article comment count is: 21

Abashinwa bari bakwiye kwubaha imico n’imigenzo vy’ikirundi

Mu gihe ururimi n’imico vy’igishinwa biriko vyigishwa mu Burundi, abashinwa bavyigisha barasaba abarundi bavyiga guhindura amazina yabo bakitwa ayandi mashasha y’igishinwa. Rivardo Niyonizigiye arashima ko abarundi bokwiga urwo rurimi n’imico vy’igishinwa ariko akanegura ingendo yo gutegeka umuntu guhindura izina kandi ariryo rimugira maze akagirako asaba ko abashinwa bokwubahiriza akaranga k’Uburundi mbere bakanitaho kukamenya kuko dukeneraniye. 

Ururimi rw’igishinwa ruremerewe kwigishwa mu Burundi nk’igifaransa, icongereza n’igiswahili. Urwo rurimi rwigishanywa n’imico n’imigenzo y’igishinwa iryoshe cane. Urwaruka rw’Uburundi rwijukiye kwiga urwo rurimi kanatsinda benerwo bararuha agaciro mu kurwigishanya ubwira n’ubukerebutsi. Ni ngirakamaro ku barundi kuko bamwe baraharonkera akazi gurtyo tukumva ko ikena ry’akazi riheza rikagabanuka. Bitayeko abasumbije abandi mu kumenya urwo rurimi n’imigenzo vy’igishinwa bararungikwa kubinonosora mu gihugu c’Ubushinwa. Ivyo bigakundwa cane mbere uwugiriwe amahirwe ryo gutera iyo ntambwe akavyishimira cane.

Ariko rero ngo nta nyambo ibura agahonzi. Abo benewacu bafashe intumbero yo kuja barahindura amazina y’abiga urwo rurimi rwabo. Iyo ngendo ndayifata nko gusuzugura abarundi, akaranga kabo mbere n’utwabo twose. Kurutisha akaranga k’abashinwa ak’abarundi mbona ko ari ingendo itabereye.

Izina ry’umuntu rikwiye kwubahwa rikanubahirizwa

Izina ry’umuntu rirahambaye cane. Kuva na kera na rindi, abarundi ndetse n’abandi banyafirika benshi barahimbaza umunsi mukuru wo gusohora umwana yavutse mu muryango. Kera, wari uwo munsi nyene bagaragaza izina bise uwo mwana. Baravyina, bagatamba bagatarika, hanyuma bagashira ahabona izina bamaze iyinga ryose biyumvira. Aho kenshi wasanga hakorana umuryango wo ku ziko wose kugira biyumvire izina bokwita urwo ruyoya. Uravye inguvu vyabatwara urabona neza ko izina rikujije umuntu riba rikwiye kwubahwa cane.

Mu gihe ca none, umurundi yitwa amazina abiri. Hari izina ry’umuryango bakunze kwita izina canke izina ry’ikirundi. Hakongerwako irindi bita iritazirano canke izina ry’ibatisimu ku babatijwe. Iryambere ritangwa umunsi wo gusohora ikibondo nayo iritazirano umwana akarihabwa umunsi abatizwa. Uko biri kwose, n’ico gihe kiba gihambaye mu muryango. Kuvuga ko woyahindura, ntaho uba utaniye na Rugereka yafata imigenzo y’abanyafirika nk’ubunyamaswa, ubwenge buke. Ni agasuzuguro kenyuje.

