wabo aca akurana ibikomere bidasanzwe.
Abigeme bakwiye kumenya ko bafise uburengazira bwo kwitura ubutungane naho abavyeyi babo boba batabishaka. Abakoze amabi nk’ayo barahanwa n’amategeko, baba ari abarongozi b’ishengero, abategetsi bakomeye mu gihugu, canke abandi. Nta gutinya igihagararo. Uwufashwe ku nguvu yomenya ko ashengeje uwabimukoreye, aba akingiye abandi gutyo n’uwundi yobikoze akagira ico atinya. Ababipfukapfuka nabo nyene bamenyekanye bari bakwiye guhabwa igihano kibabereye.
C’est un acte ignoble pour un berger . Mon soucis est de savoir dans quelle voie ce témoignage a ete reccueilli et quel est le lien entre le témoignage et le programme RHRN2 ?
Bakabivuga ahubwo nibijuju
Biravugwa ko bene ayo mabi akorwa. Ariko bene kuyakorerwa batariye umutima amenyo ngo bave mu gacerere, baba bavomeye mucoze abo bahenda Imana bagakomeretsa abigeme basanzwe bari mu zindi ngorane z ubuzima. None nta mashirahamwe ahari bokwitura kugira abashigikire? Igihe abavyeyi bahisemwo guhora. Mbere hakajamwo n inyungu, koba nk’akamizwe n’ingoma? Ayo mashirahamwe agwanya benubwo bushurashuzi bosaba amashengero kumanika itangazo k umuryango. ko kizira yuko umwigeme n umunyeshengero babonanira bonyene muri be n ivyo bigo. Ikizira n uko imfunguzo z ishengero zobikwa n uwundi atari umunyezamu. Bikavugwa muri za conseils za paroisse. Amashengero avyanse bakamenyekana. Abatabishigikiye batavuye hasi, kazoba akaranda kuko ngo ntawimena igihute.