Izina ry’umuntu rikomoka ku karanga k’igihugu ciwe

Izina, na cane cane iry’umuryango, rikomoka kenshi ku karanga k’amavukiro y’umwana. Naho ubu biriko birahinduka, amazina y’ikirundi aragaragara neza ko akomoka ku karanga k’ikirundi. Amazina menshi tubona amwe arora ku Mana, bikagaragaza umuco wo kwemera Imana wamye uranga abarundi. Hari n’ayandi yerekana neza imibano iri hagati y’abarundi: ivyo bipfuriza umwana n’umuryango, ubwoba bw’ubuzima umuntu abayemwo, n’ibindi biranga umurundi.  Irindi teka tutokwibagira ni uko hari amazina menshi dukura ku bavyeyi bacu. Ayo mazina yadutera intege zo kurinda, kugira ubutwari nk’abo dukomokako. N’abo bashinwa nyene, amazina yabo bayakura kuri ba sekuru. Uwo twayaze namubaije izina bamuhaye mw’ishure ry’igishinwa ico risigura aca ambwira ko rimwe ari iry’umuryango w’aba “Lee” mu Bushinwa irindi naryo ari iritazirano. Urumva neza ko bagumana iragi ryabo.  Iyo ubwiye umuntu ngo ahindure izina ryamukujije, uba umuciye ku karanga kiwe.

Twubahane kuko akamuntu kamara iyagwe

Amazina y’ikirundi aragoye kuvuga ku munyamahanga kandi birumvikana. Ni nk’uko n’ayandi yo mu zindi ndimi agora abarundi. Ariko iyo siyo mvo yo guca tuyasuzugura. Abo bashinwa bakwiye kumenya ko natwe ayabo atatworohera. Ariko aho kwiyorohereza, ni bagerageze nabo bige kuyavuga bapfume bayavuga mu rurimi rwabo nk’ukwo tuvuga ba Karori, Makurata, Rudoviko, n’ayandi nk’ayo. Ni naho bazogira inguvu zo kumenya akaranga k’abarundi biciye ku mazina. Bishobora kubatuma biga n’ibindi gurtyo tukaba turiko turahanahana ivyiza vy’akaranga na kare iminwe iryoha inyurana. Mbe kuki bo badasaba kwitwa amazina y’ikirundi? Abuze iki? Si mvuga ngo ntibabitwigishe ivyabo, ariko vyari vyiza nabo bize ivyacu kuko natwe ivyacu barabikeneye kugirango twuzuzanye.

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (21)

  1. salut!! j suis un étudiant de l’institut confucius.à propos de ce que tu viens de dire en rapport avec les noms chinois, nous ça ne nous causent pas de problème puisque partout où ils enseignent leur langue c’est comme ca.Même à ceux qui vont étudier en Chine en la langue chinoise on leur octroit un nom chinois.c’est pour simplement se faciliter la tâche lorsqu’ils nous appelent.Je te signalerais même qu’il y en qui nous demande de leur apprendre le kirundi et même les danses et chants burundais

    1. Burya ntakuntu hobaho inyigisho kubijanye no kwiyubahiriza zotangwa kurabo banyeshure bigira incabwenge ngo niza kaminuza? Ewe aho ubona turagayitse birarenze. Je mba hano muri USA, ariko wihende u pronounce izina ryiwe nabi gusa urabe ingene mubisubiramwo. Ino atuma ahora yaho yoguhamagara nabi. Yihenze naho kuri pronounce, ahakwa kugupfukamira mukugusaba ikigongwe. Ariko nyumvira bwa Burundi bwejo nakuze numva.

      1. Ewe, eka ntubeshe. Iciyumviro cawe numva ndagishigikiye cane. Harya kuva na kera ibinyaganwanka n’imbundege baziraba ku jisho. Tutiyubashe, nta nu’umwe azotwubaha. Erega i wacu umengo kwiga ni kuvuga imvugo itagira izina ivanzemwo ivyandagutakiye vyose twabonye ku ntebe y’ishule. Raba ico kintu ukivyibushe ucige neza cogira akamaro kanini.
        Roranirwa.

    2. Mugenzi Frank, ukaba atangorane bigutera wewe ahubwo birantangaje. Woba wibuka uwakwise iryambere canke ayo yandi mazina witwa? Ntihenze nibaza ko ari umuvyeyi wawe. Uwo rero ni nyene icubahiro mu buzima bwawe bwose. Mu gihe haje kavantara akaza agukurako ico umuvyeyi yaguhaye, wewe wumva aba abaye nde? Ni igiki kw’isi coza gisumba umuvyeyi wawe? Ishire mu kibaza c’uwarikwise hanyuma wumve sha.
      Ivyo uvuga ngo kwiyorohereza, ni kuki biyorohereza? Erega ntacoroshe! Kuki wewe urimenya kandi riri mu rurimi rutari urwawe?
      Ntamvo n’imwe yotuma baguhindurira izina, ntuvuge ngo ntangorane bigutera, birazigutera mbere na nyinshi.
      « ‘Je te signalerais même qu’il y en qui nous demande de leur apprendre le kirundi et même les danses et chants burundais », au lieu d’attendre leur demande, il faut que TOI, toi-même, leur demande de leur apprendre le Kirundi. Il ne faut pas attendre mleur demande sha. Shima ico warazwe na Sokuru wawe.
      Uroranirwe.

    3. Je kubwanje nibaza ko ivyo bidatahuritse kuvuga ngo niko basanzwe babigenza nahandi mukubaha amazina yabo gushika ngaho hanyene duca twumva noneho ko ariwe mugambi wabo wumva none bitandukaniye hehe nigihe cigikoroni.Kumenya indimi nivyiza cane gose kuko ururimi urukurikira kuko warukuze ariko rero uciye ubiha wese ndabigereranya nkuko boba baciye bakwambura nagahuzu warusigaranye ariko UMUCO KAMA wakuranga nka karanga muntu kawe! Aha rero abarundi cokimwe n’abanyafrika muri rusangi nukuhagabira tuzohava dusanga ata muco ukituranga twibuke kuyora twasheshe!!

  2. Salut! Moi aussi je suis etudiant de l’Institut Confucius, actuellement je vis en Chine et je suis les etudes en master de Pedagogie de la Langue chinoise. A propos de la pensee de Rivardo, je voudrais dire quelque chose. Peut-etre que ce que Rivardo ecrit est ce qu’il a entendu parler de la part des gens qui regardent l’Institut Confucius de l’exterieur. On ne change pas de nom mais plutot on essaie de traduire les noms surtout francais en chinois, justement pour se faciliter la tache lors des appels en classe ou a d’autres occasions. Pour des noms dont il leur est quasiment impossible de traduire en chinois, ils preferent donner un autre nom chinois qui n’a rien a voir avec le nom qu’a la personne en question. C’est aussi le cas pour moi, mon nom chinois n’a rien a voir avec le nom que j’ai herite de mes parents. Par ailleurs, les Professeurs du chinois a l’Institut Confucius possedent eux-memes , a cote de leurs noms chinois, des noms soient francais, soient anglais, et personne ici en Chine n’interprete cela comme une sousestimation de la culture chinoise. L’octroi d’autres noms n’a de raison d’etre que pour se faciliter leur travail et non pour relaguer la culture burundaise au second plan. Ici a l’ecole je fais souvent des exposes en rapport avec notre culture, et je vous avoue que les chinois adorent notre culture, de facon speciale le tambour burundais.

    1. Urakoze cane Nimubona. Ndashima ko uvuga ko babikora kugirango biyorohereze mu bikorwa vyabo. Ntiwibaze ngo uzokwigera ubona baza bagukarira ngo hindura ku nguvu. Bazorondera nyene ukuntu baja baraduhendahenda natwe tuja narwo ngo bagomba kwiyorohereza naho shwi! Hanyuma kuba uhora ubabwira akaranga kacu, ni vyiza cane kandi bandanya. Uriko ukora wikorera, kandi urumva ko nabo bagutangarira. Komeza.

      Ku vyerekeye aho ndabikura naho, twebwe ni hake ivyo vyirwa bitangirwa. Nyaga n’abahiga kuko turabana abadi turagendana kandi bobo babaha amazina abiri: Rimwe ry’umuryango w’abashinwa, irindi naryo ryoba nk’iritazirano ivyo wewe wise « traduction bakura mu gifaransa ». Ivyo bahindura rero bakura mu gifarasa, uwo twayaze ntaho bihuriye n’izina ryiwe. uca wumva uko biri kwose ko biza bukebuke bakakurya baguhuha nk’imbeba.

      Mererwa neza! Wige utera imbere!

      1. Amahoro can. hama nshima ku vyiyumviro mws muriko muratanga gusa muri make ico novuga ku mpande zos ivyiyumviro vyatanzw ni vyiza ariko aho nagomba kubaza uwo Rivardo,kki batakwise Niyonizigiye gusa canke bakaguha ayikirundi gusa? Jw nibazako uko ibih vyagiy biraza ariko hagiy haza ibitari bik na can can umuco w’abanyaburaya(les occidentaux);rro aho haragoy ariko kuco nzi kuri ayo mazina atangwa jw mpagaz aho umukanyi Elisée aho hejru yahagaz. Uko tubona bikorwa kugza ubu ntabwo ari gusuzugura umuco w’abarundi gusa ababishoboy bobandanya babitohoaza. Murakoze!!

      2. Jewe numva mbuze nico mvuga k’umuntu ari fier kwitwa irindi zina ngo nuko ariko yorohereza abamwigisha!?c’est vmt lamentable pour quelqu’un qui se dit intellectuel, c’est mm revoltant. J’oriente ces deux étudiants en Chine kuraba film yitwa ¨Racine¨ aho bategeka ¨Kunta Kinté¨ kwitwa ¨Tobi¨ inkoni yariye kugira avyemere mais vous qui jouissez de votre liberté ba sokuru bagwaniye jusqu’à verser leur sang vous osez affirmer que c’est normal que quelqu’un vous change de noms pour se faciliter la tache! Pourquoi pas en passant batabaha des numéros comme des prisonniers?

  3. Nukuri ivyo bintu bikorweho ikintu sinumva impamvu zoguhindurirwa izina ngo nukworohereza mwarimu!!!ubuntu bw’umuntu niwe abuhagararira!!!j nibazako la période coloniale yaheze turabe neza ntigaruke

  4. jew muranantwenza.aho ntavyinygj inyuma ga bantu bo muri yaga.hmm agatima ariko.eh nkugarurir hafi mwenewacu.ww iryo rya rivaldo uraz amamuko yaryo?reka nkwibutseko ababiligi mukuza bazanany naba missionnaire.abo rero baca baguh izina bise iry ubukirisu arinaryo nubu ufse.abachnwa nabo ntibigutangaz,bobo nuko batang izina kugirango biboroher guhamagara abanyeshul babo.ntaw bategka kuryit umwana nkuk abandi vyagnda.umwana kugz nubu ntiyandikwa adafs izina ry ubukirisu.ivyo rero ubona,utabikunz reka ababikunda kandi bifitiy akamaro,bavyibandaniriz kandi sinabake kabsa.ivyo rero nukwank ubuchnwa nimurek gukikiriza!

    1. Hahah! Tukabwanka namba. Hama nagire nkumenyeshe ko atanakimwe cinyegeje inyuma atari ivyo ubona. Kandi si n’abantu bo muri Yaga ni jewe nyene nabivuze.

  5. none igishinwa ni rworurimi rwagatangaz kurusha izindi!ko tubona abanyafirika bensh baba za buraya,amerika,… kandi bensh bavukiyeyo ark tukibona bitwa amazna y-iwabo knd tukabona n-abazungu babubahiriza bakabahamagara mumazina yabo.nukri tudaharaniy akaranga kacu karaduca mumyanya y-intoke! »UN PEUPLE SANS CULTURE EST UN PEUPLE SANS VALEUR »

  6. Ndabashimiye kuri uwo mwihwezo mwagize.Ariko nukuri biratangaje kandi biranabaje ukuntu umuntu ashobora kuvuga ngo ni ukwiyoroheza muguhindura ibigize izina arinako karanga kumuntu naho akomoka.
    Abo ba shinwa nibaba basha kwiyoroheza nabo bafate umwanya bige ikirundi,ayo mazina yabo bayashire mu kirundi. Ubundi bwo ivyo nta murundi wu mutima yobisabirako.Ako ni agasuzuguro kururimi n’akaranga vyigihugu cacu c’Uburundi.
    Kuvyiga no kuvyigisha ntao vyari bitwaye, ariko kubavyiga nabatanze uruhushwa rwo kuvyigisha mu gihugu bakwiye kuhagabira kandi bakabikurikirana cane. Mbega ko abashinwa aribo bantu benshi kwisi,kubera iki bobo batogira icobita akigoro canke kwiyoroheza bakiga bakamenya ikirundi?
    Nkuko igihugu cose kigizwe n’Izina-Imico n’Akaranga, barundi barundikazi, tuhagabire ejo tudasongaza twatakaje ivyari bitugize.

  7. mahoro ncuti,nje burya murantangaza,mbe ko muvuga ngo akaranga kuburundi ni kugakomeza,muribagiye y’uko kaza karamaze guhungabana?,ariko mutebe munanirwe n’ivyo mubona kuri mwebwe nyene?Mbe ko muvuga ngo boba basuguye akaranga kacu kuguhindura amazina yacu mu gishinwa,abantu benshi ubu ko usanga bafise amazi ari mu gifaransa,mu congereza no mu giswahili kandi tuziko ikirundi ari ikirundi,,ntimwumvako akaranga kagiye kuva kera?none ko mutankiye ababirigi ko batuzanamwo amazina y’igifansa kuva na mbere?ubu niho mubonyeko twoba dutaye akaranga?Akaranga kacu katawe kuva kera kuko uravye mu bami bose bose batwaye uburundi nta n’umwe yari afise izina na rimwe ritari mu kirundi,ariko kuva aho intwaro ya cami iviriyeho vyaciye bihinduka,kuki tutabigwanije hakiri kare?twibutse kwifuka buza bukeye…kani mumenyeko igihugu cacu kigikeneye vyinshi vyo kwiga kugirango tugire aho twoshika natwe,none hamwe bakurungitse kwiga mu bushinwa kwigayo ukuba ata gishinwa wimenyera,wobigenza gute gute???

    1. Mugenzi, ndagushimiye cane ku ciyumviro cawe gikomeye cane. Ico numvise rero wewe uhakwa kuntuma amananiza. Kumbwira ko nari kubuza ababiligi(abakoloni) kandi ntari bwavuka??? Nawe ntavyo nogutuma. Ni waba ubona abatubanziye imbere bavyifashemwo nabi, ntucike intege ngo uheberane. Ukaba ufise ico wari gukora kera gikore n’ubu kizogira akamaro. Hama igishinwa cige, ariko n’ikirundi ucigishe…
      Ugire agasozayinga keza!

      1. Mwaramutse mwese. ivyiyumviro ndashigikiye Rivaldo nukugarukira agateka kacu tutaravye ngo bakera barinjiranywe nabakoloni bita amazina yigikoloni. ikindi nubwo abakoloni bazanye amazina yandi ntivyakuye amazina kavukire nka jw nitwa HABONIMANA Jean-Marie nshatse kumworohereza Data nkuko mubivuga bene kubikora nogira composition yayo mazina abiri HAJAR hako mpindura ikindi kintu utazi nuwukikwise iyo yakuriye. ivyo vyarabaye muri Bibiliya kubatwarwa inyagano nibo bahindirira amazina nka ba Daniyeli, Meshak nabandi, none twe twahindutse inyagano????

  8. Ahubwo abo bashinwa barateye isoni. Iryo ni ibara ku utemere. Ko izina ari ryo muntu, uhinduye izina uba uhindutse uwundi? Uba ubaye akazeze. Ni ukutamenya.

  9. Ahubwo nyabuna ndakeza abavyeyi n’abanyamashengero bamwe bemera ko umwana agira amazina y’ikirundi gusa. Ak: Kaneza Irangabiye, Bukuru Igiraneza, Gahungu Muhezagiro…

Nous utilisons des cookies pour vous garantir la meilleure utilisation sur ce site web.

En poursuivant votre navigation sur ce site, vous acceptez l'utilisation de cookies. Si vous souhaitez en savoir plus sur les cookies que nous utilisons, veuillez lire notre politique relative aux cookies.